Skip to content
Menu
  • Home
  • NEWS
  • ENTERTAINMENT
  • AUDIO
  • VIDEOS
  • THE PLAYLIST
  • SPORT
  • Radio
Menu

Ishavu rimumaze SAT-B ngo bariko bamutyonza kubera video | KONZI

Posted on January 29, 2018January 29, 2018 by admin
Vyatanguye gukomera inyuma yaho umuririmvyi BIG FIZZO yaramaze iminsi amenyesha aba fans biwe ko vuba azoshobora gusohora Video yiwe nshasha y’indirimbo KONZI bagaca bayirindirana igishika cinshi nkuko yari yarabahaye isango ryo kuruwu w’Imana uheze itariki 28/01/2018 kwariho azoshobora kuyisohora k’umugaragaro batangure kuyiraba.
 
Big Fizzo akaba yaraye abikoze aho yayisohoye ikaba yakiriwe neza cane gose n’abantu benshi bayiravye nubu bakibandanya kuyiraba bavugako ari Video nziza iteye igomwe kuko yayikoze neza cane ngo barabonako yaje atavyorosha m’umuziki w’uburundi akora ubu mugisagara ca Bujumbura n’ayandi amakuru bayaga atari ukubwirana ko Video nshasha y’indirimbo KONZI yamaze gusohoka.
Kugira abatarayibona bashobore kuyiraba muraziko ikinyamakuru canyu UMUDUNDOWACU.COM tugerageza kubaronderera amakuru agezweho mwa binobihe turimwo yerekeye umuziki w’uburundi bwacu n’uko kuruno munsi mumasaha yigitondo yitereye imbere niho hashoboye kuboneka amakuru y’umuririmvyi SAT-B bariko baramwiyamiriza cane gose.
 
Ngo ariko arangwanya igikorwa ca mugenzi wiwe ariwe umuririmvyi BIG FIZZO kubera ngo ntiyashimishijwe nisohoka rya Video yiwe y’indirimbo KONZI bikaba bitaguye neza abantu bashoboye kubisoma kurubuga ngurukana bumenyi rukunze guhuriramwo aba fans batandukanye b’abaririmvyi hakaba habonetse ko umuririmvyi SAT-B.
Yoba ariko arabwira aba fans biwe ko bofata iyo video KONZI y’umuririmvyi BIG FIZZO bakayitereshaja bagaca bayikwiragiza kumbugangurukana bumenyi basanzwe bakoresha bimaze kubuko niho aba fans ba Big Fizzo baciye barifyura muguca bahagarika ico gikorwa cagomba gukorwa bagaca bamwiyamiriza Sat-B kwivyo agomba gukora atari vyiza.
 
Haciye akanya niho Umuririmvyi SAT-B yavuzeko ivyo bariko barabona kwatariwe yabikoze ahubwo ngo ni abantu bashaka kumufyoza bariko barakora uko bashoboye kugira bamuteranye namugenziwe umuririmvyi Big Fizzo nawe niyavyakiriye neza amaze kubibona yababwiye ngo iyo numero yavyanditse siyawanje kandi sindayizi.

IRABIRE NAWE VIDEO Konzi By Big Fizzo 

 
Aho hose ishavu ryaniga k’umuririmvyi SAT-B ntiyavyihanganiye yabandanye abashimira abo bantu bakoze ivyo bintu vyo gushobora kuvugako ariwe ashaka gusubiza inyuma igikorwa gishasha kirekuwe ca Video KONZI ya Big Fizzo.
 
Yagiriyeko abashimira bimwe bivuye k’umutima yongera abasabira impembo ivuye ku Mana kandi ibibahembere n’ibikorwa vyabo bakora vyigushaka kumufyoza nkuko yavyanditse ubwiwe kurubuga ngurukanabumenyi rwa WHATSAPP bisome ngaho kuriyo foto mubona.

Posted in ENTERTAINMENTTagged BIG FIZZO

Post navigation

WATCH VIDEO | Konzi By Big Fizzo
THE CHERIF PRO ati ntibamuhaye agaciro BIG FIZZO muri Video KONZI irimwo amakosa nta script ifise

Related Post

  • AKES DON na CHRIS & JUNIOR bakoranye indirimbo yambere ya Gospel
  • Abafana biwe SAT-B bamuhamagara umubeshi aguma abafata nka marofa
  • Kubwa BIG FIZZO ubu azokorana n’abastar bo muri East Africa bakomeye
  • Umva LOLILO yavuze ko afise bifu n’inzara nayo BIG FIZZO ntibayifitaniye
  • UMURIRIMVYI JEAN MARIE MUCO ASABABARUNDI BAMUSHIGIKIRE
  • Film KURUBONE niyambare iramamaye mu Burundi bwose n’ibulaya hose
  • Vuba LOLILO azanye video nshasha izobatangaza y’indirimbo KAMOJA
  • Abazaniye VICHOU LOVE indirimbo yakoze na KNOWLESS mu Rwanda
  • Ati biteye isoni AKES DON yakoze COPY y’indirimbo ya BEBE COOL

1 thought on “Ishavu rimumaze SAT-B ngo bariko bamutyonza kubera video | KONZI”

  1. Edouard Masabo says:
    January 29, 2018 at 3:11 pm

    Boponda Boreka Generaux Aguma Ar Mkubwa Fizzo Endelea Na Mstalini

    Reply

Leave a Reply Cancel reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

FOLLOW UMUDUNDOWACU.COM

VIDEO PREMIERE

CLICK IMAGE TO WATCH NEW VIDEO | Tungi By T-max Ft Nay Wa Mitego

VIDEO OF THE WEEK

Copyright © 2018 UMUDUNDO WACU | Designed By FRANCK PRO Live