Vyatanguye gukomera inyuma yaho umuririmvyi BIG FIZZO yaramaze iminsi amenyesha aba fans biwe ko vuba azoshobora gusohora Video yiwe nshasha y’indirimbo KONZI bagaca bayirindirana igishika cinshi nkuko yari yarabahaye isango ryo kuruwu w’Imana uheze itariki 28/01/2018 kwariho azoshobora kuyisohora k’umugaragaro batangure kuyiraba.
Big Fizzo akaba yaraye abikoze aho yayisohoye ikaba yakiriwe neza cane gose n’abantu benshi bayiravye nubu bakibandanya kuyiraba bavugako ari Video nziza iteye igomwe kuko yayikoze neza cane ngo barabonako yaje atavyorosha m’umuziki w’uburundi akora ubu mugisagara ca Bujumbura n’ayandi amakuru bayaga atari ukubwirana ko Video nshasha y’indirimbo KONZI yamaze gusohoka.

Kugira abatarayibona bashobore kuyiraba muraziko ikinyamakuru canyu UMUDUNDOWACU.COM tugerageza kubaronderera amakuru agezweho mwa binobihe turimwo yerekeye umuziki w’uburundi bwacu n’uko kuruno munsi mumasaha yigitondo yitereye imbere niho hashoboye kuboneka amakuru y’umuririmvyi SAT-B bariko baramwiyamiriza cane gose.
Ngo ariko arangwanya igikorwa ca mugenzi wiwe ariwe umuririmvyi BIG FIZZO kubera ngo ntiyashimishijwe nisohoka rya Video yiwe y’indirimbo KONZI bikaba bitaguye neza abantu bashoboye kubisoma kurubuga ngurukana bumenyi rukunze guhuriramwo aba fans batandukanye b’abaririmvyi hakaba habonetse ko umuririmvyi SAT-B.
Yoba ariko arabwira aba fans biwe ko bofata iyo video KONZI y’umuririmvyi BIG FIZZO bakayitereshaja bagaca bayikwiragiza kumbugangurukana bumenyi basanzwe bakoresha bimaze kubuko niho aba fans ba Big Fizzo baciye barifyura muguca bahagarika ico gikorwa cagomba gukorwa bagaca bamwiyamiriza Sat-B kwivyo agomba gukora atari vyiza.
Haciye akanya niho Umuririmvyi SAT-B yavuzeko ivyo bariko barabona kwatariwe yabikoze ahubwo ngo ni abantu bashaka kumufyoza bariko barakora uko bashoboye kugira bamuteranye namugenziwe umuririmvyi Big Fizzo nawe niyavyakiriye neza amaze kubibona yababwiye ngo iyo numero yavyanditse siyawanje kandi sindayizi.
IRABIRE NAWE VIDEO Konzi By Big Fizzo
Aho hose ishavu ryaniga k’umuririmvyi SAT-B ntiyavyihanganiye yabandanye abashimira abo bantu bakoze ivyo bintu vyo gushobora kuvugako ariwe ashaka gusubiza inyuma igikorwa gishasha kirekuwe ca Video KONZI ya Big Fizzo.
Yagiriyeko abashimira bimwe bivuye k’umutima yongera abasabira impembo ivuye ku Mana kandi ibibahembere n’ibikorwa vyabo bakora vyigushaka kumufyoza nkuko yavyanditse ubwiwe kurubuga ngurukanabumenyi rwa WHATSAPP bisome ngaho kuriyo foto mubona.
Boponda Boreka Generaux Aguma Ar Mkubwa Fizzo Endelea Na Mstalini