Skip to content
Menu
  • Home
  • NEWS
  • ENTERTAINMENT
  • AUDIO
  • VIDEOS
  • THE PLAYLIST
  • SPORT
  • Radio
Menu

Umva LOLILO yavuze ko afise bifu n’inzara nayo BIG FIZZO ntibayifitaniye

Posted on April 18, 2018April 18, 2018 by admin
Haciye imyaka itarimeke hariho urukurukuru ruvuga ko abaririmvyi babiri bakomeye cane gose m’umuziki w’uburundi kandi bakunzwe cane gose aribo LOLILO hamwe na BIG FIZZO bivurwako hagati yabo bafitaniye ungwanko rukomeye badacana uwaka kuko ntibigera baja hamwe bakoranye indirimbo kugira babandanye guteza imbere umuziki w’uburundi ngwivyo bikaba arivyo ibimenyetso vyerekana ko abo baririmvyi bompi bafitaniye bifu.
 
Kuko batigera bicara hamwe basangire akabisi nagahiye ivyo bikaba kenshi bikunze kuvurwa mu bafana babo kuko naho ubasanga nkahantu biciye bariko barayaga badahuza kuko umwe wese ashigikira uwo afana bakagira ko banavuga ngo nakare bareke gukorana indirimbo barafitaniye bifu nkuko ikinyamakuru UMUDUNDOWACU.COM twama tubikora twarakoze ubushakashatsi bwo kubarondera amakuru y’ukuri nimba umuririmvyi LOLILO hamwe n’umuririmvyi BIG FIZZO.
Bivurwa ko badacana uwaka bafitaniye bifu ituma bataja hamwe bakorane indirimbo ishobora kuryohera abafana babo cangwe ikamenyakana muri east africa yose twagerageje gukurikirana hafi LOLILO mu kiganiro yatanze kw’iradiyo na Tv yo mugihugu ca Kenya yaravuze ukuri kwiwe kandi agukuye kumutima mugihe bamubaza ko afitiye bifu BIG FIZZO ariko siko vyashoboye kugenda kuko wewe yishuye ko kubwiwe nta muririmvyi numwe w’umurundi n’uwahandi bafitaniye bifu.
 
Haba Big Fizzo ngo ntayimufitiye kuko ikimuraje ishinga n’uko yotera imbere cane gose m’umuziki w’uburundi agashobora kubakisha amazu yamahetaje ( ETAGE ) ikindi yavuze ngo afitiniye bifu n’inzara yonyene yaranije avuga ko ivyo vy’urukurukuru ko yoba afise bifu k’umuririmvyi BIG FIZZO ngo sivyo nagatoya ntayihari nimba bivungwa ni abafana babo bakunze babivuga siwe abikura mukanwa kiwe rero ukuri kwiwe nta bifu bafitaniye.

UMVIRIZA HANO UKO Lolilo YABIVUZE ADATINYA NGO NTA BIFU AFITANIYE NA Big Fizzo KIRETSE INZARA YONYENE NIYO AFITANIYE BIFU

Posted in ENTERTAINMENTTagged BIG FIZZO, LIZZO LOLILO

Post navigation

UMURIRIMVYI JEAN MARIE MUCO ASABABARUNDI BAMUSHIGIKIRE
Kubwa BIG FIZZO ubu azokorana n’abastar bo muri East Africa bakomeye

Related Post

  • AKES DON na CHRIS & JUNIOR bakoranye indirimbo yambere ya Gospel
  • Abafana biwe SAT-B bamuhamagara umubeshi aguma abafata nka marofa
  • Kubwa BIG FIZZO ubu azokorana n’abastar bo muri East Africa bakomeye
  • UMURIRIMVYI JEAN MARIE MUCO ASABABARUNDI BAMUSHIGIKIRE
  • Film KURUBONE niyambare iramamaye mu Burundi bwose n’ibulaya hose
  • Vuba LOLILO azanye video nshasha izobatangaza y’indirimbo KAMOJA
  • Abazaniye VICHOU LOVE indirimbo yakoze na KNOWLESS mu Rwanda
  • Ati biteye isoni AKES DON yakoze COPY y’indirimbo ya BEBE COOL
  • SAT-B yakoze indirimbo nshasha menya izina ryumutanzania bayikoranye

Leave a Reply Cancel reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

FOLLOW UMUDUNDOWACU.COM

VIDEO PREMIERE

CLICK IMAGE TO WATCH NEW VIDEO | Tungi By T-max Ft Nay Wa Mitego

VIDEO OF THE WEEK

Copyright © 2018 UMUDUNDO WACU | Designed By FRANCK PRO Live