Skip to content
Menu
  • Home
  • NEWS
  • ENTERTAINMENT
  • AUDIO
  • VIDEOS
  • THE PLAYLIST
  • SPORT
  • Radio
Menu

Ngo SWAGG TEAM+257 bari mugihugu ca Uganda bakoze indirimbo

Posted on February 13, 2018 by admin
Umurwi SWAGG TEAM+257 w’abaririmvyi bane hamwe n’umuririmvyikazi umwe bariko barigaragaza mugukora neza umuziki w’uburundi bongera bashimisha aba fans babo kandi nuwo murwi uriko urakora cane mugihugu c’uburundi ukoshoboye kugira umenyekanishe umuziki w’uburundi mukarere kose ka Africa y’ubuseruko bamenyeko abarundi bashoboye kuririmba indirimbo ziryoshe.
Kandi zishobora no kuja mumahiganwa mpuzamakungu ni inyuma yaho bakoranye indirimbo KILLING ME n’umuririmvyi BIG FIZZO basanzwe bemera cane banamwubaha batumye bakomeza kumenyekana cane gose hirya no hino niho baciye bakorana Video yayo nayonyene yarakunzwe cane gushika nuno munsi ibandanya ukundwa n’abantu benshi bakomeje kuyiraba kuko yabaryoheye.
SWAGG TEAM+257 baramanyesha aba fans babo y’uko bakibandanya babashimisha mugukora indirimbo zibaryohera kumviriza hamwe no kuraba bakavuga ko ubu babarizwa mugihugu ca UGANDA aho bagiye kuharangurira ibikorwa vy’umuziki w’uburundi ninavyo vyabajanyeyo barongera kandi bakavuga y’uko bamaze gushikayo bahamaze iminsi itarimike kuko hariho ubuhinga bamaze kuhakura.
Ngo inyuma y’indirimbo KILLING ME bakoranye n’umuririmvyi BIG FIZZO ukuntu abantu benshi bayikunze ubu hoho bagarutse batavyorosha kubera hariho iyindi indirimbo yabo nshasha ije iyikurikira bakaba bayikoreye muri ico gihugu baramenyesha abantu bose bakunda indirimbo zabo ko bayirindirana igishika cinshi mu kuzoyumviriza muheze muzoryoherwe n,igikorwa gishasha babazaniye bagikuye muri Uganda.
NKUKO MUBABONA NGAHO BARI MUGIHUGU CA Uganda MURI STUDIO BAKOREYEMWO INDIRIMBO YABO NSHASHA TWOBAMENYESHAKO UWO YAMBAYE IMPUZU ZIRABURA ZISA NIWE MANAGEUR WA Swagg Team+257
Kuko vuba ngo barayisohora bakemezako imeze neza cane gose iraryoshe barabonako izobashimisha abazoyumviriza bose babandanije bavugako iyo ndirimbo nshasha yahinyanyuwe n’umuganda nkuko bayikoreye muri studio yiwe kandi ngo indirimbo nshasha bahakoreye barabonako izoshobora kubashika kuyindi intabwe ikomeye mu kubandanya bamenyekana kandi bateza imbere umuziki w’uburundi rero muminsi yavuba barayisohora muyumvirize.

 

UWO NI UMURIRIMVYIKAZI Tayanna AGIZE UMURWI Swagg Team+257 AHO YARIKO ARASHIRAMWO AMAJWI MUNDIRIMBO YABO NSHASHA BAGIYE KUZOSOHORA NKUKO BAYIKOREYE MUGIHUGU CA Uganda

RABA VIDEO YABO | Killing Me By Swagg Team+257 Ft Big Fizzo

http://umudundowacu.com/wp-content/uploads/2017/12/Swagg-Team-257-Killing-Me-ft-Big-Fizzo-Official-Video.mp4

Posted in ENTERTAINMENTTagged SWAGG TEAM+257

Post navigation

WATCH VIDEO | Impamvu By Miss Erica Ft Sumi Crazy
BIG FIZZO na JUX baruzuza ZION BEACH mugiteramo c’abakundana

Related Post

  • AKES DON na CHRIS & JUNIOR bakoranye indirimbo yambere ya Gospel
  • Abafana biwe SAT-B bamuhamagara umubeshi aguma abafata nka marofa
  • Kubwa BIG FIZZO ubu azokorana n’abastar bo muri East Africa bakomeye
  • Umva LOLILO yavuze ko afise bifu n’inzara nayo BIG FIZZO ntibayifitaniye
  • UMURIRIMVYI JEAN MARIE MUCO ASABABARUNDI BAMUSHIGIKIRE
  • Film KURUBONE niyambare iramamaye mu Burundi bwose n’ibulaya hose
  • Vuba LOLILO azanye video nshasha izobatangaza y’indirimbo KAMOJA
  • Abazaniye VICHOU LOVE indirimbo yakoze na KNOWLESS mu Rwanda
  • Ati biteye isoni AKES DON yakoze COPY y’indirimbo ya BEBE COOL

Leave a Reply Cancel reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

FOLLOW UMUDUNDOWACU.COM

VIDEO PREMIERE

CLICK IMAGE TO WATCH NEW VIDEO | Tungi By T-max Ft Nay Wa Mitego

VIDEO OF THE WEEK

Copyright © 2018 UMUDUNDO WACU | Designed By FRANCK PRO Live