Umuririmvyi BIG FIZZO asanzwe akomaye cane gose mugihugu c’uburundi mu gukora indirimbo ziryohera abarundi benshi nkuko abivuga ko amaze imyaka 15 akora umuziki w’uburundi ngo yatanguye kwanza kwimenyekanisha mu ntara zose z’uburundi kugira abantu baho bamumenye uwariwe mu gukora indirimbo zikabarwa neza abazumviriza niyo ntango yiwe yo gutangura kumenyekana kw’izina ryiwe nka BIG FIZZO.
Big Fizzo yavuze ngo muri iyo myaka yose nico gikorwa yabanje gushira mungiro imbere y’uko atandukira mubihugu bigize akarere ka Africa y’ubuseruko ( EAST AFRICA ) mu kugira atangura nahonyene kwimenyekanisha abicishije mundirimbo ziwe afadikanije n’abastar baho kandi bakomakomeye muvy’umuziki bageze kurwego rukomeye ikindi arashimira cane bivuye kumutima umustar I.T.D yiyumviriye akamushira mundirimbo yise KATIKA kuko yatumye abatanzania bamenya izina BIG FIZZO uwariwe
Ngo indirimbo yatanguye gukora ubwambere igatuma amenyekana cane gose ndetse no mugihugu kibanyi c’urwanda bagashobora kumumenya ngo ni indirimbo yise NIWANYEMERA yaratumye amenyekana cane gose mu Burundi hamwe no mu Rwanda barayikunze abatari bakeya yarabandanije akora umuziki munyuma niho yaja mugihugu ca Kenya kuhakorera indirimbo zaratumye akomeza kumenyekana harimwo iyo yakoranye n’umuririmvyi KIDUM.
Kubuhinga twama dukoresha kukinyamakuru UMUDUNDOWACU.COM n’uko ubwiwe umuririmvyi BIG FIZZO amenyesha ko muruno mwaka afise umugambi wo kwagura imbibe z’umuziki wiwe akawushikana kure aho yavuze ko agomba gutangura gukorana indirimbo ziwe arikumwe n’abastar bakomeye bo mubihugu vya East Africa nka RWANDA , TANZANIA , UGANDA atibagiye na R.D.CONGO ivyo akaba yabivugiye mu kiganiro yatanze kw’iradiyo na Tv ikorera mugihugu ca Kenya.
RABA NGAHA INDIRIMBO YA T.I.D YAKORANYE N’UMURIRIMVYI Big Fizzo