Umuririmvyi SAT-B kuvaho afashe ingendo zibiri urwambere rwamushikanye mugihugu ca Kenya hama bukeya bwayo yaciye abandanya urugendo yerekeza mugihugu ca Tanzania arikumwe n’umuhinyanyuzi KENT-P kurubu bamaze iminsi ibiri bari mugisagara ca Dar es Salaam,Tanzania bakaba bariko bahakorera ibikorwa vyabajanyeyo tubibutse ko mwakino gihe asigaye akunzwe cane n’abanywanyi bakunda umuziki w’uburundi harimwo aba fans biwe.
Ukundwa kwa SAT-B kwavuye canecane ku ndirimbo yasohoye mpumera z,umwaka uheze w’2017 ije kw,izina rya FEEL LOVE nubu ibandanya ibaryohera haba mu bayumviriza cangwe mubayiraba batibagiye no mubiteramo aherutse gukora ari mu Burundi bwamwibarutse kuko bagiye barayumva ayibaririmbira bongera baryoherwa no kumubona amaso muyandi.
Umunsi wa gatanu igenekerezo rya 16/03/2018 k’umuririmvyi SAT-B ugize kabiri ari mugisagara ca Dar es Salaam,Tanzania niho yashoboye kubamenyesha aba fans biwe ko abatanzania bamusavye abaririmbire mururimi rwigiswahili kugira kano karere ka Africa y’ubuseruko ( EAST AFRICA ) kagume kamenyekana biciye mururwo rurimi.
Umuririmvyi SAT-B imbere y’uko abafata ingingo nyamukuru kuvyo abatanzania bamusavye abaririmbire mururimi rwigiswahili ntiyashotse abemerera ubwonyene yaciye atangura kubaza aba fans biwe yita ngo “ABA BOSS BANJE “ kugira babimwemerere ko yoririmba mururwo rurimi hama abone kubaha inyinshu abo batanzania bamusavye kuririmba igiswahili bumva kandi batahura.
Nkuko yagize ati “ ngo ubu ndi ino kuri iyi ncuro aba batanzania bambwiye ngo ndirimbe muri Swahili kugira ngo East Afrika ibashe kutumenya none aba Boss banj muvyumva gute ?? Ndabumvirize ndirimbe mu giswahiri ?? Canke twibandanirize mu kirundi cacu Ndashaka ico mubivugako namwe. “
Niyagarukirije ngaho umuririmvyi SAT-B amaze gutangura kubanza aba fans biwe ko yo ririmba mugiswahili yasabwe nabatanzania twobamenyesha ko kuri uyu wa gatandatu itariki 17/03/2018 yaciye yongera arabamenyesha y’uko hariho indirimbo yiwe nshasha yakoreye mugisagara ca Dar es Salaam,Tanzania aragirako aranabwira izina ry’ukuntu yayise kimwe gusa atashimye kubamenyesha n’izina ry’umuririmvyi bayikoranye kandi ngo asanzwe avuka mugihugu ca Tanzania.
Abarundi benshi baramuzi SAT-B y’uko ari igihangange c’umuziki w’uburundi bakunda amaze kubabimenyesha benshi bavyakiriye neza kuko banashimye izina ryiyo ndirimbo yiwe nshasha yakoreye muri Tanzania ikaba yitwa GIRL FRIEND aho yanashoboye kubona abayirindiriye kuyumva uko bangana rero ikinyamakuru canyu UMUDUNDOWACU.COM duhejeje kuronka mumwanya amakuru avuye Dar es Salaam,Tanzania yemeza ko iyo ndirimbo uwashoboye kumufasha bakayikorana ni umuririmvyi yitwa ENOCK BELLA.
Aheruka kugiranirana amasezerano n’ishirahamwe CHAKO MUSIC GROUP iserukirwa n’umuhinyanyuzi KENT-P mugihugu c’uburundi ariko icicaro cayo gikuru kiri mugihugu ca Tanzania tubibutse ko abarundi benshi umuririmvyi SAT-B yari yabashize muri kabaza igihe yabamenyesha ati GIRL FRIEND niryo zina ry’indirimbo nshasha nakoranye na ……..“
Sat-B ntiyashimye kubabwira izina ry’umuririmvyi bayikoranye ariko kubakomeje badusaba kubatohoreza neza uwoba bakoranye iyo ndirimbo yiwe nshasha yise GIRL FRIEND tukaba twahavuye tumumenya akaba ari ENOCK BELLA arimusi yamaboka ya KENT-P niwe MANAGER wiwe mushasha ava mu Burundi kandi kubera ubushakashatsi twakoze bugezweho mumakuru yacu tubashikiriza ajanye n’umuziki w’uburundi bwacu nibwo bwatumye hamenyekana izina ryuwo bafadikanije kuyikora.