Nkuko vyagaragaye kuva mu ntango z’umugambi watunganijwe n’ishirahamwe Ikoh Multiservice kuva mu mwaka w 2012, aho mu mugambi wiswe You’ll love changes bisigura ngo:” MUZOKUNDA IMPINDUKA“,
Vyaraye vyigaragaje mu rukurikirane rugira kabiri aho abanyamakuru basanzwe batunganya ibiganiro bisanzwe bikurikiranwa n abakunzi benshi b’umuziki aho bari badugiye icarimwe i Gitega mu gihe mu gisagara hari hitezwe ikiganiro n abamenyeshamakuru cari cerekeye ibiteramo bizobera mu gisiagara ca Bujumbura muri ino minsi ya Noel.
Nkuko vyigaragaje muntara ya Gitega vyarigaragaje ko Abarundi basigaye bahurumbira ivyabo kandi ko bakunda n umuziki wabo aho igiteramo cari kiremeshejwe na Double Jay, Frank Duniano baherekejwe na Fabelove, Chris Biz, Lolilo, Chany Queen, Black G.
N’abandi benshi bagizwe n imvukira z’Igitega bashoboye kunezereza abakunzi b Umuziki gushika naho igiteramo cari guhera sa mbiri(21h00) carangiye sa tano z ijoro (23h00) abakunzi b’umuziki batararambirwa aho barangirije igiteramo kundirimbo Babongere aho babibukije ko bidahereye i Gitega ahubwo ko bokwifadikanya nabo kuri noel i MAKAMBA kuri STADE PROVINCIAL.




