Muri uk’ukwezi hamaze iminsi havurwa urukurukuru ngo igihangange c’umuziki w’uburundi umuririmvyi LOLILO yoba yarahukanye n’umugore wiwe bamaranye imyaka itarimikeya abenshi bazi kw’izina rya LOLIANE bavyaranye umwana umwe w’umuhungu aho vyagiye biratangazwa n’ibinyamakuru bitandukanye bikorera kurubuga ngurukanabumenyi hariho ivyanditseko yasubiranye n’umuririmvyikazi CHANNY QUEEN.
Ariwe ubwambere bari bakundanye nk’umugore n’umugabo ngo vyose bikaba vyavuye ku giteramo yaheruka gukora k’umunsi mukuru w’abakundana kw’isi yose aho ngo yashoboye gusomwa nuwo muririmvyikazi bahorana kera m’urukundo ariko ikinyamakuru canyu UMUDUNDOWACU.COM nkuko twamatubikora ntitwagiriye ko tubashikiriza ayo makuru y’umuririmvyi LOLILO ko yatandukanye n’umugore wiwe LOLIANE.

Nkuko umuririmvyi LOLILO amaze kubimenya ko hariho abantu bariko bashaka kumusambuza mu gushikiriza amakuru yibinyoma badafitiye ivyemezo kubwiwe arababeshuza kuko batangaje ububeshi twagerageje kumurondera n’umugore wiwe LOLIANE nawe agire ico abivuzeko kuvyariko bishikirizwa n’abantu bakoresha imbuga ngurukanabumenyi ko umugabo wiwe bamaze kwamukana hama agaca asubirana na CHANNY QUEEN bahorana kera mugihe bavyaranye umwana umwe w’umukobwa.
Twarashoboye kumuronka yatwishuye ko ari ububeshi baracarikumwe kandi bibaniye neza mumahoro kuko barikundaniye ntibazokwigera bahukana nkuko abantu babishika muga ngo baribesha ntibizokwigera bibaho bazovuga baruhe rero umuririmvyi Lolilo akaba yarashoboye gushavura cane gose vyatumye atuka abantu bariko bavugako adakunda umugore wiwe LOLIANE .
Bavuga ngo yamuhemukiye ariko wewe yaciye ababeshuza ubwonyene aheza aranabatuka ibitutsi bikomeye cane yongera abambwira ntanumwe yamufashije kumutoza uwo akunda kuko niwe yamwikundiye ukwameze kose nivyagarukiye ngaho yarabatukaguye bikomeye cane nkuko mubibona kuriyo foto iringaho ivyo nivyo bitutsi yashoboye gutukwa abantu bavuzeko yahukanye n’umugore wiwe LOLIANE mugihe ari ibinyoma vy’abantu bavuga ivyo batazi.