Inyuma yuko umuririmvyi wa Gospel Akaba n’umwe mu basanzwe bahinyanyura indirimbo muri imwe mu ma studio ari mu gisagara ca Bujumbura akoreye post asaba ko akeneye umukobwa yiyumva ko afise impano yo gukora Rap, DanceHall hamwe na Ragga ikinyamakuru canyu cahisemwo guhiga umuririmvyi akaba n’umuhinyanyuzi Gedeon NAHISHAKIYE azwi kwizina rya GN LFLS kugira tumubaze ivyerekeye urwo rwandiko yashize kumugaragaro rusa n urugaragaza akamubakiye muri we aho mu majambo avunaguye yatwishuye ati

“NDABABAZWA NO KUBONA ABAKOBWA BASA N’ABIKUMIRA MUGIHE NABONE BAFISE IMPANO BASHOBORA GUKAMISHA MU MIBEREHO YABO” akanongera avuga ati ” SINDATAHURA IMPAMVU MU BITERAMO BITANDUKANYE MAZE KUJA KURABA AHO UZOSANGA UMUKOBWA ARIRIMBA RAP CANKE RAGGA ARI NAVYO VYATUMYE NITANGA NIKORE KU NGABIRE IMANA YAMPAYE NPFUME NDONDERA UWO NFASHA BASI MU KUMUKORERA INDIRIMBO” Aho twaciye dusa n’abamuvunira akagohe ko abigeme boba babitegwa nuko bumva ko umuziki mu Burundi ufatwa nk’igitutsi na rirya benshi bawidogera ko ataco ubamariye kuri GN wewe suko abibona yatwishuye ati:” UMUZIKI WO MU BURUNDI URASHOBORA KUGIRA ICO UMARIYE ABAWUKORA MU GIHE HOBONETSE ABANTU BATAHURA URUDANDAZWA RW’UMUZIKI.” aho yashatse kudoma urutoki ABAGWIZATUNGA n’abantu bazi URUDANDAZWA RW’IMPANO. Uko yabidusiguriye ABAGWIZATUNGA yabagereranije nabo twokwita ABASPONSOR aho abazi URUDANDAZWA RW’IMPANO yabagereranije nabo twokwita ABAMANAGER. Aho yanashoboye kuvunira akagohe abandi baririmvyi ko bomenya gutandukanya UMUSPONSOR haamwe n’UMUMANAGER kuko benshi baravyitiranya ari nayo mpamvu umuziki wacu ataho uva canke ngo ugere kuko Umu Manager niwe ajejwe gutunganya ibikorwa vy’umuririmvyi haba mu kumuronderera amasoko, gahunda zo gusohora indirimbo n’ibindi nko mu kumuronderera amasoko, ibiteramo hama umu Sponsor nawe akaba azana imitahe ikora kugira gahunda z’umuririmvyi zigende neza, akaba yanatwemereye ko umwaka wa 2018 munzu asanzwe atunganyirizamwo indirimbo ko agiye kwitunganya neza kuburyo abarimvyi bazokorana amasezerano azogerageza kubereka inzira nziza kugira umuziki ndundi ushike kurwego rwotuma umuririmvyi abeshwaho n umwuga wiwe ari naho yaboneye akaryo ko gukebura cane cane abakobwa ko BOBOMORA IGIHOME KIBAZIBIYE KIBEREKA KO UBUZIMA BWABO BUGARUKIRA KURI MARIAGE KO BASHOBORA NO GUKORESHA IMPANO ZABO ZIKABATUNGA AHO WEWE YAFATIYE AKARORERO KUMUZIKI KO WOBATUNGA BAKIBESHAHO BAKANABESHAHO N IMIRYANGO YABO.
Simbizi