Umunyamabanga mukuru wa CECAFA yatangaje ko Uburundi bukwije ibisabwa ngo bwakire inkino mpuzamakungu zitegurwa niryo shirahamwe hari mukiganiro yahaye abanyamakuru mbere yuko yurira rytema ikirere imusubiza mugihugu iwabo.
Nicholas MUSONYE asanzwe arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri EAST AFRICA,ariryo CECAFA,mu rugendo yagiriye mu Burundi aho yagendeye bimwe mu bisagara vyo mu Burundi bitandukanye ”Nicholas MUSONYE”yamenyesheje ko Uburundi bukwije ibisabwa ngo bwakire amahiganwa mpuzamakungu ategurwa niryo shirahamwe aca anamenyesha ko Uburundi buzokwakira ihiganwa ry’abaterengeje imyaka cumi nindwi hagati y’amagenekerezo ya 1-15 ndamukiza 2018.
Mukiganiro yagiranye n’abamenyesha makuru Nicholas MUSONYE ntiyahwemye kuvuga ko iryo higanwa ry’abatarenza imyaka cumi nindwi U-17 niryagenda neza niryabakuze atagisivya Uburundi buzoryakira mumwaka utaha wa 2019
Mumajambo make MUSONYE yagize ati”turashimira abarongozi ba FFB kuba barasavye ko Uburundi bwakira bukanategura ihiganwa ry’abatarenza imyaka 17,abandanya agira ati akigoro abarongozi ba FFB bamaze kugira mugutegura ibibuga vy’inkino na cane cane urukino rw’amaguru[football]mugihugu hagati
Abandanya agira ati”ibibuga nka URUKUNDO STADIUM N’UMUCO bikwije ibisabwa ngo vyakire ihiganwa rikomeye abandanya agira ati uravye neza ukuntu inyubakwa zijana nivyinkino zubatse n’amazu yakira ingenzi ari murivyo bisagara vya GITEGA NA MUYINGA biteye igomwe kimwe gusa ko hari hakwiyegusubirwamo utuntu duke kuri stade ”URUKUNDO’‘iri muntara ya Gitega
Naho kukijanye nuko izo nkino zizokwerekanwa kumbonesha kure yagize ati dufitanye amasezerano n’AZAMU TV kandi izo nkino zose zizokwerekanwa na AZAMU TV isanzwe ifitaniye amasezerano niryo shirahamwe rya CECAFA.
Aho atanahwemesheje kuvuga ko iri higanwa rya U-17 hamwe ryogenda neza atagukekeranya ko CECAFA izoca iha Uburundi amahirwe yo gutegura ihiganwa ry’abakuze rizwi nka CECAFA Senior chalenge Cup 2019.
Tukanabamenyesha ko Uburundi butarigera bwakira izo nkino z’abakuze
Amakuru dukesha FFB nuko ikibuga c’Umuganwa RWAGASORE kitazokwakira izo nkino za U-17 kuko kwigenekerezo rya 18 ico kibuga kizoba kiriko kirasanurwa.