Umuririmvyi SAT-B akomeza gukorana inguvu ukwashoboye kurira yerekane indoto ziwe yarafise kwashaka kuzoshikako m’umuziki akaba yaratanguye kuzibona ukuri kwamye kugira ibikorwa vyiwe vy’umuziki w’uburundi akora bibandanye gutera imbere ni inyuma yo gusohorera rimwe AUDIO na VIDEO bishasha vy’indirimbo yise FEEL LOVE.
N’uko gushika ubu indirimbo Feel Love y’umuririmvyi Sat-B ikomeje gukundwa cane gose biraboneka neza kwariyo indirimbo igezweho ukomeje kumvirizwa cane mugisaba cama Audio nkuko vyagaragaye mumatora yariko araba mugutora indirimbo zizoja muri THE PLAYLIST MUSIC BDI WEEK 3.
Hari kw’igenekerezo rya 21/12/2017 kuri Facebook Umudundo Wacu
twashizeho urutonde rw’indirimbo 10 zitandukanye zigahezwa zigatorwa n’abanywanyi bakunda umuziki w’uburundi bwacu bahora badukurikirana aho bandika igiharuco c’indirimbo batoye muri COMMENTAIRE igaheza ikaronka amahirwe yokuja muri The Playlist Music Bdi week 3.
Menya urutonde rw’indirimbo 5 zigezweho mugukundwa cane gose m’umuziki w’uburundi aho abafana bazo bashoboye kuzitora bazihaye amahirwe adasanzwe yo kwinjira muri The Playlist Music Bdi Week 3 Uko zagiye zirakurikirana mugufata ibibanza muri THE PLAYLIST MUSIC BDI WEEK 3 ,itangura uzumvirize ifashe inomero:
1. Feel Love By Sat-B
2. Christmas By Chris and Junior
3. Imbere n’inyuma By Redemption Voice
4. Nzokudigadiga By Lizzo Lolilo
5. Ingoma z’iwacu By B-Face Ft Nkand’abantu
Dukurikije ingene indirimbo 10 bariko baratora abafana b’abaririmvyi b’umuziki w’uburundi kuri Facebook Umudundo Wacu no kuri website umudundowacu.com twihweje neza amajwi bahaye indirimbo batoye guhera uno munsi hamaze kumenyekana indirimbo 5 zatowe cane aho iyafashe ikibanza cambere ni indirimbo FEEL LOVE y’umuririmvyi SAT-B niyo yarushije izindi zose mu kwigarurira ico kibanza