Umuririmvyi MATABARO PATIENT kare yahora akorera umuziki mugihugu c’uburundi bwamwibarutse aho yamenyekanye cane mundirimbo yise FEELINGS yakoranye n’umuririmvyi BIG FIZZO hamwe n’indirimbo yise CHANGU NI CHANGU yakoranye n’umuriimvyi R.FLOW munyuma niho igihugu ncamera nkikitameze neza m’umwaka w’2015 niho yaciye ahitamwo kugenda mugihugu c’urwanda kuhabandaniza ibikorwa ahahurira n’abandi abaririmvyi b’ababarundi barakoze neza muri ico gihugu baratumye umuziki w’uburundi uguma umenyekana.
Bawukorera mugisagara ca Kigali aho bari basanzwe bahakorera ama KARAOKE sivyo gusa yarashoboye no kuhakorera indirimbo ziwe zagiye ziraryohera abazumviriza bongera bazishima twovuga nk’indirimbo TAMU TAMU yakomeje akora umuziki w’uburundi ari mu Rwanda ariko umwaka uheze w’2017 niho yashoboye kugenda mugihugu ca CANADA ubu akaba ariho abarizwa.

Aherutse gusohora indirimbo yiwe nshasha hari kw’igenekerezo rya 02/02/2018 ikaba yitwa KAMOJA iyo ndirimbo uravye ingene abarundi n’abarundikazi bayakiriye birabonekako bayishimye cane ukuntu yayikoze hamwe n’ukuntu yayiririmvye ngo yarabaryoheye cane nubu babandanya bayumviriza nyaburya nta minsi myinshi imaze ayisohoye mwomenyako yamuguye neza iyo ndirimbo.
Kandi ko umuririmvyi Matabaro Patient nawe atatazwe kuyitega amatwi mu kuyumviriza kwiryo genekerezo aho yashoboye kumenyesha aba fans biwe y’uko ari ubwambere umuririmvyi LOLILO akora indirimbo nziza akamunshimisha mugihe atari bwigere amunshimisha nta rimwe akoze indirimbo kuva agitangura kumumenya no kuzumviriza ariko rero iyiyo yaje idasanzwe yamwemeje cane kandi baramuryoheye.
Kamoja By Lolilo Lizzo