Umuririmvyi vyi SAT-B ari mubihangange bikora umuziki w’uburundi kuryohera abafana biwe haba mugusohora indirimbo za Audio canke Video akaba yashoboye kuva mugacerere inyuma yaho abantu baguma babona ijambo INDOTO yandika kurubuga rwiwe kurukanabumenyi ( FACEBOOK ) abenshi bakibaza igituma arishikiriza bikabasiga ubwenge.
Amakuru agezweho y’umuziki w’uburundi bwacu twashoboye kuronka y’umuririmvyi SAT-B aho yahavuye yikora mugahogo mugushikiriza ibintu yamye arota munzozi ( INDOTO ) yashoboye kuzishira ahabona aradondagura ingene zingana n’ukuntu yazibonye avuga ko zerekeye umuziki w’uburundi mubikorwa awukoramwo akamenyesha y’uko hariho indoto zimwe zimwe amaze kubona akora umuziki w’uburundi bwamwibarutse.
Yamye ashaka ko umunsi umwe azishikako zikaja ahagaragara zikamenyekana mufana biwe ngo gushika ubu aramaze kuzishikako kuko intabwe agezeko m’umuziki w’uburundi ntisanzwe arazishimira ntiyagarukirije ngaho ahubwo yahavuye avuga n’izindi indoto agomba kuzobona zishitse mumaso yiwe nkuko yazivuze mukuzidondagura aho twashoboye kubazanira amajwi ( AUDIO ) yiwe.
Umuririmvyi Sat-B ariko yazivuze yatanguye ngo :“ ni kwakundi tuva tukagera hose dukorera instinzi ntanumwe yigera yipfuza gukora ahomba ni nkuko atanumwe abayeho atikunda.
SAT-B y’abandanije yidondora ashikiriza indoto afise agomba kuzobona zibaye mugihe akora umuziki w’uburundi ngo Ndi umurundi ndi kunda uko ndi ,ndakunda uburundi nka kunda n’abarundi nikobimeze ndakeka ntanumwe muri twebwe abayeho adafise indoto zico ashaka kuba nco nico ashaka gushikako naho benshi tubishikako munzira zitandukanye biciye munzira mbi canke munzira nziza ariko tukama dupfukama dusenga Imana kuduha iherezo ryiza.
Imyaka iragenda iyindi ikagaruka tuva mubihe tuka mubindi ubuto budutegurira ubusaza ariko tweme twibuka ni twagendana ntirihe ragi tuzoba twasigiye abandi ? n’iki tuzoba twakoreye abandi n’iki tuzoba twakoreye igihugu? igihugu catwibarutse ndafise indoto nkuko izari indoro kera kuri je zabaye ukuri,ndafise indoto zo kubona umuririmvyi w’umurundi yubashwe ,ndafise indoto zokubona ama radio presents ,abaririmvyi bose ,abafanzi bose b’umuziki banezererewe ivyamwa vy’ibikorwa vyacu.“
Twobamenyesha y’uko atagarukirije ngaho umuririmvyi SAT-B mugushikiriza indoro zise afise kuzobona zibaye ukuri m’umuziki w’uburundi nkuko mwashoboye kumenya ziwe mundoto ziwe yagiye arashikiriza aho anavuga ngo hariho indoro yarafise kuva kera kwashaka kuzobona m’umuziki akora zibaye ukuri none ubu zaramaze kuba ukuri.
Izo n’indoto za Sat-B ngo afise ashaka kuzobona m’umuziki w’uburundi ,N’ubwo atashimye kuzivuga izondoto ziwe amaze gushikako rero twobabwira mushaka kumenya vyinshi yavuze kwafise INDOTO ntutangwe kumviriza amajwi ( AUDIO ) yiwe twayibazaniye wumvirize neza indoro afise muheze mugire ico muzivuzeko mugushikiriza iciyumviro canyu banywanyi mukunda umuziki w’uburundi n’ibikorwa awukoramwo.
FYONDA AHO WUMVIRIZE Indoto ZA Sat-B AFISE AGOMBA ZIZOBE UKURI M’UMUZIKI W’UBURUNDI