Skip to content
Menu
  • Home
  • NEWS
  • ENTERTAINMENT
  • AUDIO
  • VIDEOS
  • THE PLAYLIST
  • SPORT
  • Radio
Menu

UWAHOZE AKORESHA IBIROZI YAGARUTSE MU MUZIKI NDUNDI

Posted on January 22, 2018January 22, 2018 by Idriss Simbizi

Hari imigani myinshi twakuze twumvana bakuru bacu naho hari iyindi usanga ivugwa mw’ijoro abana baryamye.Aho dushatse kuvuga nk’imigani kenshi usanga irimwo amajambo muri kamere k’Abarundi abwigwa abantu bakuze. Ni nkayamigani wumva ngo “UWO VYANANIYE IBIRAGO BIRANYERERA” Niyindi ihwanye niyo mvugo.

Abo binanira s’abagabo gusa, n’imisore y’ubu birakunda kuyigora iyo yisanze ifise igihababu co gushika kuntego baba bafise bakoresheeje impano zabo. 

Hari abaririmvyi benshi bamaze gushinga intahe y’inzira z’umwiza boba baraciyemwo kugira umuziki wabo ugere kure rimwe rimwe ugasanga nico bashaka gushikako ntibakigezeko aho twotanga akarorero k’umuririmvyi Sugu Jay ubu azwi kwizina rya THE MAN OF GOD canke Didier Joshua aho wewe yahisemwo inzira yo kuzimurura intama zazimiye nkuko kahise kiwe kari karamuzimije.

The Man of God akiri Sugu Jay
The Man of God akiri Sugu Jay
The Man of God ariko arakorera Imana mu kubwiriza abagendesha amapikiiki
The Man of God ariko arakorera Imana mu kubwiriza abagendesha amapikiiki

 

Nkuko bigaragara murayo masanamu biraboneka Uwahora yitwa Sugu Jay ko yakiriye agakiza vyukuri aho asigaye abwiriza abantu kubw’inguvu z’ukwizera afise narirya wewe azi aho Imana yamukuye ukwizera kwiwe kukaba kumaze gukiza abantu benshi.

Ivyo rero vyaragaragaye no kuwundi Muririmvyi mu mpera z’umwaka wa 2016 aho Landry GATEKA yari asanzwe ari umwe mubagize umugwi Mirror Team aho yandika kumbuga ngurukanabumenyi ko “IVYISI VYAMURAMBIYE KO AHISEMWO GUHA AGACIRO IYAMUREMYE”

Ivyo Landry GATEKA yanditse itariki 31 KIGARAMA 2016 kurubuga rwiwe rwa facebook
Ivyo Landry GATEKA yanditse itariki 31 KIGARAMA 2016 kurubuga rwiwe rwa facebook

Yanditse ati:”

Ese wa si we ndiyambuye gulan nivyaw je ndiyambuye ivyubahiro vyawe vyose igihe nagukorey kirakwiy ariko ubu ngiye kuba uw Iman yamye yipfuz ko mba kuva kera menya nez umururumbe wivy’isi uheranye n’uno musi
Ikaze idasanzwe kuri mpwemu yera mu bugingo bwanje maze umwami Yesu we mukiza yiharire ibingize vyose

Tape amen nimba nawe witeze kwkira Yesu nk’umwami n’umukiza”

Haheze iminsi mike niho yashoboye gushinga intahe y’ubuzima bwiwe n’impano yiwe aho yamye ashaka kugera kure ariko bikaba ngombwa ko arinda kubicisha mu nzira y’AMAROZI  gusa amaze kubona ko vyamurambiye aca ahitamwo kwiyegereza Yesu uwo Landry GATEKA yise UMWAMI N’UMUKIZA WIWE.

 

Landry Gateka yiteretse ikinyobwa kirimwo umwambiro bivugwa ko kizira kubakiriye agakiza
Landry Gateka iburyo bw’umugore wa Kolly yiteretse ikinyobwa kirimwo umwambiro bivugwa ko kizira kubakiriye agakiza

 

Nkuko bigaragara kwino sanamu vyatanguye gutangaza abantu benshi babonye Landry GATEKA  mu giteramo ciswe INDOTO Cari categuwe n’uburongozi bwa Label ya LEC ihurikiyemwo Umuririmvyi Sat B na Kebby Boy aho Landry GATEKA wew yariko yinywera utuyoga gutyo bitera abantu kumwibazako ibibazo vyinshi.

YARAYE AYICIYE UMURYA, Nguyo kandi kuri rwa Rubuga nyene yakoresha mu kwakira agakiza nirwo ahejeje gukoresha mu kwandika ko vuba buca asubira kwikora mu gahogo ivyo akaba yavyanditse biherekejwe n’amashusho y’umwigeme yariko arumviriza akaririmbo kiwe kitwa hora yasohoye muri 2014.

Amajambo Landry Gateka yanditse
Amajambo Landry Gateka yanditse

Akaba yanditse avuga ati:”

Bakita karahanyuz ariko kar classic tu
#As_soon_as_possible ndasubira kubatamwo akandi nizera ko kazobaryohera sana

Thx my sis #Gomez kwibutsa abantu ako kantu

#BoyLandryG2018“

Amakenga dufise tukibatohoreza n’uko yoba yasubiye mu migenzo yiwe yakera na rirya muntahe yigeze gushira kurukuta rwiwe ra facebook yaremeje ko Umuziki wiwe wajana n’ibirozi.

Simbizi

UMVIRIZA INDIRIMBO HORA YA LANDRY GATEKA

Sangiza ino nkuru n’abandi

Posted in NEWSTagged Didier Joshua, Landry GATEKA, Sugu Jay

Post navigation

LISTEN AUDIO | Ba Yaweh By Jean Marie Muco Ft Kwizera Elijah
Umva |THE PLAYLIST MUSIC week 1|Sinize By John-Mabou Ft Kid Magic

Related Post

  • IGITERAMO CAKATARABONEKA INYANZA LAC MWATEGURIWE NA NDAYISABA MAGNIFIQUE
  • Imana ikomeje guhamagara AKES DON ayikorere arekane n’indirimbo z’isi
  • Umuziki ugumye umuteza imbere KID MAGIC azonsinyishwa na SADEBU
  • Concert yakataraboneka
    CONCERT MWATEGURIWE NA J.SAMSON
  • SAT-B ngo indirimbo FEEL LOVE iracari iyambere m’umuziki w’uburundi
  • Ati SAT-B yahageze mu Burundi avuye kubaroga mugihugu ca Tanzania
  • Afise umunezro mwinshi PETI DANY yaronse MANAGER wumu MAMAN
  • KIRIKOU ngo BIG FIZZO azomfasha vyinshi muri LABEL BANTU BWOY
  • Babwira NATACHA akureko ukuboko birabire ibintu yamaze guta akaranga

Leave a Reply Cancel reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

FOLLOW UMUDUNDOWACU.COM

VIDEO PREMIERE

CLICK IMAGE TO WATCH NEW VIDEO | Tungi By T-max Ft Nay Wa Mitego

VIDEO OF THE WEEK

Copyright © 2018 UMUDUNDO WACU | Designed By FRANCK PRO Live