Skip to content
Menu
  • Home
  • NEWS
  • ENTERTAINMENT
  • AUDIO
  • VIDEOS
  • THE PLAYLIST
  • SPORT
  • Radio
Menu

INGO MUSIC KU MYUGARIRO

Posted on January 15, 2018January 15, 2018 by Idriss Simbizi

Hari abatangura umwaka neza, hari abasozera umwaka neza nabandi kenshi bivanye na kahise kimpitakivi ugasanga ntibashoboye gutahura ibiri muri kubu ka hafi.

Mu buzima, umuntu umenya ko yateye imbere iyo umwanya wiwe wahora umuronkako utanguye kugabanuka muri ico gihe aba yafatiriwe n’imirimo myinshi kuburyo n’umwanya wo kuruhuka umubera muto gutyo agaca abura akiha imirimo gusumba incuti n’abagenzi. Ariko ivyo ntibishikira bose ahubwo rimwe rimwe bisa n’ibitandukanye nkuko twabibwiwe n’umuririmvyi azwi kw’izina rya Euphraim aho twamusanze yicurikiriye arindiriye Umuhinyanyuzi yamutunganirije indirimbo yiwe avuga ko imaze amezi arenga atatu batarayirangiza.

Eupfraim imbere ya Studio Ingo Music arindiriye Kolly
Euphraim imbere ya Studio Ingo Music arindiriye Kolly

Tumubajije icabiteye yatwishuye ati:” BIRABABAJE CANE KUBONA UMURIRIMVYI AFATWA NABI KANDI ABA YARISHE AMAFRANGA YIWE, UBU MAZE AMEZI ATATU NIRIRWA NTONDA KURI STUDIO NKUKO UMENGO NDAHAHEMBERWA” Aca abanda anidogera cane Uburongozi bwa INGO MUSIC ko budakora hisunzwe amategeko kuko burya murudandazwa abakiriya bose barangana uti: “Nta kuntu hamaze gusohoka indirimbo zabaririmvyi benshi usanga bazwi kandi baje inyuma yanje” aho yanongeye asa n’uwutubaza ikibazo catugoye kwishura ati:” NONE BURYA IYO UMUNTU AFISE ABANTU BENSHI BAZA KUMUSHORERA ACA YUGARA CANKE NIHO ABA ARONSE UMWANYA WO GUKORA NGO YITEZE IMBERE?” Ico kintu natwe cadutangaje cane kubona Studio ikora ibintu bishimwa n’igihugu cose yama yugaye.

Amagufuru yugaje umuryango wa Ingo Music
Amagufuri yugaje umuryango wa Ingo Music

Vyatubabaje ariko ntitwatahuye impamvu Ingo Music yama yugaye nkuko n’abandi baririmvyi twayaze nabo bari bafise gahunda yo gukora umuziki bari bamaze amasaha arenga 2 barindiriye Umuhinyanyuzi Kolly Kugira abatunganirize,

Umuririmvyi yaraje gukoresha umuziki kwa Kolly yanse ko tumufata amashusho
Umuririmvyi yaraje gukoresha umuziki kwa Kolly yanse ko tumufata amashusho

Nkuno wewe yashoboye kudutahuza ko ari kubera Umutambukanyi wa Kolly yibungenze abandi nabo bati ni kubera Kolly ariko aratunganya studio nshasha yegukira umuririmvyi Big Fizzo ariko ntibabibona kumwe na Euphraim kuko wewe akubwira ko murayo mezi 3 amaze arindiriye indirimbo yiwe ko ivyo vya Studio n’Inda z’imvuka bitari bwabeho akanakebura abantu bafise amastudio ko boba serieux kubikorwa barangura gutyo tugateza imbere hamwe urudandazwa rw’umuziki kuko ngo Nta muririmvyi azoba afise gahunda yuko indirimbo yiwe izoba yasohotse mundwi imwe igaca imara umwaka wose itarasohoka aho bikiri uko ko ataho umuziki ndundi woba uriko uraja.

Ryohera ijisho n’indirimbo ITERAMBERE ya Euphraim IZABAYO

Simbizi

Posted in ENTERTAINMENTTagged Euphraim IZABAYO, Ingo Music, KOLLY THE MAGIC

Post navigation

NIBAMVUZE GUSA IBINDI NZIMENYA
Nta shaka kuvuga cane HAPPY FAMBA ahubwo akazi k’umuziki kavure

Related Post

  • AKES DON na CHRIS & JUNIOR bakoranye indirimbo yambere ya Gospel
  • Abafana biwe SAT-B bamuhamagara umubeshi aguma abafata nka marofa
  • Kubwa BIG FIZZO ubu azokorana n’abastar bo muri East Africa bakomeye
  • Umva LOLILO yavuze ko afise bifu n’inzara nayo BIG FIZZO ntibayifitaniye
  • UMURIRIMVYI JEAN MARIE MUCO ASABABARUNDI BAMUSHIGIKIRE
  • Film KURUBONE niyambare iramamaye mu Burundi bwose n’ibulaya hose
  • Vuba LOLILO azanye video nshasha izobatangaza y’indirimbo KAMOJA
  • Abazaniye VICHOU LOVE indirimbo yakoze na KNOWLESS mu Rwanda
  • Ati biteye isoni AKES DON yakoze COPY y’indirimbo ya BEBE COOL

1 thought on “INGO MUSIC KU MYUGARIRO”

  1. mapound elvis says:
    January 16, 2018 at 3:46 am

    kolly ntazi akazi akora niko ameze kuva nakera,kandi ninkigitambambuga,akora nkumumalaya aguma yimuka ama studio,

    Reply

Leave a Reply Cancel reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

FOLLOW UMUDUNDOWACU.COM

VIDEO PREMIERE

CLICK IMAGE TO WATCH NEW VIDEO | Tungi By T-max Ft Nay Wa Mitego

VIDEO OF THE WEEK

Copyright © 2018 UMUDUNDO WACU | Designed By FRANCK PRO Live