Skip to content
Menu
  • Home
  • NEWS
  • ENTERTAINMENT
  • AUDIO
  • VIDEOS
  • THE PLAYLIST
  • SPORT
  • Radio
Menu

Kubwa BIG FIZZO ubu azokorana n’abastar bo muri East Africa bakomeye

Posted on April 19, 2018April 19, 2018 by admin
Umuririmvyi BIG FIZZO asanzwe akomaye cane gose mugihugu c’uburundi mu gukora indirimbo ziryohera abarundi benshi nkuko abivuga ko amaze imyaka 15 akora umuziki w’uburundi  ngo yatanguye kwanza kwimenyekanisha mu ntara zose z’uburundi kugira abantu baho bamumenye uwariwe mu gukora indirimbo zikabarwa neza abazumviriza niyo ntango yiwe yo gutangura kumenyekana kw’izina ryiwe nka BIG FIZZO.
Big Fizzo yavuze ngo muri iyo myaka yose nico gikorwa yabanje gushira mungiro imbere y’uko atandukira mubihugu bigize akarere ka Africa y’ubuseruko ( EAST AFRICA ) mu kugira atangura nahonyene kwimenyekanisha abicishije mundirimbo ziwe afadikanije n’abastar baho kandi bakomakomeye muvy’umuziki bageze kurwego rukomeye  ikindi arashimira cane bivuye kumutima umustar I.T.D yiyumviriye akamushira mundirimbo yise KATIKA kuko yatumye abatanzania bamenya izina BIG FIZZO uwariwe

 
Ngo indirimbo yatanguye gukora ubwambere igatuma amenyekana cane gose ndetse no mugihugu kibanyi c’urwanda bagashobora kumumenya ngo ni indirimbo yise NIWANYEMERA yaratumye amenyekana cane gose mu Burundi hamwe no mu Rwanda barayikunze abatari bakeya yarabandanije akora umuziki munyuma niho yaja mugihugu ca Kenya kuhakorera indirimbo zaratumye akomeza kumenyekana harimwo iyo yakoranye n’umuririmvyi KIDUM.
Kubuhinga twama dukoresha kukinyamakuru UMUDUNDOWACU.COM n’uko ubwiwe umuririmvyi BIG FIZZO amenyesha ko muruno mwaka afise umugambi wo kwagura imbibe z’umuziki wiwe akawushikana kure aho yavuze ko agomba gutangura gukorana indirimbo ziwe arikumwe n’abastar bakomeye bo mubihugu vya East Africa nka RWANDA , TANZANIA , UGANDA  atibagiye na R.D.CONGO  ivyo akaba yabivugiye mu kiganiro yatanze kw’iradiyo na Tv ikorera mugihugu ca Kenya.

RABA NGAHA INDIRIMBO YA T.I.D YAKORANYE N’UMURIRIMVYI Big Fizzo 

Posted in ENTERTAINMENTTagged BIG FIZZO

Post navigation

Umva LOLILO yavuze ko afise bifu n’inzara nayo BIG FIZZO ntibayifitaniye
Umuziki ugumye umuteza imbere KID MAGIC azonsinyishwa na SADEBU

Related Post

  • AKES DON na CHRIS & JUNIOR bakoranye indirimbo yambere ya Gospel
  • Abafana biwe SAT-B bamuhamagara umubeshi aguma abafata nka marofa
  • Umva LOLILO yavuze ko afise bifu n’inzara nayo BIG FIZZO ntibayifitaniye
  • UMURIRIMVYI JEAN MARIE MUCO ASABABARUNDI BAMUSHIGIKIRE
  • Film KURUBONE niyambare iramamaye mu Burundi bwose n’ibulaya hose
  • Vuba LOLILO azanye video nshasha izobatangaza y’indirimbo KAMOJA
  • Abazaniye VICHOU LOVE indirimbo yakoze na KNOWLESS mu Rwanda
  • Ati biteye isoni AKES DON yakoze COPY y’indirimbo ya BEBE COOL
  • SAT-B yakoze indirimbo nshasha menya izina ryumutanzania bayikoranye

Leave a Reply Cancel reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

FOLLOW UMUDUNDOWACU.COM

VIDEO PREMIERE

CLICK IMAGE TO WATCH NEW VIDEO | Tungi By T-max Ft Nay Wa Mitego

VIDEO OF THE WEEK

Copyright © 2018 UMUDUNDO WACU | Designed By FRANCK PRO Live