Umuririmvyi SAT-B yaraye akoze igiteramo kidasanzwe kukiyaga LA COSTA citabiriwe n’abafans biwe benshi cane gose nkuko vyagaragaye aho wari umunezero mwinshi kubari bahishikiye ndetse nawe yararyohewe kuba harashoboye kuza abantu benshi bakamushigikira mugikorwa ciwe yaramaze iminsi abateguza ko boza kubwinshi.
Ikindi twobamenyesha y’uko Sat-B vyamunaniye kwihangana yashimye kubigaragaza kurubuga rwiwe amwandikira amajambo aryohewe yo kumushimira Big Fizzo yongera yandikako na Team Satura na yonyene iramushimira kw’iteka baraye bateye nico gihangange c’umuziki w’uburundi,naho ngo atamubonye ariko abamubonye bamubariye ko yahishikiye kandi yaryohewe kumubona yaje mugiteramo Indoto.
Ayaniyo amajambo umuririmvyi SAT-B yanditse aryohewe kumva umuririmvyi BIG FIZZO yarashoboye kwishikira mugiteramo ciwe yise Indoto caraye kuri La Costa Beach i Bujumbura kibaye ,yatanguye ati :“ Big Fizzo Fariouz bambwiye ko wari wishikiye nawe mu giteramo (Indoto Concert ) ay’amajambo ndayanditse nishimye caaaaane ryohewe no kuba wari wahageze ndetse ngo wari uryohewe caaaane kubona tugera kukintu nka kiriya mwarakoze cane mwaraduteye iteka Team Satura nabo bambwiye ndakubwire ngo warakoze kuza.“
Ni vyiza cane KO bashigikirana
Big up sana SATURA