Skip to content
Menu
  • Home
  • NEWS
  • ENTERTAINMENT
  • AUDIO
  • VIDEOS
  • THE PLAYLIST
  • SPORT
  • Radio
Menu

HUGUES BANA yavuyemwo muri STUDIO BANTU BWOY ya BIG FIZZO

Posted on March 16, 2018March 16, 2018 by admin
Ibintu bitera bikomera muri STUDIO BANTU BWOY  y’umuririmvyi BIG FIZZO uko iminsi igenda yitera imbere niko haguma hamenyekana bamwe mubakozi bari barashimwe kugira bazoyikorere mubisata bitandukanye baguma bayivamwo.
Tubamenyeshe ko kuva igitangura kumenyekana ko igiye gukorera mugisagara ca Bujumbura niho abayirongoye baciye batangura kurondera abakozi bafise ubuhinga bwo gushobora guteza imbere ibikorwa bizohakorerwa.
Kuko bari baramaze kuronka abahinyanyuzi bakora audio hamwe na Video nkuko twaraye dushoboye kubashikiriza amakuru agezweho twatohoje neza yemeza ko umuhinyanyuzi KOLLY THE MAGIC yamaze kuyivamwo kandi ntayikorera kuko yabandanije akorera Studio yahoramwo kuva umwaka uheze isanzwe izwi kw’izina rya INGO gushika ubu amakuru yo kwizerwa n’uko uwo muhinyanyuzi atakiyirimwo yamaze gukuramwo akarenge impamvu ntiziramenyekana icatumye ayivamwo.
Ubu hoho birakomeye abegereye iyo Studio BANTU BWOY babona ko igiye kuzosambuka kubera ibiguma bikorerwayo ntivyumvikana mugihe bataranatangura gushira ahabona ibikorwa bihakorwa muri iyo studio bakavuga ko abayirongoye bakwiye gutunganya neza bagatorera umuti bw’ibibazo bituma abahinyanyuzi bari bararonse bakemeranya ko bazokorana muga bakomeje kuyivamwo rikaba ribaye icuro ya kabiri biba.
 
Kuko mugisata ca Video bari bararonse abahinyanyuzi babiri vuba tugiye kubabwira amakuru yuwo ayisigayemwo kuko umwe amaze iminsi yarayivuyemwo ni umuhinyanyuzi azwi kw’izina rya HUGUES BANA akora ibijanye no guhinyanyura amasanamu ( VIDEO ) rero ikinyamakuru UMUDUNDOWACU.COM twaramurondeye aremeza ko ari ukuri ntayikoramwo Studio The Bantu Bwoy yaramaze kuyivamwo kandi ntayikoramwo.
Uburongozi bwa Studio BANTU BWOY buremeza ko umuhinyanyuzi HUGUES BANA yabateye akagere ntibigeze bamwirukana yarijanye kandi n’umuririmvyi BIG FIZZO aravyemeza nubwo atashimye gutomora neza icatumye bavana nkuko yari yaramushimye ko bokorana mugisata ca Video tubibutse ko ya Video yitwa MIDA YA LOVE y’umuririmvyikazi IRY TINA yari guhinyanyurwa n’abahinyanyuzi babiri ariko yakoze umwe ngo nivyo n’ibimenyetso vyerekanako HUGUES BANA yayivuyemwo hakiri kare kuko yari mubazoyikora.

YIRABE HANO VIDEO | Mida ya love By Iry Tina Ft Big Fizzo

http://umudundowacu.com/wp-content/uploads/2018/03/Mida-Ya-Love-by-Iry-Tina-Da-Queena-ft.-Big-Fizzo-OFFICIAL-VIDEO.mp4

Posted in ENTERTAINMENTTagged BIG FIZZO, HUGUES BANA

Post navigation

LISTEN AUDIO | Sabwe By Masterland
Afise umunezro mwinshi PETI DANY yaronse MANAGER wumu MAMAN

Related Post

  • AKES DON na CHRIS & JUNIOR bakoranye indirimbo yambere ya Gospel
  • Abafana biwe SAT-B bamuhamagara umubeshi aguma abafata nka marofa
  • Kubwa BIG FIZZO ubu azokorana n’abastar bo muri East Africa bakomeye
  • Umva LOLILO yavuze ko afise bifu n’inzara nayo BIG FIZZO ntibayifitaniye
  • UMURIRIMVYI JEAN MARIE MUCO ASABABARUNDI BAMUSHIGIKIRE
  • Film KURUBONE niyambare iramamaye mu Burundi bwose n’ibulaya hose
  • Vuba LOLILO azanye video nshasha izobatangaza y’indirimbo KAMOJA
  • Abazaniye VICHOU LOVE indirimbo yakoze na KNOWLESS mu Rwanda
  • Ati biteye isoni AKES DON yakoze COPY y’indirimbo ya BEBE COOL

Leave a Reply Cancel reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

FOLLOW UMUDUNDOWACU.COM

VIDEO PREMIERE

CLICK IMAGE TO WATCH NEW VIDEO | Tungi By T-max Ft Nay Wa Mitego

VIDEO OF THE WEEK

Copyright © 2018 UMUDUNDO WACU | Designed By FRANCK PRO Live