Igihangange c’umuzii w’uburundi umuririmvyi LOLILO inyuma yaho asohoreye indirimbo yitwa KAMOJA igakundwa cane gose n’abantu benshi bayumvirije bose barashima ukuntu yayikoze n’ubuhinga bugezweho kuko ngo aguma abazanira ibintu bishasha batari bamenyereye kumubona ko nina mpamvu bamukuze mu kumutera inege ukuntu abandanya abaryohera niho nawe yabonye ko iyo ndirimbo atoyicarika ikozwe muri AUDIO yonyene.
Kuko abona ko gukora audio atakamaro bishobora kumuha mu kazi kiwe k’umuziki cangwe abandanye kumenyekana cane no muri East Africa n’uko yashimye kuyikorera Video nshasha kandi ni nziza cane gose izobemeza abazoyiraba bose mwomenye ko muri kano kanya turiko tubashikiriza ano makuru yamaze gutangura kuyikora iyo video yiwe aho amasanamu yayo azayararangiye gukorwa.
Umuririmmvyi Lolilo kubwiwe igisigaye n’uko ayisohora k’umugaragaro hama aba fana biwe ntabatari aba fans biwe bose batangure kuyiraba kuko azobemeza cane kuntu n’utundi batamenyereye kubona muma video yiwe uravye n’ikibanza yayikoreyemwo ukaraba n’umukobwa yakoreshejemwo biraboneka ko video yiwe nshasha y’indirimbo KAMOJA izoshobora kumushika kure mukarere ka Africa y’ubuseruko ( EAST AFRICA ) .
Yongera iryohera abantu bose bazoba bariko barayiraba kino gihangange c’umuziki w’uburundi LOLILO arabateguza ko mwoyirindirana igishika cinshi kuko muminsi ya vuba agiye kuzoyisohora muheze muryoherwe murabe ivyiza yakozemwo bibereye ijisho kandi bizoguma binateza imbere umuziki w’uburundi kubera ubuhinga yayikozemwo buhambaye ntibwari bwaboneke muma video y’abaririmvyi b’ababarundi.
UMVIRIZA | Komoja By Lolilo
MUKURINDIRA VIDEO NSHASHA Y’INDIRIMBO Kamoja MUZANIWE N’UMURIRIMVYI Lolilo RABA NGAHO AMAFOTO YAMWE MUMASANAMU AZOBA AYIGIZE