Skip to content
Menu
  • Home
  • NEWS
  • ENTERTAINMENT
  • AUDIO
  • VIDEOS
  • THE PLAYLIST
  • SPORT
  • Radio
Menu

Ibi nivyo bitutsi LOLILO abwira abamubeshera ko yahukanye na LOLIANE

Posted on February 22, 2018February 22, 2018 by admin
Muri uk’ukwezi hamaze iminsi havurwa urukurukuru ngo igihangange c’umuziki w’uburundi umuririmvyi LOLILO yoba yarahukanye n’umugore wiwe bamaranye imyaka itarimikeya abenshi bazi kw’izina rya LOLIANE bavyaranye umwana umwe w’umuhungu aho vyagiye biratangazwa n’ibinyamakuru bitandukanye bikorera kurubuga ngurukanabumenyi hariho ivyanditseko yasubiranye n’umuririmvyikazi CHANNY QUEEN.
 
Ariwe ubwambere bari bakundanye nk’umugore n’umugabo  ngo vyose bikaba vyavuye ku giteramo yaheruka gukora k’umunsi mukuru w’abakundana kw’isi yose aho ngo yashoboye gusomwa nuwo muririmvyikazi bahorana kera m’urukundo ariko ikinyamakuru canyu UMUDUNDOWACU.COM nkuko twamatubikora ntitwagiriye ko tubashikiriza ayo makuru y’umuririmvyi LOLILO ko yatandukanye n’umugore wiwe LOLIANE.
Bagaheza bakahukana cangwe ko yasubiranye n’umuririmvyikazi CHANNY QUEEN kubera tutari bwaronke amakuru y’ukuri dufitiye icemezo niho twaciye dushobora kumurondera kugira agire ico abivuzeko nimba ari ukuri cangwe ko ari ubebeshi twarashoboye kumuronka n’uko yemezako atigeze yahukana na LOLIANE kuko aramukunda cane kandi nivyo bavuga ko yasubiranye na Channy Queen ngo sivyo.
 
Nkuko umuririmvyi LOLILO amaze kubimenya ko hariho abantu bariko bashaka kumusambuza mu gushikiriza amakuru yibinyoma badafitiye ivyemezo kubwiwe arababeshuza kuko batangaje ububeshi twagerageje kumurondera n’umugore wiwe LOLIANE nawe agire ico abivuzeko kuvyariko bishikirizwa n’abantu bakoresha imbuga ngurukanabumenyi ko umugabo wiwe bamaze kwamukana hama agaca asubirana na CHANNY QUEEN bahorana kera mugihe bavyaranye umwana umwe w’umukobwa.
CHANNY QUEEN , LOLILO , LOLIANE
Twarashoboye kumuronka yatwishuye ko ari ububeshi baracarikumwe kandi bibaniye neza mumahoro kuko barikundaniye ntibazokwigera bahukana nkuko abantu babishika muga ngo baribesha ntibizokwigera bibaho bazovuga baruhe rero umuririmvyi Lolilo akaba yarashoboye gushavura cane gose vyatumye atuka abantu bariko bavugako adakunda umugore wiwe LOLIANE .
 
Bavuga ngo yamuhemukiye ariko wewe yaciye ababeshuza ubwonyene aheza aranabatuka ibitutsi bikomeye cane yongera abambwira ntanumwe yamufashije kumutoza uwo akunda kuko niwe yamwikundiye ukwameze kose nivyagarukiye ngaho yarabatukaguye bikomeye cane nkuko mubibona kuriyo foto iringaho ivyo nivyo bitutsi yashoboye gutukwa abantu bavuzeko yahukanye n’umugore wiwe LOLIANE mugihe ari ibinyoma vy’abantu bavuga ivyo batazi.

Posted in ENTERTAINMENTTagged CHANNY QUEEN, LIZZO LOLILO, LOLIANE

Post navigation

Vuba SAT-B azokwibatiza izina rishasha azitwa MARECHAL KING SAT-B
VIDEO | Abantu 2000 barenga ngo nibo baje mugiteramo ca BIG FIZZO

Related Post

  • AKES DON na CHRIS & JUNIOR bakoranye indirimbo yambere ya Gospel
  • Abafana biwe SAT-B bamuhamagara umubeshi aguma abafata nka marofa
  • Kubwa BIG FIZZO ubu azokorana n’abastar bo muri East Africa bakomeye
  • Umva LOLILO yavuze ko afise bifu n’inzara nayo BIG FIZZO ntibayifitaniye
  • UMURIRIMVYI JEAN MARIE MUCO ASABABARUNDI BAMUSHIGIKIRE
  • Film KURUBONE niyambare iramamaye mu Burundi bwose n’ibulaya hose
  • Vuba LOLILO azanye video nshasha izobatangaza y’indirimbo KAMOJA
  • Abazaniye VICHOU LOVE indirimbo yakoze na KNOWLESS mu Rwanda
  • Ati biteye isoni AKES DON yakoze COPY y’indirimbo ya BEBE COOL

Leave a Reply Cancel reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

FOLLOW UMUDUNDOWACU.COM

VIDEO PREMIERE

CLICK IMAGE TO WATCH NEW VIDEO | Tungi By T-max Ft Nay Wa Mitego

VIDEO OF THE WEEK

Copyright © 2018 UMUDUNDO WACU | Designed By FRANCK PRO Live