Umuririmvyi JOHN MABOU inyuma yo kwerekanako kwashoboye kugera kure m’umuziki w’uburundi aryohera aba fans biwe mukubaha indirimbo yiwe yambere yakoze uno mwaka hamwe no kwrekana ishaka ridasanzwe afise mugukora umuziki nivyo vyatumwe atorwa cane gose muri The Playlist Music duheruka kubashikiriza aho yafashe ikibanza cambere mu kurusha abandi abaririmvyi bose b’ababarundi bakoze indirimbo zabo m’ukwezi guheze kwa mbere kuno mwaka w’2018.
Twabashikirije urutonde rw’indirimbo zigezweho z’abaririmvyi n’abaririmvyikazi bakonze uy’umwaka ukwezi guheze aho aba fans babo bagenda batora indirimbo imwe ibaryohera kurusha zose mu kwandika muri COMMENTIARE.
Hakaba harashoboye kuboneka Umuririmvyi umwe wenyene niwe yegukana ikibanza cambere nkuko indirimbo yiwe yagumye itorwa cane n’abantu benshi kubera bashimye uburyo ikozwe n’umudundo uyigize wabaryoheye kumviriza.
Ikinyamakueu canyu UMUDUNDOWACU.COM ,aho buri ukwezi guheze twama tubashikiriza umuririmvyi cangwe umuririmvyikazi yaranze ukwezi tubaturimwo asumbije abandi mugukora igikorwa ciza cane gose c’indirimbo iryohera abayumvirije kuva igisohoka agaheza akaba BEST ARTIST MONTH.
Icegeranyo twoze mukuraba uwukwiye ico kibanza n’uko uwashoboye gutahukana instinzi y’ikibanza cambere mukurusha abandi abaririmvyi ni Umuririmvyi JOHN MABOU yashoboye kuba ” BEST ARTIST THE MONTH JANUARY 2018″ nkuko yavyerekanye mugikowa yakoze ca AUDIO y’indirimbo SINIZE yasumvya abandi abaririmvyi n’abaririmvyikazi bakora umwe w’umuziki w’uburundi bwose tubibutse kandi ko iyo ndirimbo yayikoranye n’umuririmvyi KID MAGIC.
Ukaba uri umu fans w’umuririmvyi JOHN MABOU ntugende utamubariye akajambo kamwe umukeze kandike muri commentaire kuriyo ntsinzi yironkeye ayihawe namwe mwamushigikiye mukumuha amahijwi muri The Playlist Music Week 1 kubera indirimbo yiwe nshasha yise SINIZE yabaryoheye cane muriko murayumviriza mugaheza mukayitora k’umugaragaro.
UMVIRIZA INDIRIMBO | Sinize By John Mabou Ft Kid Magic