Itariki 02/03/2018 niho yashika mugihugu c’uburundi nca mwibarutse ni umuririmvyi KIDUM yarashoboye gutanga ikiganiro kubamenyeshamakuru hamwe n’abanditsi b’umuziki w’uburundi akaba yarashoboye kuvuga ukuntu abona umuziki w’uburundi uko isigaye wifashe mw’iterambere ryawo yarongeye kandi aragaruka ku baririmvyi babiri bamaze iminsi bakora ibiteramo bitandukanye mugisagara ca Bujumbura muruno mwaka w’2018.
Sabandi ni umuririmvyi SAT-B hamwe n’umuririmvyi BIG FIZZO yaravuze uko basigaye buzuza abantu benshi cane gose mu kwitabira ibiteramo babakoze bakavyitavyitabira kubwinshi ugasanga ikibanza bakoreyemwo bacuzuye nkuko umuririmvyi KIDUM ari igihangange muvy’umuziki w’uburundi hamwe na East Africa yaravuze ko wewe yamaze kwisazira afise imyaka 43 niyatinye kuvuga ko umuziki ukorwa n’urwaruka rwonyene kuko ngo abatama suwabo.
Agitangura gutanga ikiganiro ijambo ryambere yavuze ko umuziki w’uburundi uracafise urugendo rurerure kugira utere imbere kuko kubwiwe abona ko utarashobora gutera imbere naho umuririmvyi SAT-B hamwe n’umuririmvyi BIG FIZZO basigaye buzuza abantu muma concert bagiye barakora kandi aravyemera ko abo baririmvyi buzuza abantu benshi ntiyigeze avyanka cangwe abiharire yaravyemeje ijana kw’ijana.
Umuririmvyi KIDUM yarasobanuye uko avyiyumvira kubona umuririmvyi SAT-B hamwe n’umuririmvyi BIG FIZZO basigaye buzuza ama concert yagize ati umuziki w’uburundi uracafise urugendo rurerure kuzuza ama Concert ni bisigura ko umuziki w’uburundi wateye imbere iba ari intango yisafari SAT-B , FARIOUZ basigaye buzuza sidavyanse ariko bashobora kuba buzuza hano ata sono ihari ,bashobora kuba buzuza ata produim yakijambere ihari ,bashobora kuba buzuza at’agaciro amashirahamwe yongaha abaha ,bashobora kuba buzuza ama bifu hagati yabo naba journaliste ahari.