Skip to content
Menu
  • Home
  • NEWS
  • ENTERTAINMENT
  • AUDIO
  • VIDEOS
  • THE PLAYLIST
  • SPORT
  • Radio
Menu

Menya indoto za SAT-B ashaka kuzobona m’umuziki w’uburundi kandi hariho izabaye ukuri

Posted on December 28, 2017December 28, 2017 by admin
Umuririmvyi vyi SAT-B ari mubihangange bikora umuziki w’uburundi kuryohera abafana biwe haba mugusohora indirimbo za Audio canke Video akaba yashoboye kuva mugacerere inyuma yaho abantu baguma babona ijambo INDOTO yandika kurubuga rwiwe kurukanabumenyi ( FACEBOOK ) abenshi bakibaza igituma arishikiriza bikabasiga ubwenge.
 
Amakuru agezweho y’umuziki w’uburundi bwacu twashoboye kuronka y’umuririmvyi SAT-B aho yahavuye yikora mugahogo mugushikiriza ibintu yamye arota munzozi ( INDOTO ) yashoboye kuzishira ahabona aradondagura ingene zingana n’ukuntu yazibonye avuga ko zerekeye umuziki w’uburundi mubikorwa awukoramwo akamenyesha y’uko hariho indoto zimwe zimwe amaze kubona akora umuziki w’uburundi bwamwibarutse.
Yamye ashaka ko umunsi umwe azishikako zikaja ahagaragara zikamenyekana mufana biwe ngo gushika ubu aramaze kuzishikako kuko intabwe agezeko m’umuziki w’uburundi ntisanzwe arazishimira ntiyagarukirije ngaho ahubwo yahavuye avuga n’izindi indoto agomba kuzobona zishitse mumaso yiwe nkuko yazivuze mukuzidondagura aho twashoboye kubazanira amajwi ( AUDIO ) yiwe.
Umuririmvyi Sat-B ariko yazivuze yatanguye ngo :“ ni kwakundi tuva tukagera hose  dukorera instinzi ntanumwe yigera yipfuza gukora ahomba ni nkuko atanumwe abayeho atikunda. 
SAT-B y’abandanije yidondora ashikiriza indoto afise agomba kuzobona zibaye mugihe akora umuziki w’uburundi ngo Ndi umurundi ndi kunda uko ndi ,ndakunda uburundi nka kunda n’abarundi nikobimeze ndakeka ntanumwe muri twebwe abayeho adafise indoto zico ashaka kuba nco nico ashaka gushikako naho benshi tubishikako munzira zitandukanye biciye munzira mbi canke munzira nziza ariko tukama dupfukama dusenga Imana kuduha iherezo ryiza.
 
Imyaka iragenda iyindi ikagaruka tuva mubihe tuka mubindi ubuto budutegurira ubusaza ariko tweme twibuka ni twagendana ntirihe ragi tuzoba twasigiye abandi ? n’iki tuzoba twakoreye abandi n’iki tuzoba twakoreye igihugu? igihugu catwibarutse ndafise indoto nkuko izari indoro kera kuri je zabaye ukuri,ndafise indoto zo kubona umuririmvyi w’umurundi yubashwe ,ndafise indoto zokubona ama radio presents ,abaririmvyi bose ,abafanzi bose b’umuziki banezererewe ivyamwa vy’ibikorwa vyacu.“
Twobamenyesha y’uko atagarukirije ngaho umuririmvyi SAT-B mugushikiriza indoro zise afise kuzobona zibaye ukuri m’umuziki w’uburundi nkuko mwashoboye kumenya ziwe mundoto ziwe yagiye arashikiriza aho anavuga ngo hariho indoro yarafise kuva kera kwashaka kuzobona m’umuziki akora zibaye ukuri none ubu zaramaze kuba ukuri.
 
Izo n’indoto za Sat-B  ngo afise ashaka kuzobona m’umuziki w’uburundi ,N’ubwo atashimye kuzivuga izondoto ziwe amaze gushikako rero twobabwira mushaka kumenya vyinshi yavuze kwafise INDOTO ntutangwe kumviriza amajwi ( AUDIO ) yiwe twayibazaniye wumvirize neza indoro afise muheze mugire ico muzivuzeko mugushikiriza iciyumviro canyu banywanyi mukunda umuziki w’uburundi n’ibikorwa awukoramwo.
FYONDA AHO WUMVIRIZE Indoto ZA Sat-B  AFISE AGOMBA ZIZOBE UKURI M’UMUZIKI W’UBURUNDI

Posted in ENTERTAINMENTTagged SAT-B

Post navigation

LISTEN AUDIO :- Ndabajugumiza By Lacia Bad Gyal
Umviriza THE PLAYLIST MUSIC BDI WEEK 3 aho indirimbo “Feel Love By Sat-B“yafashe ikibanza cambere

Related Post

  • AKES DON na CHRIS & JUNIOR bakoranye indirimbo yambere ya Gospel
  • Abafana biwe SAT-B bamuhamagara umubeshi aguma abafata nka marofa
  • Kubwa BIG FIZZO ubu azokorana n’abastar bo muri East Africa bakomeye
  • Umva LOLILO yavuze ko afise bifu n’inzara nayo BIG FIZZO ntibayifitaniye
  • UMURIRIMVYI JEAN MARIE MUCO ASABABARUNDI BAMUSHIGIKIRE
  • Film KURUBONE niyambare iramamaye mu Burundi bwose n’ibulaya hose
  • Vuba LOLILO azanye video nshasha izobatangaza y’indirimbo KAMOJA
  • Abazaniye VICHOU LOVE indirimbo yakoze na KNOWLESS mu Rwanda
  • Ati biteye isoni AKES DON yakoze COPY y’indirimbo ya BEBE COOL

Leave a Reply Cancel reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

FOLLOW UMUDUNDOWACU.COM

VIDEO PREMIERE

CLICK IMAGE TO WATCH NEW VIDEO | Tungi By T-max Ft Nay Wa Mitego

VIDEO OF THE WEEK

Copyright © 2018 UMUDUNDO WACU | Designed By FRANCK PRO Live