Skip to content
Menu
  • Home
  • NEWS
  • ENTERTAINMENT
  • AUDIO
  • VIDEOS
  • THE PLAYLIST
  • SPORT
  • Radio
Menu

THE CHERIF PRO ati ntibamuhaye agaciro BIG FIZZO muri Video KONZI irimwo amakosa nta script ifise

Posted on January 29, 2018January 30, 2018 by admin
Umuhinyanyuzi wama Video y’abaririmvyi b’abarundi yitwa  CHERIF BIMFURANZIMA bakunze gutazira THE CHERIF PRO afise inzu y’ubuhinyanyuzi yise THE CHERIF PRODUCTION ikora ibikor’inka kuko afise ubuhinga budasanzwe mugukora izo Video nkuko abantu babibona muma Video yahinyayuye kandi bakavugako afise ubuhinga bukomeye.
Bwo gushobora guhinyanyura Video ikaza ifise ivyangobwa bikwiye mumasanamu (IMAGE ) nkuko adashobora ngo guta murudubi agakora ibirimwo amakosa bigaheza bikamugarukako munyuma mugihe  umuririmvyi abayamwituye ngwamukorere igikorwa ca Video nziza ifise uburyohe mugihe umuntu abariko arayiraba akabonako imushimishije ntashobore kuyitoramwo utunenge cangwe amakosa.
Uno munsi rero twashoboye kuronka amakuru adasanzwe mugukora ubushakashatsi k’umuhinyanyuzi THE CHERIF PRO aho yaraye avuye mugacerere aragira ico avuze inyuma yaho Video nshasha y’indirimbo KOZI y’umuririmvyi BIG FIZZO ashoboye kuyishira ahabona hama abantu bagatangura kuyiraba ikaba yakiriwe neza n’abataribake.
Muga rero uno muhinyanyuzi wama Video n’abandi abahinyanyuzi b’abarundi bayibonye barashoboye kugira ico bayivuzeko hanini bakaba bayitoyemwo amakosa menshi cane gose dusubiye inyuma kuvyashikirijwe na THE CHERIF PRO ukuntu yayibonye aradondagura guhera ku ntango y’amasanamu ya Video y’indirimbo KOZI y’umuririmvyi BIG FIZZO gushika kumpera.
UMUHINYANYUZI Bancos YAHINYANYUYE Video NSHASHA Y’INDIRIMBO Konzi
THE CHERIF PRO amaze kuraba neza Video y’indirimbo KONZI yayisanzemwo amakosa y’utunenge dukomeye kandi yatwise ko ari umutima wiyo video kubera iyo tutaboneka iyo video ibikwije amategeko ibimeze neza cane nkuko yabishikirije yavuzeko umuhinyanyuzi BANCOS yakoze amasanamu yiyo Video ubu yambuye agaciro yarafise umuririmvyi BIG FIZZO m’umuziki w’uburundi bamuharurako.
Kuko BIG FIZZO ari umuririmvyi bemera cane ariko bakamukuye kubera Video yiwe nshasha y’indirimbo KONZI yaraye asohoye kuko bayimukoreye nabi amasanamu  kandi yabonyeko yasumbijwe na Video y’indirimbo Qu’est ce qu’il ya ? y’umuririmvyi MR CHAMPAGNE niyo abonako bagerageje kuyikora neza.
Uy’umuhinyanyuzi The Cherif Pro uku niko yatoyemwo amakosa araheza arayavuga kugira ngo nuwundi munsi ntibizosubire kuboneka no muyandi ama video y’abaririmvyi b’abarundi bafise agaciro kabo mugukora umuziki w’uburundi aho yagize ati :“ ayayayaya……video barahushije ivyo yaririmvye sivyo tubona nta script ifise ntibamuhaye agaciro Fizzo afise muriyo ndirimbo bavanze ama image nabi bashiramo ama style ya image na color ya Aflo Beat…uwakoz Audio yarayishoboye cane vyarigusabako nuwavideo atanga uburyohe nkubwa audio yayo…j kucombona isumbwa niya Mr Champagne ft Big Fizzo yo isaneza cane de plus. “
Amaze gushikiriza ivyo niho uwundi mwigeme yaciye yongera aragira ico abariye umuhinyanyuzi The Cherif Pro ati :“ Cherif, jewe nibaza ko image zisa neza, gusa uwavanze clip yarazisobanyije… bisigura ko atazihaye umwanya ziboneke. muri creativité yo novuga ni nka 50 % , hari utuntu twinshi yarigushiramwo ….ariko avant tout, novuga ko biriko biraza, baragerageje. kandi ni kuza duterana inguvu kugira tubandanye dukora ibirishurizaho. igisigaye nikurekura inoti gusa ibintu bigasa neza  . “
Niho kandi The Cherif Pro ,yaciye yishura uwo mwigeme ati:“ Ego Cherisse nivyo….ariko iri vide oft….je icomba nifuza nuko twogira attantion cane iyo dukoze ama video yabantu tukagerageza gushiramo ubwenge nokuba creatif mumpande zose kugira tugumizeho agaciro kumuntu yasohoye indirimbo…Sutrou nka Fizzo nuyundi muntu adasanzwe dufise…so ama image oui asa neza kandi bakoresheje camera nziza yambere Burundi ivyo vyari vyiza Cherisse ariko habuzemo msg i mean Script creativity kuko niwo mutima windirimbo. mais .kubatabizi babonako clip ari top kandi c pa mal kuri vyose bizoza biraza buke buke niyi nintambwe turiko turatera.kenshi tuvuga utu nenge kugira habe ihinduka apanako tuvuga ngonisawa atari sawa aho nukuroga umuntu twokwama dukorera mumakosa gusa….m harimo ama image nakunze cane arya yomwijoro ajanye nindirimbo its perfect “

RABA NGAHA VIDEO NSHASHA Y’INDIRIMBO Konzi By Big Fizzo

Posted in ENTERTAINMENTTagged BIG FIZZO, THE CHERIF PRO

Post navigation

Ishavu rimumaze SAT-B ngo bariko bamutyonza kubera video | KONZI
KONZI:NTA MURIRIMVYI AZOSUBIRA KUJA GUFATIRA AMASANAMU YIWE HANZE Y’IGIHUGU

Related Post

  • AKES DON na CHRIS & JUNIOR bakoranye indirimbo yambere ya Gospel
  • Abafana biwe SAT-B bamuhamagara umubeshi aguma abafata nka marofa
  • Kubwa BIG FIZZO ubu azokorana n’abastar bo muri East Africa bakomeye
  • Umva LOLILO yavuze ko afise bifu n’inzara nayo BIG FIZZO ntibayifitaniye
  • UMURIRIMVYI JEAN MARIE MUCO ASABABARUNDI BAMUSHIGIKIRE
  • Film KURUBONE niyambare iramamaye mu Burundi bwose n’ibulaya hose
  • Vuba LOLILO azanye video nshasha izobatangaza y’indirimbo KAMOJA
  • Abazaniye VICHOU LOVE indirimbo yakoze na KNOWLESS mu Rwanda
  • Ati biteye isoni AKES DON yakoze COPY y’indirimbo ya BEBE COOL

Leave a Reply Cancel reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

FOLLOW UMUDUNDOWACU.COM

VIDEO PREMIERE

CLICK IMAGE TO WATCH NEW VIDEO | Tungi By T-max Ft Nay Wa Mitego

VIDEO OF THE WEEK

Copyright © 2018 UMUDUNDO WACU | Designed By FRANCK PRO Live