Biramukomeranye umuririmvyi AKES DON asanzwe akora umuziki w’uburundi mu kuririmba indirimbo zitandukanye ziryohera abantu benshi bazumvirije zitari izoguhimbaza Imana zigashobora kubahezagira cangwe bakazikuramwo ubutumwa bwiza bw’Imana nkuko abimenyesha uwo muririmvyi aravuga ko haheze igihe kirekire afise indirimbo zitatu zo guhimbaza Imana.
Kandi haciye imyaka myinshi atarazisohora uko iminsi igenda yitera imbere niko ngo aguma yumva ijwi rirerie ry’Uhoraho Imana rimuhamagara mw’izina ryiwe arekane no gukora indirimbo z’isi zitari izo kuyihimbaza hama iryo jwi ry’Uhoraho risemerera hejuru rimubwira ngo abure kutayikorera Imana hakiri kare agifise impwemu zabazima mugukora indirimbo mpimbaza Imana ( GOSPEL ).
AKES DON ngo akenshi birakunze kumushikira akaza yumva umutima wiwe umubariye akorere Imana akiri muzima mu kuyiririmbira indirimbo ziyitazira zigahezagira abantu bazumvirije kuko ngo ijwi afise ryohezagira benshi ariko ahayagiza Uhoraho twobamenyesha ko umuririmvyi AKES DON kugeza ay’amasaha yabuze ico afata nico areke nimba yokorera Uhoraho Imana mu kuyiririmbira indirimbo ziyihimbaza zikongera zikayitazira.
Cangwe nimba hyombandanya akora indirimbo zitari izokuyihimbaza ( Z’ISI ) kubwiwe arasaba impanuro mwebwe abanywanyi b’umuziki w’uburundi hamwe namwe abafana biwe mugire ico mwomwunganira agashobora gufata inzira imubereye akarangiza neza ubuzima bwiwe.
Nkuko umuririmvyi AKES DON abishikiriza asaba impanuro nimba yokorera Imana yagize ati :“ Kenshi ndakunda kwumva umutima umbwira uti ^^Akes Korera Imana ukiri muzima kuko iryo jwi ufise ryohezagira benshi uriko uhayagiza Uhoraho. muruwo mwanya nkaca nibuka ko mfise indirimbo zitatu za gospel zitarasohoka kandi ndazimaranye imyaka myinshi. basha duhanurane. Kuko ndiko ndapanga plan nshasha.“