Imyaka ibiri irarangiye umuririmvyi BLACK G ariwe yahora ari AMBASSADEUR w’ishirahamwe SMART BURUNDI muzi ko ari umuhora wo gutumatumanako amakuru ukomeye cane gose mugihugu c’uburundi uhurumbirwa n’abantu benshi n’uko uno mwaka w’2018 wasubiriye gushobora kurondera uwundi umuririmvyi w’umurundi yoshobora kuba AMBASSADEUR waryo.
Inyuma y’umuririmvyi Black G yahora arikorera mu kurimenyekanisha haba mubiterano eka no mubimenyeshwa bivanye n’amasezerano bari barahanye ubu ni vyatevye kumenyekana ko ryamaze kwizera umuririmvyi SAT-B kwariwe yoriserukira mu kumugena akaba AMBASSADEUR bagakorana mubikorwa bitandukanye bazomugena muruno mwaka wose.
Kw’igenekerezo rya 21/02/2018 aho umuririmvyi SAT-B yabicishije kurubuga rwa Facebook akoresha mu kubimenyesha aba fans biwe akunze kwita ngo ni aba boss biwe babimenye ko ishirahamwe SMART BURUNDI ( Let’s talk ) ryamutoye mu kumugira AMBASSADEUR mushasha mu kurikorera ibikorwa rizomuha arirarungurire.
Umuririmvyi Sat-B mwakino gihe akaba afise akamwemwe kenshi kuba yarashinzwe amabanga n’ishirahamwe SMART BURUNDI mu kumugira AMBASSADEUR yagize ati IMANA yabikoze ntizotumaramaza kuko niyo Dereva wacu, Hapana Lucifer tuze dutinya IMANA hapana abana b’abantu abarundi muduhanze amaso mutwitegeko vyinshi kuko turacafise imyaka yo gukora ntiturasaza , vuba tugiye kwiyongera izina MARECHAL .
Ikinyamakuru UMUDUNDOWACU.COM tukaba twashoboye kubaronkera amakuru y’umuririmvyi Sat-B ubu ngo yamaze gutangura kurangura ibikorwa yagenwe kuzokorera ishirahamwe SMART BURUNDI aho yanatanguye kuvyerekana akavuga ko hariho n’inama zamaze gutangura azikoranye n’abarongozi biryo shirahamwe bikaba bibaye inyuma y’iminsi mikeya yerekanye umuduga uzohabwa umwigeme azoba MISS BURUNDI 2018 ahandi barikumwe na Miss Burundi 2017.