Skip to content
Menu
  • Home
  • NEWS
  • ENTERTAINMENT
  • AUDIO
  • VIDEOS
  • THE PLAYLIST
  • SPORT
  • Radio
Menu

KONZI:NTA MURIRIMVYI AZOSUBIRA KUJA GUFATIRA AMASANAMU YIWE HANZE Y’IGIHUGU

Posted on January 29, 2018January 29, 2018 by Idriss Simbizi

Abaririmvyi benshi iyo batanguye canke basozereye umwaka barakunda gushira kumugaragaro ibikorwa vyabo bisozera bikanatangura umwaka canke bitangura umwaka.

Nkuko bimaze kwigaragaza ubu umuziki Ndundi ugeze aho usa n uwagiyemwo akariro kuko habaye amarushanwa atandukanye aho abaririmvyi benshi bijukiye gukora ibintu vyiza gusumba abandi.Aho novuga na cane cane kuvyerekeye ivyo gutunganya amasanamu.

Sat B na Feel love

Tugarutse kuri ino ndirimbo ya Sat B  nivyo biraboneka ko ari indirimbo ikozwe neza kandi ikoranye ubuhinga ndetse n’ibikoresho bakoresheje n ibikoresho bigezweho, ikintu duca twibaza mbega ko amakuru Sat B yashoboye gutanga ko amasanamu yino ndiribo yoba yamutwayeamafaranga yababa imirioni mirongo ibiri n umunani z’amarundi(28 000 000BIF) ntihoba harimwo n’ukutamenya.

Sat B ariko atuganya amasanamu ya Fell Love
Sat B ariko atuganya amasanamu ya Fell Love

Tugerageje kwihweza amashusho yiyo ndirimbo biragaragara ko haba ukugene ikoze ndetse n’ibibanza bakoreyemwo vyose tubifise ngaha mugihugu iwacu, wanashaka na vyiza gusumba

*akarorero: – Amatete arahari

– Indege zirahari (kandi zikora  apana ibiporoporo)

– Abakobwa beza baruzuye

– Ikibuga ciza ca Golf, imiduga myiza n’ibindi vyinshi……

Tugaca twibaza duti :”Ni kuki ayo mafaranga atayegeranije gutyo akayaha abarundi bagenziwe bakamukorera amasanamu ndetse anasumba arya bamukoreye?” Abakunzi benshi bikinyamakuru canyu umudundowacu.com badusavye tubatohereze kumpamvu Abaririmvyi batari bake bijukiye kuja gufatira amasanamu hanze y’igihugu ico baba bagiye kurondera nikwo guca tugerageza kunyengetera haba murabo baririmvyi nyene twasanze inyishu bose bahurizako Ari ukwagura akarere Mugukorana n’abahinyanyuzi bazwi. Ikibazo duca twibaza n’iki:”KUKI TWAGURA AKARERE TUTARATUNGANYA NEZA AKARERE KIWACU?”  Tugaca twibaza kandi duti:”KOKO MUBURUNDI TURAGERA KO TWAGURA AKARERE CANKE TUBANZA KWIYUBAKA NATWE TUKAJA MWIHIGANWA N’AKARERE, CANKE MUKWAGURA AKARERE DUCA TUJA GUKORESHEREZA IBIKORWA VYACU MUBO TURI KUMWE MUMAHIGANWA?” 

Indirimbo Alima ya Masterland yose yakorewe mu Burundi n’abahinyanyuzi b’abarundi

Turamaze kubona ko Mu Burundi iyo hariho Amafaranga akwiye ko dufise abahinyanyuzi bakora bigashimwa kandi ukanasanga n’amafaranga bakoresheje si menshi nkayo y’abahinyanyuzi bakorera mubihugu umuziki wabo wateye imbere. None ni kuki tutokwizera Abahinyanyuzi bacu natwe tukubahuka tugashira inguvu hamwe kugira twubake abacu n’umuziki wiwacu?

Kuki abimenyeshamakuru bitokwunga urunani bagaha agaciro abikorwa bikorwa n’abarundi gutyo natwe tukaronka abahinyanyuzi ndetse n’abaririmvyi bakomeye?

Kuki tutotahura ko Dushoboye, ko ikibazo dufise tutiyemera, tutemera impano dufise, turekane no kwama turota twamana imigambi ha guhaguruka ngo ivyo twiyumvira tubishire mungiro.

Tumara umwanya munini twicaye, dusinziriye twipfuza Ivyabandi biyubakiye ha guhaguruka ngo dukore twiyubakire ivyiwacu.

