Igihangange m’umuziki w’uburundi umuririmvyi MKOMBOZ aheruka gusohora indirimbo yiwe nshasha yambere yugurura ibikorwa vy’umuziki azokora uno mwaka wose aho yayise MTABILA CAMP kandi yakiranwe igishika cinshi naba fans biwe bararyohewe cane bamaze kuyumva kuko basanzwe ari indirimbo yuzuyemwo amajambo yagahinda yaraboze nkuko ataminsi myinshi irahera ayisohoye.
Umuririmvyi MKOMBOZ arashima ingene indirimbo yise MTABILA CAMP ukuntu yakiriwe hamwe n’ukuntu abantu benshi babandanya bayikunda akavugako amaze kuronka ubutumwa bwinshi bw’abantu baguma bamwandikira bamubarirako yabaryoheye harimwo n’abahavuye bamutumira kuzogenda mugihugu ca AMERICA kuhakorera ibiteramo.
Ivyo bigaca bigaruka muri y’amajambo yaririmvye muri iyo ndirimbo ko Imana yamwandikiye kwozogendayo nk’umuntu atari imunzi mugihe mumyaka yahera yahora aba mukambi Mtabila yo mugihugu ca Tanzania aho abantu bamutwenze kuba yarashoboye kwanka ibipapuro bimujanayo nk’impunzi.
Umuririmvyi MKOMBOZ yashoboye gushira hanze ibanga ryiwe vy’ubuzima bwiwe abarundi n’abarundikazi batari bazi bahora bahumura iyo bumvise indirimbo ziwe nkuko zirimwo amajambo abakora k’umutima mu kuvuga insigura yicatumye aririmbamwo izina NEEMA mundirimbo yiwe nshasha yise MTABILA CAMPA yagize ngo hariho umukobwa bakundanye m’umwaka w’2009 bamara umwaka umwe bari murukundo.
Ariko munyuma m’umwaka w’2011 niho uwo mukobwa yaciye amuhemukira muga yari yaramwemereye ko bazovyarana umwana bakamwita NEEMA kandi niwo mukobwa mubuzima bwiwe yari yarakunze cane gose kurusha abandi bose amaze kuhemukira yarahatswe no kuba umusazi kandi nuwo mukobwa yatumye atangura kunwa inzoga kubera yatanguye gukora umuziki w’uburundi,ntanzoga yanwa.
Ahohose yazinwa kugira ngo amwibagire kandi ninawe yatumye atangura ingeso mbi zogusambana cane n’abandi abakobwa bahuza ibitsina aho yasambana ‘abakobwa barenga umwe k’umunsi muri makeya ngo uwo mukobwa yamubabaje cane gose yatumye akora ibintu bitari bikwiye koyokora mubuzima bwiwe kandi ni nawe yatumye antanirwa ikibazo ca Leta rero Mkomboz aharuye buri ukwezi yambanyana n’abakobwa 50 barenga.
N’ibintu atari bwigere akora m’ubuzima bwiwe ariko yahavuye abikora kubera uwo mukobwa yamuhemukiye m’urukundo ivyovyose vyari ibibazo gusa yacamwo mugihe atari bwashobore gufata ingingo yo guhitamwo kwakira agakiza ka Yesu Kristo nk’umwami n’umukiza w’ubuzima bwiwe mugabo ubu yarazihevye izongeso zose kubwiwe yaramaze guhitamwo gukizwa kandi agendera mugenso nziza zibereyeko.
UMVIRIZA INDIRIMBO Mtabila Camp By Mkomboz