Umuhinyanyuzi KOLLY THE MAGIC akongera akanaba umuririmvyi akora umuziki w’uburundi ashimisha abarundi benshi ukuntu akora umwuga wiwe kandi akaba ariwe asigaye agezweho mu bahinyanyuzi bose b’abarundi niwe aza mu kibanza cambere akunzwe cane kuko ukuntu ahinyanyura indirimbo z’abaririmvyi b’abarundi usanga zirimwo ubuhinga bukomeye akoreshemwo ubwenge n’ubumenyi bukomeye.
Wumvirije indirimbo yahinyanyuye utegerezwa kumva akonovera kayo ugaheza ukaryoherwa nkuko vyigezwe gutangaza umuririmvyi BIG FIZZO ko uwo muhinyanyuzi yamaze kumushima akamuzana muri Studio yise BANTU BWOY RECORDS ikorera i Bujumbura ahitwa MUTANGA SUD impamvu yamuhisemwo n’uko yamukoreye neza indirimbo yitwa KONZI ikamenyekana cane mu gukundwa naba fans biwe.
Nico catumye amutora ko yo mukorera muri iyo studio akaza arahinyanyura indirimbo z’abaririmvyi bagize LABEL yiwe n’abandi batari muriyo gushika ubu abarundi benshi bari baziko umuhinyanyuzi KOLLY THE MAGIC kwasigaye akora muri Studio Bantu Bwoy ngo sivyo kandi ntiyigeze agendayo nyaburya atamasezerano bagiriranye kumatohoza twakoze banywanyi b’ikinyamakuru canyu UMUDUNDOWACU.COM twegereye aho asanzwe akorera muri Studio INGO RECORDS.
Abenshi bamumenyereye kwariho akora kuva umwaka uheze gushika nuna mwaka w’2018 ngo ntiyigeze ayivamwo cangwe ahagarike ibikorwa vyiwe vya minsi yose ahakorera aravuga ko abaririmvyi batomurondera muri Studio Bantu Bwoy y’umuririmvyi BIG FIZZO nkuko bari baravyumvise ko yoba ariyo akorera ngo mubimenye yaramaze gukuramwo akarenge siyo akorera ararangiza abamenyesha ko yaramaze iminsi arwaye ariko murino munsi yagarutse mubikorwa vyiwe vy’ubuhinyanyuzi no kuririmba.
UMVIRIZA HANO INDIRIMBO YIWE NSHASHA AHERUKA GUKORANA N’UMUGORE WIWE | Vyabihe By Kolly Ft Juscaelle