Haciye imyaka itarimeke hariho urukurukuru ruvuga ko abaririmvyi babiri bakomeye cane gose m’umuziki w’uburundi kandi bakunzwe cane gose aribo LOLILO hamwe na BIG FIZZO bivurwako hagati yabo bafitaniye ungwanko rukomeye badacana uwaka kuko ntibigera baja hamwe bakoranye indirimbo kugira babandanye guteza imbere umuziki w’uburundi ngwivyo bikaba arivyo ibimenyetso vyerekana ko abo baririmvyi bompi bafitaniye bifu.
Kuko batigera bicara hamwe basangire akabisi nagahiye ivyo bikaba kenshi bikunze kuvurwa mu bafana babo kuko naho ubasanga nkahantu biciye bariko barayaga badahuza kuko umwe wese ashigikira uwo afana bakagira ko banavuga ngo nakare bareke gukorana indirimbo barafitaniye bifu nkuko ikinyamakuru UMUDUNDOWACU.COM twama tubikora twarakoze ubushakashatsi bwo kubarondera amakuru y’ukuri nimba umuririmvyi LOLILO hamwe n’umuririmvyi BIG FIZZO.
Bivurwa ko badacana uwaka bafitaniye bifu ituma bataja hamwe bakorane indirimbo ishobora kuryohera abafana babo cangwe ikamenyakana muri east africa yose twagerageje gukurikirana hafi LOLILO mu kiganiro yatanze kw’iradiyo na Tv yo mugihugu ca Kenya yaravuze ukuri kwiwe kandi agukuye kumutima mugihe bamubaza ko afitiye bifu BIG FIZZO ariko siko vyashoboye kugenda kuko wewe yishuye ko kubwiwe nta muririmvyi numwe w’umurundi n’uwahandi bafitaniye bifu.
Haba Big Fizzo ngo ntayimufitiye kuko ikimuraje ishinga n’uko yotera imbere cane gose m’umuziki w’uburundi agashobora kubakisha amazu yamahetaje ( ETAGE ) ikindi yavuze ngo afitiniye bifu n’inzara yonyene yaranije avuga ko ivyo vy’urukurukuru ko yoba afise bifu k’umuririmvyi BIG FIZZO ngo sivyo nagatoya ntayihari nimba bivungwa ni abafana babo bakunze babivuga siwe abikura mukanwa kiwe rero ukuri kwiwe nta bifu bafitaniye.
UMVIRIZA HANO UKO Lolilo YABIVUZE ADATINYA NGO NTA BIFU AFITANIYE NA Big Fizzo KIRETSE INZARA YONYENE NIYO AFITANIYE BIFU