Mugihe abaririmvyi b’abarundi bariko barakora kubwinshi mugusohora ama Video ameze neza kandi abereye ijisho muruno mwaka w’2018 kuva igitangura hakaba hamaze gusohora izitarinkeya aho uy’umunsi wa gatandatu itariki 10/02/2018 ariho umurwi w’abaririmvyi BEST LIFE MUSIC washoboye gusohora video yabo nshasha bari bamaze iminsi bamenyesha aba fans babo ko bo yirindirana igishika cinshi mu kuzobaryohera mumasanamu meza bakoreye indirimbo yabo bise HELLO.
Ikaba imaze amasaha arenga atatu igiye ahabona iriko irashimwa n’abantu benshi bakomeje kuraba hariho n’abaririmvyi b’abarundi bashigikiye uwo murwi muri icogikorwa cabo ciza bakoze ca video nshasha yabo banakoreye mugihugu ca UGANDA aho umwe mubihangange vy’abaririmvyi b’abarundi nawe yashoboye kugira ico ayivuzeko nk’iciyumviro ciwe ukuntu yayibonye suwundi ni umuririmvyi SAT-B akaba ngo yaryohewe cane kubona video nshasha y’indirimbo HELLO y’umurwi w’abaririmvyi BEST LIFE MUSIC.
Kandi yanahavuye ashikiriza aba fans biwe uko yashoboye kugenzura ama video yose yozwe y’abarundi uy’umwaka 2018 kuva igitangura n’uko rero umuririmvyi SAT-B yemeje ko video Hello By Best Life Music kwariyo video nziza izubwambere mu kurusha ubwiza izindi video zose zagiye zirasohoka uno mwaka guhera m’ukwezi kwa mbere gushika kuno kwezi turimwo kwa kabiri yashimye kuvuga kwariyo video nziza ntayindi yoza iyisumba aho abwira abantu bose nabo bayirabe.
Sat-B yabandanije abamenyesha aba fans biwe ngo nta rubanza anciye kuba yashimye kubabwira ko umurwi w’abaririmvyi BEST LIFE MUSIC kwariwo wakoze video nziza kuva dutangura 2018 kandi niyo yabonye ubwambere mumaso yiwe kwikoze neza muma video yose yagiye arasohoka arabibutsa ko adashatse guca urubanza mu kubahuka mu kwemeza ijana kw’ijana ko Video y’indirimbo HELLO By Best Music Life niyo nziza isumba zose zasohotse guhera mu kwambere gushika kur’ukwezi kwa kabiri.
Turangize tubamenyesha ko umurwi w’abaririmvyi BEST LIFE MUSIC hamwe n’umuririmvyi SAT-B bahora basangira umuntu abafasha mugutunganya ibikorwa vyabo vy’umuziki ariwo MANAGEUR nkuko babishikiriza bakavugako yitwa KENT-P asanzwe ari n’umuhinyanyuzi wama Video y’abaririmvyi b’ababarundi aho yigeze kwamamara mumyaka itatu iheze kuko yanakoze video nziza zitandukanye harimwo niz’ibihangange vy’umuziki w’uburundi.
FYONDA AHO URABE NAWE , VIDEO NSHASHA Y’INDIRIMBO |Hello By Best Life Music