Skip to content
Menu
  • Home
  • NEWS
  • ENTERTAINMENT
  • AUDIO
  • VIDEOS
  • THE PLAYLIST
  • SPORT
  • Radio
Menu

Nta minsi myinshi isigaye BIG FIZZO abazanire VIDEO nshasha idasa n’izindi

Posted on December 18, 2017December 18, 2017 by admin
Nkuko abantu bakurikirana cane bagakunda umuziki w’uburundi harihoo bamwe bamwe bavuga ngo umuririmvyi BIG FIZZO ntiyigera akora Video nk’abandi abaririmvyi bagenzi biwe b’abarundi ahubwo ngo yishinga gukora cane indirimbo zifise Audio.
 
Kandi ngo aza mubanyuma bakora Video kubera bitegereje nk’indirimbo ziwe zose zirangwa ari Audio zonyene kuko banga Video arinkeya cane bigatuma batangura kwibazako yoba yabuze uburyo bwogukora Video kuko ntibavyumva ukuntu akora indirimbo ziryoshe akananirwa gusohora amasanamu kuko wewe agize ngo ayisohore hahera imyaka itarimike babamukumbuye.
 
Bigatuma nabafana biwe banyoterwa kubona Video yiwe ariko ikibanezera n’uko akunda kumva akamo kabo nkiyo bagumye bamusaba gukora amasanamu ntiyigera abatevya aho harihaciye igihe ashoboye gusohora Video y’indirimbo URAMBABAZA ,uno mwaka abenshi bayakiriye neza bamaze kuyibona.
Inyuma yaho Umuririmvyi Big Fizzo asohoreye Video y’indirimbo Urambabaza , n’uko abafana biwe bose bokwitega muminsi yavuba kuzoraba Video iyindi nshasha agomba kuzosohora akaba ari iy’indirimbo yitwa“ TU ME MANQUES “ ikazoba itandukanye nk’ayandi amasanamu y’abaririmvyi b’abarundi bahora bakora.
 
Video nshasha y’indirimbo Tu me Manques ya Big Fizzo izoba ifise amasanamu akozwe mumashusho asa nkayirabura nayera nkuko yatanguye kugaragaraza amafoto amuranga arikorayikora rero arabamenyesha abafana biwe mutangure kwitegura vuba nta minsi myinshi asigaje kugira azoyisohore k’umugaragaro muheze muyirabe kuko amasanamu yayo asankaho yamaze guhezwa gukorwa. 
Umuririmvyi Big Fizzo asanzwe ari igihangange m’umuziki w’uburundi yatanguye nokubimenyesha abafana biwe bamukurikirana kumubuga ngurukanabumenyi akoresha y’uko vuba cane gose agiye kuzosohora Video y’indirimbo “TU ME MANQUES“ azobanezera cane bariko barayaba aho azogaragaramwo yambaye impuzu zigezweho atibagiye no kwerekana ingene azobariko arasoma itabi atumura imyotsi.
UMVIRIZA HANO INDIRIMBO:_
…

Posted in NEWSTagged BIG FIZZO

Post navigation

THE PLAYLIST MUSIC BDI week2:-Nzokudigadiga By Lizzo Lolilo isubiye kub’iyambere
WATCH VIDEO :- Nzokudigadiga By Lizzo Lolilo

Related Post

  • IGITERAMO CAKATARABONEKA INYANZA LAC MWATEGURIWE NA NDAYISABA MAGNIFIQUE
  • Imana ikomeje guhamagara AKES DON ayikorere arekane n’indirimbo z’isi
  • Umuziki ugumye umuteza imbere KID MAGIC azonsinyishwa na SADEBU
  • Concert yakataraboneka
    CONCERT MWATEGURIWE NA J.SAMSON
  • SAT-B ngo indirimbo FEEL LOVE iracari iyambere m’umuziki w’uburundi
  • Ati SAT-B yahageze mu Burundi avuye kubaroga mugihugu ca Tanzania
  • Afise umunezro mwinshi PETI DANY yaronse MANAGER wumu MAMAN
  • KIRIKOU ngo BIG FIZZO azomfasha vyinshi muri LABEL BANTU BWOY
  • Babwira NATACHA akureko ukuboko birabire ibintu yamaze guta akaranga

2 thoughts on “Nta minsi myinshi isigaye BIG FIZZO abazanire VIDEO nshasha idasa n’izindi”

  1. Nzeyimana Alexis says:
    December 18, 2017 at 11:49 pm

    Big Fizzo Turabiz Kwashoboy Vyose Reka Turindire Turabe Mais Ntibagiy Kuvuga Kwariw #King Wa Buja.

    Reply
  2. Samson Ndabarushimana says:
    December 19, 2017 at 9:44 am

    Wait and see

    Reply

Leave a Reply Cancel reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

FOLLOW UMUDUNDOWACU.COM

VIDEO PREMIERE

CLICK IMAGE TO WATCH NEW VIDEO | Tungi By T-max Ft Nay Wa Mitego

VIDEO OF THE WEEK

Copyright © 2018 UMUDUNDO WACU | Designed By FRANCK PRO Live