Ntibikiri ibibanga n’ukuri kuzuye afise Studio yiwe bwite ni inyuma yaho hamenyekanye ko igihangange c’umuziki w’uburundi rurangiranwa umuririmvyi BIG FIZZO kwagiye kugurura Studio yiwe nshasha yitwa BANTU BWOY RECORDS muguteza imbere ingabirano z’abaririmvyi batoya biwe kuko agomba kubateza imbere mubikorwa vyabo.
Nkuko icivugo ciyo studio yiwe kivyerekana mubwinjiro bw’umuryango aho abantu benshi bagumye batubaza ahantu yoba iherere n’uko mubushakashatsi twashoboye gukora mu kubandanya tubarondera ay’amakuru yabaguye neza n’uko ibarizwa mugisagara ca Bujumbura niku MUTANGA ngo vuba iratangura gukora nyezina ukuri kwamye ikindi akomeza Big Fizzo arondera ibikoresho bigezweho bizokoreshwamwo.
Umuririmvyi Big Fizzo akunze kuryohera abanywanyi benshi b’umuziki w’uburundi harimwo naba fans biwe kuvaho abamenyesheje kwagiye kugurura Studio nshasha akayiha izina rya BANTU BWOY RECORDS yo guhinyanyura indirimbo z’abaririmvyi bafise ingabiro bongera batera imbere m’umuziki wabo bakora w’uburundi.
Big Fizzo amaze kumenyesha kwafise Studio nshasha yaciye arondera umuhinyanyuzi afise ubuhinga bwakaruhawe mukuzoyihanyura izondirimbo zabo kugira zizobe zifise akanovera karyoshe twobamenyesha ko yashoboye gushira k’umugaragaro izina ry’umuhinyanyuzi agiye kuzokora muri Studio yiwe nshasha BANTU BWOY RECORDS kuko yamaze kumuronka.
Kandi yamuhisemwo kumuzokoresha yanamuhaye ikaze ngo ni umuhinyanyuzi azwi kw’izina rya KOLLY THE MAGIC niwe azobariko arayikoreramwo n’iyatangura ibikorwa muminsi yavuba mugihe abaririmvyi batandukanye bafise ingabirano zokuririmba bazoba bashaka gukora indirimbo muriyo studio azoziyihinyanyura vyagaragaye neza ko Big Fizzo yavyishimye cane gose kuba agiye kuzokoresha uwo muhinyanyuzi.
Aho yabigaragaje amubarira ngo ahawe ikaze kuza mumuryango wa BANTU BWOY RECORDS tubibutse ko umuhinyanyuzi KOLLY THE MAGIC yahora akora muri Studio INGO RECORDS yarije itavyorosha muguhinyanyura indirimbo ziryoshe z’abaririmvyi b’abarundi harimwo n’ibihangange kandi niwe yahinyanyuye indirimbo KONZI ya Big Fizzo yakunzwe cane m’umwaka uheze wa 2017 kuguza ubu.
UMVIRIZA NGAHA INDIRIMBO Konzi By Big Fizzo