Abanywanyi bakunda umuziki w’uburundi na canecane mu kumviriza indirimbo nshasha zigenda zirasohora abaririmvyi n’abaririmvyikazi muramaze iminsi mu kurikirana ibikorwa bakora m’umuziki w’uburundi uk’ukwezi kw’12 umwaka w’2017 tugomba guheza mumasaha arimbere.
Aho barakoze indirimbo zitandukanye zifise umudundo mwiza uryoheye amatwi mwarazishimye kubera zabaryoheye kurubu buca turangiza umwaka 2017 twarakoze icegeranyo c’abaririmvyi n’abaririmvyikazi cabagiye barakora neza babashimisha dufatiye kuri THE PLAYLIST MUSIC Bdi.
Twabashikirije zigaragaza indirimbo nshasha zigezweho z’abaririmvyi n’abaririmvyikazi mwagenda mutora mu kwandika muri COMMENTIARE hakaba harashoboye kuboneka Umuririmvyi umwe wenyene niwe yagumye yegukana ikibanza cambere muruk’ukwezi turimwo nkuko indirimbo yiwe yagumye itorwa cane n’abantu benshi kubera bashimye uburyo ikozwe n’umudundo uyigize.
Aho buri ukwezi guheze twama tubashikiriza umuririmvyi canke umuririmvyikazi yaranze ukwezi tubaturimwo asumbije abandi mugukora igikorwa ciza cane gose agaheza akaba BEST ARTIST MONTH.
Icegeranyo twoze mukuraba uwukwiye ico kibanza n’uko uwashoboye gutahukana instinzi y’ikibanza cambere mukurusha abandi abaririmvyi ni Umuririmvyi SAT-B ashoboye kuba ” BEST ARTIST MONTH DECEMBER 2017″ nkuko yaveyerekanye mugikowa yakoze ca Adio y’indirimbo FEEL LOVE ashoboye gusumvya abandi abaririmvyi n’abaririmvyikazi mwagiye mukurikirana ibikorwa bakoze babishira k’umugaragaro.
Twagiye tubashikiriza bantu musanzwe mubafana,mur’ukukwezi kw’12 kugizwe n’iminsi 31 mu makuru agezweho y’umuziki w’uburundi twabamenyesha kukinyamakuru cacu UMUDUNDOWACU.COM ,suwundi abaye rurangiranwa yakoze neza ukwezi duheza uy’umunsi arurushije abandi bose ni Sat-B yegukanye intsindi abaye “ BEST ARTIST MONTH DECEMBER 2017 “ niwe umuririmvyi yakoze cane gose yitanga mugusumvya abandi baririmvyi bagenzi we bakora umwugumwe w’umuziki.
Ukaba uri umufana wuwo muririmvyi ntugende utamukeje kuriyo ntsinzi yironkeye ayihawe namwe mwamushigikiye mukumuha amahijwi muri The Playlist Music Bdi mubarire akajambo kamwe muri COMMENTAIRE kubera indirimbo yiwe nshasha yise FEEL LOVE yabaryoheye cane muriko murayumviriza mugaheza mukayitora k’umugaragaro.
UMVIRIZA NGAHO INDIRIMBO “ Feel Love By Sat-B ``