Skip to content
Menu
  • Home
  • NEWS
  • ENTERTAINMENT
  • AUDIO
  • VIDEOS
  • THE PLAYLIST
  • SPORT
  • Radio
Menu

Imana ikomeje guhamagara AKES DON ayikorere arekane n’indirimbo z’isi

Posted on April 24, 2018April 24, 2018 by admin
Biramukomeranye umuririmvyi AKES DON asanzwe akora umuziki w’uburundi mu kuririmba indirimbo zitandukanye ziryohera abantu benshi bazumvirije zitari izoguhimbaza Imana zigashobora kubahezagira cangwe bakazikuramwo ubutumwa bwiza bw’Imana nkuko abimenyesha uwo muririmvyi aravuga ko haheze igihe kirekire afise indirimbo zitatu zo guhimbaza Imana.
Kandi haciye imyaka myinshi atarazisohora uko iminsi igenda yitera imbere niko ngo aguma yumva ijwi rirerie  ry’Uhoraho Imana rimuhamagara mw’izina ryiwe arekane no gukora indirimbo z’isi zitari izo kuyihimbaza hama iryo jwi ry’Uhoraho risemerera hejuru rimubwira ngo abure kutayikorera Imana hakiri kare agifise impwemu zabazima mugukora indirimbo mpimbaza Imana ( GOSPEL ).
AKES DON ngo akenshi birakunze kumushikira akaza yumva umutima wiwe umubariye akorere Imana akiri muzima mu kuyiririmbira indirimbo ziyitazira zigahezagira abantu bazumvirije kuko ngo ijwi afise ryohezagira benshi ariko ahayagiza Uhoraho twobamenyesha ko umuririmvyi AKES DON kugeza ay’amasaha yabuze ico afata nico areke nimba yokorera Uhoraho Imana mu kuyiririmbira indirimbo ziyihimbaza zikongera zikayitazira.
Cangwe nimba hyombandanya akora indirimbo zitari izokuyihimbaza ( Z’ISI ) kubwiwe arasaba impanuro mwebwe abanywanyi b’umuziki w’uburundi hamwe namwe abafana biwe mugire ico mwomwunganira agashobora gufata inzira imubereye akarangiza neza ubuzima bwiwe.
Nkuko umuririmvyi AKES DON abishikiriza asaba impanuro nimba yokorera Imana yagize ati :“ Kenshi ndakunda kwumva umutima umbwira uti ^^Akes Korera Imana ukiri muzima kuko iryo jwi ufise ryohezagira benshi uriko uhayagiza Uhoraho. muruwo mwanya nkaca nibuka ko mfise indirimbo zitatu za gospel zitarasohoka kandi ndazimaranye imyaka myinshi. basha duhanurane. Kuko ndiko ndapanga plan nshasha.“

Posted in NEWSTagged AKES DON

Post navigation

Abafana biwe SAT-B bamuhamagara umubeshi aguma abafata nka marofa
WATCH VIDEO | Tungi By T-Max Ft Nay Wa Mitego

Related Post

  • IGITERAMO CAKATARABONEKA INYANZA LAC MWATEGURIWE NA NDAYISABA MAGNIFIQUE
  • Umuziki ugumye umuteza imbere KID MAGIC azonsinyishwa na SADEBU
  • Concert yakataraboneka
    CONCERT MWATEGURIWE NA J.SAMSON
  • SAT-B ngo indirimbo FEEL LOVE iracari iyambere m’umuziki w’uburundi
  • Ati SAT-B yahageze mu Burundi avuye kubaroga mugihugu ca Tanzania
  • Afise umunezro mwinshi PETI DANY yaronse MANAGER wumu MAMAN
  • KIRIKOU ngo BIG FIZZO azomfasha vyinshi muri LABEL BANTU BWOY
  • Babwira NATACHA akureko ukuboko birabire ibintu yamaze guta akaranga
  • Vuba SAT-B azokwibatiza izina rishasha azitwa MARECHAL KING SAT-B

Leave a Reply Cancel reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

FOLLOW UMUDUNDOWACU.COM

VIDEO PREMIERE

CLICK IMAGE TO WATCH NEW VIDEO | Tungi By T-max Ft Nay Wa Mitego

VIDEO OF THE WEEK

Copyright © 2018 UMUDUNDO WACU | Designed By FRANCK PRO Live