Amakuru agezweho y’umuziki w’uburundi yuno munsi w’Imana itariki 31/12/2017 ni umunsi wanyuma uheza umwaka w’2017 dusanzwe turimwo tukaba twashoboye kwihweza neza indirimbo z’abaririmvyi n’abaririmvyikazi zakonzwe uy’umwaka z’ihinyanyuwe n’abahinyanyuzi ( PRODUCER) batandukanye aho zagiye ziraryohera abafana babo n’uko twashoboye kubazanira amazina y’abahinyanyuzi b’abarundi bashoboye kuzihinyanyura batandukanye hariho uwitwa: KOLLY THE MAGIC 

PENIEL PRO
AMIR PRO
MASTERLAND PRO
SOPRANO ON THE BEAT
CHILD PRO
LIL EVRY PRO
Nkuko mwagiye murumva amazina yabo bahinyanyuzi mundirimbo zasohotse zose aho tubasaba abanywanyi mwese muziko mukunda umuziki w’uburundi mushore gutora umuhinyanyuzi ume wonyene muraba mubona kwifoto hamwe n’amazina yabo mumutore kugira shobore kwitahukanira itsinzi yakaorero mugusuvya abandi abahinyanyuzi bose bagenziwe bagiye barahinyanyura indirimbo zitandukanye z’abaririmvyi hamwe n’abaririmvyikazi uwshobora gutahukana amajwi menshi niwe zocaba “THE BEST PRODUCER BDI OF THE YEAR 2017“
Tukazoshobora kubaha icegeranyo c’amatora uko mwagiye murabatora hakazoca hamenyekana uwatahukanye ikibanza cambere hazoba ari kw’itariki 06/01/2017 tubamenyeshe kandi ko mutora rimwe mu kwandika muri COMMENTAIRE izina ry’umuhinyanyuzi utoye muraba yagushimishije wumvise indirimbo yahinyanyuye y’umuririmvyi canke umuririmvyikazi kanaka.
Tangura utore munywanyi ukunda umuziki w’uburundi bwacu wandika izina rya PRODUCER utoye muri COMMENTAIRE muraba ngaha twaguhaye k’urutonde imbere y’uko utora ubanze wiyumvire indirimbo yakuryoheye cane kurusha izindi zose uy’umwaka w’2017 yahinyanyuwe nuwo muhinyanyuzi ugomba gutora murak’akanya muhe amahirwe antsinze azobe THE BEST PRODUCER BDI OF THE YEAR 2017 nimba ari KOLLY THE MAGIC , PENIEL PRO , AMIR PRO ,MASTERLAND PRO , SOPRANO ON THE BEAT, CHILD PRO , LIL EVRY PRO .
Turangize tubamenyesha ko mushora no gutora muciye kukinyamakuru cacu ( WEBSITE www.umudundowacu.com ) murabora hejuru ahanditse VOTE muheze mubandanye mutora.