Umurwi SWAGG TEAM+257 w’abaririmvyi bane hamwe n’umuririmvyikazi umwe bariko barigaragaza mugukora neza umuziki w’uburundi bongera bashimisha aba fans babo kandi nuwo murwi uriko urakora cane mugihugu c’uburundi ukoshoboye kugira umenyekanishe umuziki w’uburundi mukarere kose ka Africa y’ubuseruko bamenyeko abarundi bashoboye kuririmba indirimbo ziryoshe.
Kandi zishobora no kuja mumahiganwa mpuzamakungu ni inyuma yaho bakoranye indirimbo KILLING ME n’umuririmvyi BIG FIZZO basanzwe bemera cane banamwubaha batumye bakomeza kumenyekana cane gose hirya no hino niho baciye bakorana Video yayo nayonyene yarakunzwe cane gushika nuno munsi ibandanya ukundwa n’abantu benshi bakomeje kuyiraba kuko yabaryoheye.
SWAGG TEAM+257 baramanyesha aba fans babo y’uko bakibandanya babashimisha mugukora indirimbo zibaryohera kumviriza hamwe no kuraba bakavuga ko ubu babarizwa mugihugu ca UGANDA aho bagiye kuharangurira ibikorwa vy’umuziki w’uburundi ninavyo vyabajanyeyo barongera kandi bakavuga y’uko bamaze gushikayo bahamaze iminsi itarimike kuko hariho ubuhinga bamaze kuhakura.
Ngo inyuma y’indirimbo KILLING ME bakoranye n’umuririmvyi BIG FIZZO ukuntu abantu benshi bayikunze ubu hoho bagarutse batavyorosha kubera hariho iyindi indirimbo yabo nshasha ije iyikurikira bakaba bayikoreye muri ico gihugu baramenyesha abantu bose bakunda indirimbo zabo ko bayirindirana igishika cinshi mu kuzoyumviriza muheze muzoryoherwe n,igikorwa gishasha babazaniye bagikuye muri Uganda.
Kuko vuba ngo barayisohora bakemezako imeze neza cane gose iraryoshe barabonako izobashimisha abazoyumviriza bose babandanije bavugako iyo ndirimbo nshasha yahinyanyuwe n’umuganda nkuko bayikoreye muri studio yiwe kandi ngo indirimbo nshasha bahakoreye barabonako izoshobora kubashika kuyindi intabwe ikomeye mu kubandanya bamenyekana kandi bateza imbere umuziki w’uburundi rero muminsi yavuba barayisohora muyumvirize.