Skip to content
Menu
  • Home
  • NEWS
  • ENTERTAINMENT
  • AUDIO
  • VIDEOS
  • THE PLAYLIST
  • SPORT
  • Radio
Menu

Sat-B abwira BIG FIZZO ngo yaraye amuteye iteka kuza mugiteramo ciwe

Posted on January 8, 2018January 8, 2018 by admin

Umuririmvyi SAT-B yaraye akoze igiteramo kidasanzwe kukiyaga LA COSTA citabiriwe n’abafans biwe benshi cane gose nkuko vyagaragaye aho wari umunezero mwinshi kubari bahishikiye ndetse nawe yararyohewe kuba harashoboye kuza abantu benshi bakamushigikira mugikorwa ciwe yaramaze iminsi abateguza ko boza kubwinshi.

Sivyo vyonyene umuririmvyi SAT-B yishimira bikamuryohera kuba haraje abantu benshi mugiteramo ciwe yise INDOTO yaraye akoze kuruwu w’Imana igenekerezo rya 07/12/2018 mukibanza bita LA COSTA BEACH mugisaga ca Bujumbura ahubwo ngo ayanerezwe gushika nuno munsi kuba harashoboye kubineka ikintu kidasanzwe atari yitezeko azokibona muri ico giteramo ciwe ryar’iteka kuriwe atewe.
Ngo n’umwe mubihangange nkawe vy’umuziki w’uburundi ariwe umuririmvyi BIG FIZZO yari yahishikiye kumushigikira arorera ingene ariko arateramisha abafans biwe vyaraye bimunezereye cane gose k’umutima kubona umuririmvyi mugenzi we yarahishikiye kandi ntiyabifashe nk’ibintu bidasanzwe ahubwo n’iteka rikomeye yarawe amuteye kuza.
 

Ikindi twobamenyesha y’uko Sat-B vyamunaniye kwihangana yashimye kubigaragaza kurubuga rwiwe amwandikira amajambo aryohewe yo kumushimira Big Fizzo yongera yandikako na Team Satura na yonyene iramushimira kw’iteka baraye bateye nico gihangange c’umuziki w’uburundi,naho ngo atamubonye ariko abamubonye bamubariye ko yahishikiye kandi yaryohewe kumubona  yaje mugiteramo Indoto.

 

Ayaniyo amajambo umuririmvyi SAT-B yanditse aryohewe kumva umuririmvyi BIG FIZZO yarashoboye kwishikira mugiteramo ciwe yise Indoto caraye kuri La Costa Beach i Bujumbura kibaye ,yatanguye ati :“ Big Fizzo Fariouz bambwiye ko wari wishikiye nawe mu giteramo (Indoto Concert ) ay’amajambo ndayanditse nishimye caaaaane ryohewe no kuba wari wahageze ndetse ngo wari uryohewe caaaane kubona tugera kukintu nka kiriya mwarakoze cane mwaraduteye iteka Team Satura nabo bambwiye ndakubwire ngo warakoze kuza.“

Ukaba utari bwumve INDOTO z’umuririmvyi SAT-B yatangaje imbere y’uko azokora igiteramo yise INDOTO ngo ashaka kuzobona m’umuziki w’uburundi akora,fyonda ngaho uzumvirize.

Posted in ENTERTAINMENTTagged SAT-B

Post navigation

WATCH FULL MOVIE BURUNDI:- Kurubone Part 3
UBURUNDI BUKWIJE IBISABWA NGO BWAKIRE INKINO MPUZAMAKUNGU ZITEGURWA NA CECAFA

Related Post

  • AKES DON na CHRIS & JUNIOR bakoranye indirimbo yambere ya Gospel
  • Abafana biwe SAT-B bamuhamagara umubeshi aguma abafata nka marofa
  • Kubwa BIG FIZZO ubu azokorana n’abastar bo muri East Africa bakomeye
  • Umva LOLILO yavuze ko afise bifu n’inzara nayo BIG FIZZO ntibayifitaniye
  • UMURIRIMVYI JEAN MARIE MUCO ASABABARUNDI BAMUSHIGIKIRE
  • Film KURUBONE niyambare iramamaye mu Burundi bwose n’ibulaya hose
  • Vuba LOLILO azanye video nshasha izobatangaza y’indirimbo KAMOJA
  • Abazaniye VICHOU LOVE indirimbo yakoze na KNOWLESS mu Rwanda
  • Ati biteye isoni AKES DON yakoze COPY y’indirimbo ya BEBE COOL

2 thoughts on “Sat-B abwira BIG FIZZO ngo yaraye amuteye iteka kuza mugiteramo ciwe”

  1. Jean Olipias says:
    January 8, 2018 at 1:27 pm

    Ni vyiza cane KO bashigikirana

    Reply
  2. Nipo says:
    January 9, 2018 at 10:34 am

    Big up sana SATURA

    Reply

Leave a Reply Cancel reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

FOLLOW UMUDUNDOWACU.COM

VIDEO PREMIERE

CLICK IMAGE TO WATCH NEW VIDEO | Tungi By T-max Ft Nay Wa Mitego

VIDEO OF THE WEEK

Copyright © 2018 UMUDUNDO WACU | Designed By FRANCK PRO Live