Nkuko abantu bakurikirana cane bagakunda umuziki w’uburundi harihoo bamwe bamwe bavuga ngo umuririmvyi BIG FIZZO ntiyigera akora Video nk’abandi abaririmvyi bagenzi biwe b’abarundi ahubwo ngo yishinga gukora cane indirimbo zifise Audio.
Kandi ngo aza mubanyuma bakora Video kubera bitegereje nk’indirimbo ziwe zose zirangwa ari Audio zonyene kuko banga Video arinkeya cane bigatuma batangura kwibazako yoba yabuze uburyo bwogukora Video kuko ntibavyumva ukuntu akora indirimbo ziryoshe akananirwa gusohora amasanamu kuko wewe agize ngo ayisohore hahera imyaka itarimike babamukumbuye.
Bigatuma nabafana biwe banyoterwa kubona Video yiwe ariko ikibanezera n’uko akunda kumva akamo kabo nkiyo bagumye bamusaba gukora amasanamu ntiyigera abatevya aho harihaciye igihe ashoboye gusohora Video y’indirimbo URAMBABAZA ,uno mwaka abenshi bayakiriye neza bamaze kuyibona.
Inyuma yaho Umuririmvyi Big Fizzo asohoreye Video y’indirimbo Urambabaza , n’uko abafana biwe bose bokwitega muminsi yavuba kuzoraba Video iyindi nshasha agomba kuzosohora akaba ari iy’indirimbo yitwa“ TU ME MANQUES “ ikazoba itandukanye nk’ayandi amasanamu y’abaririmvyi b’abarundi bahora bakora.
Video nshasha y’indirimbo Tu me Manques ya Big Fizzo izoba ifise amasanamu akozwe mumashusho asa nkayirabura nayera nkuko yatanguye kugaragaraza amafoto amuranga arikorayikora rero arabamenyesha abafana biwe mutangure kwitegura vuba nta minsi myinshi asigaje kugira azoyisohore k’umugaragaro muheze muyirabe kuko amasanamu yayo asankaho yamaze guhezwa gukorwa.
Umuririmvyi Big Fizzo asanzwe ari igihangange m’umuziki w’uburundi yatanguye nokubimenyesha abafana biwe bamukurikirana kumubuga ngurukanabumenyi akoresha y’uko vuba cane gose agiye kuzosohora Video y’indirimbo “TU ME MANQUES“ azobanezera cane bariko barayaba aho azogaragaramwo yambaye impuzu zigezweho atibagiye no kwerekana ingene azobariko arasoma itabi atumura imyotsi.
UMVIRIZA HANO INDIRIMBO:_
…
Big Fizzo Turabiz Kwashoboy Vyose Reka Turindire Turabe Mais Ntibagiy Kuvuga Kwariw #King Wa Buja.
Wait and see