Banyamakuru, baririvyi namwe bakunzi b’umuziki twizere ko Umwaka wa 2018 uzotubera umwaka wo gukura amaboko mu mpuzu no kwizera Abana bi muhira kuko namba wipfuza gutera imbere banza wemere iwanyu uko hari kwose ubona atari heza s’uguca uhimuka ahubwo hubake uko uvyipfuza.

 

Simbizi

Konzi ya Big Fizzo  yakorewe mu Burundi n’umuhinyanyuzi w’umurundi

Posted in NEWS, Umudundo WacuTagged Fell Love, Konzi, MASTERLAND, SAT-B

Post navigation

THE CHERIF PRO ati ntibamuhaye agaciro BIG FIZZO muri Video KONZI irimwo amakosa nta script ifise
Yamenye ibanga TYLO SIXER ngo SAT-B n’umusuma karuhariwe yamwivye indirimbo FEEL LOVE

Related Post

  • IGITERAMO CAKATARABONEKA INYANZA LAC MWATEGURIWE NA NDAYISABA MAGNIFIQUE
  • JEAN MARIE MUCO AHEJEJE GUSHIRAHABONA AMASANAMU ABEREYIZISHO YINDIRIMBO IBITANGAZA
  • LISTEN AUDIO: NI TEKE BY MR REYZ NINDIRIMBO IRYOHEYE UGUTWI
  • NEW VIDEO MUMUTUZO BY JADO EGO COMMING SOON
  • Jean Marie Muco ASOHOYE AMASANAMU YINDIRIMBO YIWE TUWE MACHO ABENSHI NTIBAHAYE BEMERAKO YAYIKOREYE MUBURUNDI
  • Imana ikomeje guhamagara AKES DON ayikorere arekane n’indirimbo z’isi
  • Umuziki ugumye umuteza imbere KID MAGIC azonsinyishwa na SADEBU
  • Concert yakataraboneka
    CONCERT MWATEGURIWE NA J.SAMSON
  • Jean Marie Muco abandanya aterintambwe m’umuziki w’uburundi

3 thoughts on “KONZI:NTA MURIRIMVYI AZOSUBIRA KUJA GUFATIRA AMASANAMU YIWE HANZE Y’IGIHUGU”

  1. ommydoo says:
    January 29, 2018 at 5:00 pm

    Ubundi nabunvirij nsanga mwaharuy vyinshi mufise kandi vyose biri mwirya video ariko hariho kimwe mwibagiy mubura kandi ninaco catumy sat b akwepa.aba director bongaha kuko nta ideal bafise novyita.niinkubweng bwogufata yamatete navyabidege mwadondagura vyosee bakabiteranya bikavamwo ikintu ciza nkakirya burya ABA promoters ntimwibaz kumUziki wubu arinkumwe wakera wama audio umuzik wubu ni video zubwenge nkakarro uze ubaze ati kur MTV Africa kugira indirimbo bayrekane bisaba iki? Uzosanga.ata video nimwe yacu ikwij ibisabwa ntaniyigez ibaho niyo mpanvu tubonye umuririnvy wacu agize ibintu bitigeze bikorwa nabandi twomu courage namwe ba promoters mutaz ivyo mukora nukuraba neza mbe harya muratanga ikori mur OBR?

    Reply
    1. Idriss Simbizi says:
      January 29, 2018 at 6:17 pm

      gucisha indirimbo mtv uratanga amahera ukagura umwanya, hama tworiha ikori gute amafranga abariirimvyi bayariha abanyamahanga ba za Mtv nyene.

      Reply
  2. kivo says:
    February 8, 2018 at 1:52 pm

    nibaza ko mutazi kuraba amasanamu murihweza neza . kuvyukuri vlip ya fizzo ikoze neza muga nkumuntu ntivuze nashaka mbamenyeshe ko uwakoze ayo masanamu yari kwiyondera cane ibijanye na temperature yayo kuko uva mwijoro ukaja kumurango ayo ma sanamu ari muma color atandukanye mufayire akarorero kundirimbo zindi zijoro numurango muga nibaza ko arintango ivyiza birimbere

    Reply

Leave a Reply Cancel reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

FOLLOW UMUDUNDOWACU.COM

VIDEO PREMIERE

CLICK IMAGE TO WATCH NEW VIDEO | Tungi By T-max Ft Nay Wa Mitego

VIDEO OF THE WEEK

Copyright © 2018 UMUDUNDO WACU | Designed By FRANCK PRO Live