K’umunsi wa gatatu wiyi indwi itariki 14/02/2018 aho umuririmvyi BIG FIZZO hamwe n’umuririmvyi JUMA JUX yaje ava mugihugu ca Tanzania bashobora guhurira mugiteramo kimwe bakoreye kuri ZION BEACH aho bagikoreye mu Burundi kandi imbere y’uko batangura guteramisha abantu bari bahishikiye baje bashajije hari igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugaroba.
Niho Big Fizzo na Jux nabonyene bari bambaye impuzu n’ibirato vya style zitamenyerewe kubonwa zabambaye abaririmvyi b’abarundi nkuko mubibona kuriyo foto ibaranga bikaba vyaratangaje abari ngaho barabitegereje guhera kumaguru gushika k’umutwe ngo na kanenge ntakamwe babatoyeko kuko uravye nk’umuririmvyi Big Fizzo ukuntu yari yambaye ukongera ukaraba n’umuririmvyi Jux uko yari yambaye vyari ibirori bikomeye.
Aho hose hari imbere y’uko baja kuri scene guteramisha aba fans babo mbega munywanyi ukunda umuziki w’uburundi usanzwe ufana abo baririmvyi kubwawe utahashitse uravye ingene Big Fizzo na Jux bari bambaye ubona wo baha amanota angahe kwi 100 ?
Turangize tubamenyesha banywanyi b’ikinyamakuru canyu UMUDUNDOWACU.COM muraguma hafi mudukurirana mukomeze mumenya ingene igiteramo c’ejo uko cagenze cabano baririmvyi bakomeye muri East Africa uko babiciye biracika kuri ZION BEACH mugisagara ca Bujumbura.
