Haraciye igihe kinini umurwi w’abaririmvyi MASHIGA TEAM bo muntara ya Bubanza ,ugizwe n’abasore batatu ,bari mugacerere kadasanzwe m’umuziki w’uburundi mugushikiriza ibikorwa vyabo bishasha abafana babo bakunda indirimbo zabo basohora zibarwa neza kumutima ariko ngo nubwo bari murako gacerere ntibaribicaye.
Ahubwo bariko barabategurira igikorwa gishasha kizobanezera abantu benshi nibamara kugishira k’umugaragaro muruk’ukwezi gturimwo guheza uno mwaka baravugako bazoba baziriyeko mukugirako basangira nabafana babo umunsi mukuru wa noweli hamwe n’umwaka mushasha w’2018 bakazobereka igituma bari mugacerere.
Umurwi w’abaririmvyi Amashiga Team nkuko usanzwe uzigukora ibikorwa bibashimisha muramenyeshejwe bafana mukunda uwo murwi ko mwokwicara mabagabo muyindirane igishika cinshi igikorwa cabo gishasha babazaniye kuko bazova mugacerere nkw’igenekerezo rya 24/12/2017 niho bazoshobora gusohora indirimbo nshasha baheruka gukora izobaryohera abanywanyi bakurikirana cane umuziki w’uburundi bwacu.
Ikindi bashimye gushira kumugaragaro izina ry’indirimbo yabo nshasha bagomba kuzosohora buca haba umunsi mukuru wa noweli bavugako bayise “ MA BESTIE“kuko izobashimisha abazoyitega amatwi bari mubihugu bitandukanye kuko izobiramutse ija kumbuga ngurukanabumenyi abambere bazoyumva kuk’inyamakuru UMUDUNDO.COM ntibazotangwe.
Ngo isango niryonyene b’abahaye ntarengwako kw’itariki 24 zakuno kwezi turimwo niho bazoyibashikiriza mu kuyisohora ahagaragara ikindi bayikoreye kumuhinyanyuzi yitwa KANE’S TOUCH arabizi gose guhinyanyura indirimbo zifise umudundo uryoheye amatwi hama bayikoreye muri studio MASTER MUZIK ,muraguma hafi muyirindiranye igishika mwotangura guharura iminsi isigaye bayibumvishe muryohe.