Umuririmvyi DOUBLE JAY akora neza bigashimwa n’abarundi hamwe n’abarundikazi bakunda umuziki w’uburundi akora kuko abaryohera cane mundirimbo ziwe yamye akora mumyaka iheze aho twovuga nk’umwaka uheze w’2017 akiri muri LABEL IKOH MULTISERVICE irongowe na KORICIZA HARUNA.
Yarashoboye guteza imbere iyo label gushikaho uwuyirongoye amushimira cane gose ukuntu yatejeje imbere ibikorwa vyiwe yakorera muri Studio Ikoh Multiservice kuko indirimbo zose yahakoreye zarashoboye kungurura ikintu gikomeye mwiterambere vy’umuziki w’uburundi tubibutseko yahakoreye indirimbo zibiri ziwe wenyene n’izindi yagiye arakorana n’umuririmvyi FRANK DUNIANO.
Bari basanzwe bari muri label imwe dusubiye inyuma gatoya ku ndirimbo yakoze yambere yatanguriyeko akayita NTACIKE n’uko yabiciye biricika mu ba fans biwe bose bayumviriza ntiyagarukirije ngaho munyuma yaciye asubira kubasukamwo iyindi indirimbo igira kabiri nayo yaje kw’izina MPAKANYA uravye izo ndirimbo ziwe zose ukuntu zakiriwe akizohora vyatumye Label Ikoh Multiiservise ishika kumugambi wayo wakabiri yise You’ll love changes.
Double Jay yari yahanye amasezerano na Ikoriciza Haruna wa Ikoh Multiservise yo kumukorera umwaka wose w’2017 yarabikoze neza vyaragaraye no mubiteramo yakoze mpumera zuwo mwaka nyene ubu uno mwaka w’2018 igitangura yari yidegemvya atagira Label arimwo yo kwitezamwo imbere m’umuziki akora w’uburundi yongera ayiteza imbere nkuko yabikoze muyo yahora umwaka uheze.
Rero hari hamaze iminsi hari urukurukuru rw’amakuru y’umuririmvyi DOUBLE JAY ko yoba yiyumviriwe n’igihangange c’umuziki w’uburundi umuririmvyi BIG FIZZO ko yoba yaramushimye ukuntu akora neza uwo mwuga wiwe wo kuririmba akunze gukoramwo indirimbo zigakundwa n’abantu benshi kuko zibaryohera akenshi aririmba izijanye n’urukundo ruri hagati y’umuhungu n’umukobwa batibagiye injwi ryiwe ngo rirabaruhura.
Igihangange c’umuziki w’uburundi umuririmvyi BIG FIZZO nkuko yabimenyesheje kwagiye kugurura Studio yiwe nshasha akayita izina BANTU BWOY RECORDS avugako ariyo guteza imbere abaririmvyi batoya biwe bafise ingabirano zo kuririmba n’uko kugeze ubu ntibikiri urukurukuru yashimye cane gose ingabirano y’umuririmvyi DOUBLE JAY azoyikoreshe muri yo Studio.
Umuririmvyi DOUBLE JAY yatowe ko agiye kuzomukorera muri LABEL yiwe nshasha izoba yitwa BANTU BWOY azohakoreramwo ibikorwa bitaribikeya nk’indirimbo hamwe n’ibiteramo kugira ateze imbere iyo label yongera yiteza imbere nkuko yabikoze umwaka uheze akiri muri Label IKOH MULTISERVISE yahakoreye indirimbo zamamaye nkizitwa NTACIKE , MPAKANYA hamwe n’ibiteramo.
Ay’amakuru twashoboye kuyabatohoreza twahavuye tumenyako ari ukuri ko umuririmvyi DOUBLE JAY azobagize Label Bantu Bwoy y’umuririmvyi Big Fizzo aho bagiye no kuzokorana igiteramo kidasanzwe kizoba itariki 18/02/2018 hariya kuri LA COSTA BEACH i Bujumbura ngo niho bagiye kuzokwatsa umuriro w’indirimbo zabo bazisuka muba fans babo uwutazohashika azobomba vyinshi.
UMVIRIZA AUDIO Y’INDIRIMBO
Ntacike By Double Jay
Mpakanya By Double Jay