Umuririmvyi SAT-B yashoboye kuva mugacerere imbere y’uko ngo asohora indirimbo yiwe nshasha yise GIRL FRIEND aheruka gukorera mugihugu ca Tanzania aho yamenyesha aba fans biwe ko iyo ndirimbo vuba agiye kuzoyisohora ariko kubwiwe akababwira ko naho yoyisohora arabona ko indirimbo FEEL LOVE.
Aheruka gusohora mpumera z’umwaka w’2107 ngo gushika nuno mwaka ngo iracari kukibanza cambere m’umuziki w’uburundi kuko wewe abona ko nta ndirimbo nimwe y’umuririmvyi w’umurundi irashobora kuza iyisumba ikayitwara ikibanza cambere haba muri AUDIO cangwe VIDEO.
Nkuko yabishikirije umuririmvyi SAT-B hari kuruyu wa kane wiyi indwi turimwo niho yagira ico ashoboye kubarira abafana biwe mugihe yarafise amadidane muriwe kugira bamuhe inyishu itomoye y’ikibazo yababajije kijanye n’indirimbo yiwe ariyo FEEL LOVE kuko niyo igiye kuzokurikirwa n’indirimbo yiwe nshasha yiswe GIRL FRIEND azohora muminsi yavuba kandi ninayo yambere azoba ashize k’umugaragaro mwuno mwaka.
SAT-B yababije abafana biwe kino kibazo ati “ Hello fans Sat-B !! Ndashaka mumfashe cane mfise akabazo . Aho muherereye mubona ko indirimbo Feel Love iragira iyiyikura ku Top mu muziki ? Igituma mbajije n’uko Nari nshaka kumenya kugira ngo tubandanye dukina nka Christiano Ronaldo ku gapira mugusohora yayindi #Girl friend .“
Abo bafans biwe nabo ntibatanzwe kumwishura aho abenshi bamuhaye inyinshu imwe bavuga ko babona ko atayindi iraza iyisumba ariko icaje kuboneka n’uko hariho umuntu yashoboye kumubarira Sat- B ati “Warahenzwe wa mwana wee!!kumbura uce bugufi!!onona uzobibona “ niho nawe munyumayaciye amwishura ngo nta muntu numwe azokwigera amuhagarika m’umuziki w’uburundi ngwaje amusumba kiretse Imana yonyene.