Umuririmvyi LOLILO akora umuziki w’uburundi ugashimwa n’abarundi benshi ubu arashoboye kuvuga ukuri kwiwe kuvuye k’umutima mugihe abantu benshi baziko asanzwe atumvikana n’abaririmvyi bagenzi biwe babiri aribo Umuririmvyi BIG FIZZO hamwe n’umuririmvyi SAT-B aho benshi bakunze kuvugako bose bafitaniye ungwanko ( BIFU ).
Bigatuma umuziki w’uburundi bakora udashobora gutera imbere kuko aribo abaririmvyi bakomeye cane basigaye bakundwa n’abantu benshi kandi ari ibihangange vy’umuziki basabwa n’abarundi ngo bazokore nk’indirimbo imwe barikumwe ngo boba berekanye ko basanzwe ari abagenzi batigera bagiriranirana ungwanko.
Ikinyamakuru canyu UMUDUNDOWACU.COM twama tubarondera amakuru agezweho y’umuziki w’uburundi bwacu n’uko kuno munsi wa gatanu itariki 23/02/2018 ariho umuririmvyi LOLILO yashoboye gukora ikiganiro yishura ibibazo bitandukanye niho yaje kuvuga ko asanzwe akunda cane gose umuririmvyi BIG FIZZO n’umuririmvyi SAT-B kubera ngo bose ni abagenzi biwe b’inkoramutima kandi barikundaniye.
Yabandanije avuga ko uko bimeze kose hamwe ngo hogira ikibazo kibashikira uko ari babiri hama nawe ntigishobore kumushikira kubwiwe akabonako ico kibazo yogishobora kukibakuramwo ntakizobuza ko yo kibatunganiriza bakakivamwo vyanse naho akifatanya nabo umubabaro ni mugihe yarabajije ikibazo kivuga ngo nkubu abonye Big Fizzo cangwe Sat-B bari munzu iriko iraka umuriro bakabura ingene bavayo kubwa Lolilo abona yotangura gukiza nde ?
N’uko umuririmvyi Lolilo yashoboye kwishura ngo ubwa mbere ni abenzi biwe ubwa kabiri ukuntu yobigenzi kugira abakize mu kubakura muri iyo nzu iriko iraka umuriro abonako bose yo barekerayo bagahirayo kubera ngo agize akureyo umwe ubwambere amukize vyoca biboneka nabi imbere y’abantu botangura bakamubarira ko yakumiriye muri makeya yavuze ngo abonye Sat-B na Big Fizzo bariko bahira munzu iriko iraka umuriro abona ko yobarekerayo bose bagahirayo hama nawe agaca abasangayo hama bagapfa bose icarimwe.