Hari abatangura umwaka neza, hari abasozera umwaka neza nabandi kenshi bivanye na kahise kimpitakivi ugasanga ntibashoboye gutahura ibiri muri kubu ka hafi.
Mu buzima, umuntu umenya ko yateye imbere iyo umwanya wiwe wahora umuronkako utanguye kugabanuka muri ico gihe aba yafatiriwe n’imirimo myinshi kuburyo n’umwanya wo kuruhuka umubera muto gutyo agaca abura akiha imirimo gusumba incuti n’abagenzi. Ariko ivyo ntibishikira bose ahubwo rimwe rimwe bisa n’ibitandukanye nkuko twabibwiwe n’umuririmvyi azwi kw’izina rya Euphraim aho twamusanze yicurikiriye arindiriye Umuhinyanyuzi yamutunganirije indirimbo yiwe avuga ko imaze amezi arenga atatu batarayirangiza.

Tumubajije icabiteye yatwishuye ati:” BIRABABAJE CANE KUBONA UMURIRIMVYI AFATWA NABI KANDI ABA YARISHE AMAFRANGA YIWE, UBU MAZE AMEZI ATATU NIRIRWA NTONDA KURI STUDIO NKUKO UMENGO NDAHAHEMBERWA” Aca abanda anidogera cane Uburongozi bwa INGO MUSIC ko budakora hisunzwe amategeko kuko burya murudandazwa abakiriya bose barangana uti: “Nta kuntu hamaze gusohoka indirimbo zabaririmvyi benshi usanga bazwi kandi baje inyuma yanje” aho yanongeye asa n’uwutubaza ikibazo catugoye kwishura ati:” NONE BURYA IYO UMUNTU AFISE ABANTU BENSHI BAZA KUMUSHORERA ACA YUGARA CANKE NIHO ABA ARONSE UMWANYA WO GUKORA NGO YITEZE IMBERE?” Ico kintu natwe cadutangaje cane kubona Studio ikora ibintu bishimwa n’igihugu cose yama yugaye.

Vyatubabaje ariko ntitwatahuye impamvu Ingo Music yama yugaye nkuko n’abandi baririmvyi twayaze nabo bari bafise gahunda yo gukora umuziki bari bamaze amasaha arenga 2 barindiriye Umuhinyanyuzi Kolly Kugira abatunganirize,

Nkuno wewe yashoboye kudutahuza ko ari kubera Umutambukanyi wa Kolly yibungenze abandi nabo bati ni kubera Kolly ariko aratunganya studio nshasha yegukira umuririmvyi Big Fizzo ariko ntibabibona kumwe na Euphraim kuko wewe akubwira ko murayo mezi 3 amaze arindiriye indirimbo yiwe ko ivyo vya Studio n’Inda z’imvuka bitari bwabeho akanakebura abantu bafise amastudio ko boba serieux kubikorwa barangura gutyo tugateza imbere hamwe urudandazwa rw’umuziki kuko ngo Nta muririmvyi azoba afise gahunda yuko indirimbo yiwe izoba yasohotse mundwi imwe igaca imara umwaka wose itarasohoka aho bikiri uko ko ataho umuziki ndundi woba uriko uraja.
Ryohera ijisho n’indirimbo ITERAMBERE ya Euphraim IZABAYOSimbizi
kolly ntazi akazi akora niko ameze kuva nakera,kandi ninkigitambambuga,akora nkumumalaya aguma yimuka ama studio,