Mu muco w’ikirundi ABIGEME bamye bikumira aho no kugira uronke uwushobora guhagarara imbere y’abantu ngo ashikirize ijambo vyama bigoye. Mu bihe tugezemwo aho ubuhinga ndetse n’iterambere rigenda rizana uburyo bwo gushikiriza inkuru biciye mu vyuma nahone ntivyoroshe kubona umwigeme ashobora kuja mu bintu bituma aja kumugaragaro

Naho biruko ikinyamakuru canyu UMUDUNDOWACU.COM cashoboye kwegera ahariko harabera itunganywa ry’amasanamu yumwe mubasanzwe batwenza abantu benshi bamenyereye kwizina rya GITORO Aho yariko akinana n’umwigeme akiri muto biboneka ko agifise umwanya wo kuba yokwitunganya muri kazoza kiwe niko guca dukorana ikiyago. Tumubajije kukuntu wewe atahura gukina canke kuboneka kumbuga ngurukanabumenyi yatwishuye ati:”KURI JEWE GUKINA IVYESE N’IMPANO NAREMANYWE HAMA KUJA KUMUGARAGARO N’IBISANZWE KUKO IGIKURU N ‘UKO ABABA BARIKO BARADUKURIKIRANA BOTAHURA KO TUBA TURIKO TURAKINA NAHO RIMWE DUKINA IBINTU BIKUNDA GUSHIKIRA ABANTU MU BUZIMA”

Tumubajije impamvu abigeme badakunda kuboneka mu bikorwa mwene ivyo naho inyishu yaduhaye ati Nikubera abakobwa bikumira kandi bataronka ababatera intege banabereke aho bohera ico kigatuma kenshi usanga bafise impano ariko zibabera impfagusa mukurangiza ikiyago twakoranye nawe yahamagariye abigeme gukora ico yagereranije na Analyse yico bashoboye gutyo bashobore kugisokora banagikoreshe bipfume vyanka bagerageje kuko ngo burya kwama Umukobwa azi ko ubuzima bwiza azobuhabwa n’umugabo azomutwara hari naho bishika izo ndoto ntizibe wanshaka ugasanga ubuzima uko ubwibaza siko bugiye wewe agasaba ko umukobwa aho ari hose yokwiyumvira agakorera kuco yise Independance economique ntibabeho bizeye amaboko y’uwundi muntu nkuko uno mwigeme Divine ISHIMWE yizera kuzogira ico yimariye abicishije mu mpano yiwe yo GUKINA IVYESE.
Simbizi