Ikinyamakuru UMUDUNDO WACU twaritumaze iminsi turiko turagerageza kugurura iradiyo yacu nshasha tuzohora ducishako ico kiganiro aho indirimbo zizoba zaronse amahirwe yo kwinjira muri The Playlist Music Bdi tuzoca tuzivuza buri umunsi gushika indwi yose ihere n’uko iradiyo twamaze kuyugurura ukuri kwamye irakora yitwa RADIO UMUDUNDO WACU
Umuririmvyi LIZZO LOLILO aguma aragaragara neza kwariko arakora bikomeye ukwashoboye kugira ibikorwa vyiwe vy’umuziki akora bibandanye gutera imbere ntacika intege akomeza urugamba ashoboye kwigarurira ikibanza cambere mu kurusha abandi abaririmvyi n’abaririmvyikazi bariko barahiganwa mukiganiro kidasanzwe kandi kitarico gufyina kuko kizanye impinduka muvy’umuziki w’uburundi twise THE PLAYLIST MUSIC BDI.

Hari kw’igenekerezo rya 29/11/2017 kuri Facebook Umudundo Wacu
twashiraho urutonde rw’indirimbo 10 zitandukanye zigaheza zigatorwa namwe abanywanyi bakunda umuziki w’uburundi bwacu aho mwandika igiharuco cayo muri COMMENTAIRE zigaheza zikaronka amahirwe muri The Playlist Music Bdi week 2.
Dukurikije ingene bazihaye amajwi twobabwira y’uko hamaze kumenyekana indirimbo 5 zatowe cane muga iyafashe ikibanza cambere ni indirimbo NZOKUDIGADIGA y’umuririmvyi Lizzo Lolilo kurusha izindi zose yatowe cane barayishimye abagiye barayitora.
Indirimbo NZOKUDIGADIGA ya LIZZO LOLILO ikomeje gufata ikibanza cambere muri The Playlist Music Bdi kuko ribaye irya kabiri iyo ndirimbo yiganziye icokibanza kuko muri The Playlist Week 1 yari yigeze gufata ikibanza cambere nubu ikaba isubiye kwiyongera biraboneka ko ikunzwe cane gose n’abantu benshi yarabashitse k’umutima.
Menya neza indirimbo zashoboye kuronka amahirwe mugutorwa cane zaronse amahirwe yo kwinjira muri THE PLAYLIST MUSIC BDI week 2 zitorewe n’abanywanyi bakunda umuziki w’uburundi bwacu.
Twagomba tugireko tubwira abantu mpumaze iminsi mutubaza umurongo ivugirako RADIO UMUDUNDO WACU kugira muyumvirize muri abantu benshi twobamenyesha ko ivugira kuri INTERNET mushobora guca kuri website yacu UMUDUNDO.COM murabona hejuru ahanditse RADIO niho muyfonda kugira muyishikireko muheze muyumvirize.
Ikindi iz’indirimbo 5 mwahaye amahirwe zinjiye muri THE PLAYLIST MUSIC BDI week 2 tugiye kuzozivuza indwi yose ntimuzotangwe kuguma mwumviriza Radio Umudundo Wacu
Umudundo isamiranira kuri kangahe?