Skip to content
Menu
  • Home
  • NEWS
  • ENTERTAINMENT
  • AUDIO
  • VIDEOS
  • THE PLAYLIST
  • SPORT
  • Radio
Menu

Rab’imonjo ntisanzwe Video nshasha ya T-MAX yayikoreye muri Tanzania

Posted on February 10, 2018February 15, 2018 by admin
Ca gihangange gikomeye cane gose c’umuziki w’uburundi muri HIP POP ni umuririmvyi T-MAX muziko abica bigacika mugukora indirimbo zibaryohera abantu benshi bazumviriza cangwe baziraba nkuko yaramaze iminsi ari mugihugu ca Tanzania ,mubikorwa bikomeye cane  vyo gukora Video zibiri zishasha imwe yakoze ari wenyene iyindi yakoranye n’umuraperi NEY WAMITEGO.
 Haraciye iminsi mur’ukwezi kwa kabiri umwaka w’2018 aho umuririmvyi T-MAX yamenyesheje aba fans biwe ko hariho Video yiwe nshasha y’indirimbo  TWANGA NA KUPEPETA kwagiye kuzoyibashikiriza ahabona bashobore kuyiraba guhera kw’igenekerezo rya 10/02/2018 kwariho azoba yayisohoye akabatumira ko bohurira kuri CAMPERO kwariho boyiraba icuro yabo yambere abenshi bari bayirindiranye igishika cinshi nco gushobora kuyiraba.
Kuko bamwemera cane gose ukuntu akora ama Video akabaryohera nkuko amakuru dufise yuno munsi wa gatandatu ariho yari yaratanze isango kuba fans biwe kwariho botangura kuyiraba kugezubu n’uko iyo video nshasha y’indirimbo TWANGA NA KUPEPETA y’umuraperi T-MAX yamaze gutangurwa kwerekanwa ukuri kwamye ubu abarizwa mugihugu c’uburundi ninaho yashimye gutangura kuyereka abarundi n’abarundikazi bashigikira ibikorwa vy’umuziki akora.
 Igihangange c’umuziki w’uburundi umuririmvyi T-Max nkuko yaraherutse kumenyesha aba fans biwe y’uko video yiwe nshasha y’indirimbo TWANGA NA KUPEPETA kwazoyiberaka uno munsi itariki 10/02/2018 aho abenshi bari bafise umunezero mwinshi wo kuyiraba ubwambere ariko vyaje guhinduka kuko iyo Video yiwe nshasha uno musi niho yashimye gutangura kuyereka abamenyesha makuru bo mu Burundi nibo bayibonye ubwambere bakaba bayishimye cane.
Twobamenyesha kandi ko umuririmvyi T-MAX yazanye impinduka ikomeye m’umuziki w’uburundi aho ni mugisata ca Video ziba zifise quality nziza cane kuko irasukuye amasanamu yayo uriko urayaraba uriyumvako hariho ikintu kikuryoheye k’umutima rero twagerageje kumurondera tumubaze igituma uno munsi wa gatandatu itariki 10/02/2018 atashoboye kuyereka aba fans biwe iyo video nshasha y’indirimbo TWANGA NA KUPEPETA.
Bamaze iminsi banyotewe kuraba mugihe yari yayibemereye ko bazoyiraba ubwambere muga akaba yashoboye kuyereka abamenyesha amakuru bonyene ariko ni twashoboye kumuronka tukaba tukibandanya kumubarondera kugira muronke umuco igituma yatanguye kuyereka ubwambere abamenyesha makuru bahano mu burundi ,ay’amakuru tuzoyabandanya hanyuma ntugende utaravye imonjo yaka video gatoya kiyo ndirimbo TWANGA NA KUPEPETA yakoreye amasanamu mu kurindira video yose.

KARABE NGAHA AGAHONJO KA VIDEO NSHASHA Y’INDIRIMBO Tunatwanga Na Kupepeta By T-Max

Posted in ENTERTAINMENTTagged T-MAX

Post navigation

Kuva 2018 itangura niho SAT-B ngo akibona Video nziza ni HELLO yirabe
LISTEN AUDIO | Nyishura By Bien-Freema Ft Channy Queen

Related Post

  • AKES DON na CHRIS & JUNIOR bakoranye indirimbo yambere ya Gospel
  • Abafana biwe SAT-B bamuhamagara umubeshi aguma abafata nka marofa
  • Kubwa BIG FIZZO ubu azokorana n’abastar bo muri East Africa bakomeye
  • Umva LOLILO yavuze ko afise bifu n’inzara nayo BIG FIZZO ntibayifitaniye
  • UMURIRIMVYI JEAN MARIE MUCO ASABABARUNDI BAMUSHIGIKIRE
  • Film KURUBONE niyambare iramamaye mu Burundi bwose n’ibulaya hose
  • Vuba LOLILO azanye video nshasha izobatangaza y’indirimbo KAMOJA
  • Abazaniye VICHOU LOVE indirimbo yakoze na KNOWLESS mu Rwanda
  • Ati biteye isoni AKES DON yakoze COPY y’indirimbo ya BEBE COOL

Leave a Reply Cancel reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

FOLLOW UMUDUNDOWACU.COM

VIDEO PREMIERE

CLICK IMAGE TO WATCH NEW VIDEO | Tungi By T-max Ft Nay Wa Mitego

VIDEO OF THE WEEK

Copyright © 2018 UMUDUNDO WACU | Designed By FRANCK PRO Live