Nkuko vyaraye bishikirijwe n’ubushikiranganji bujejwe ubudandaji, haraye hamenyekanye ko igiciro c’igitoro congerejweko amafranga kuyo cahora kigurwa. Biruko rero n’igiciro co kwiyunguruza caciye ciyongera haba kuma bus akorera mugisagara hagati ndetse n’ama taxis,
Naho biruko Kumuririmvyi happy famba wewe ico kibazo ntakibona kumwe nabandi benegihugu aho wewe akoresheje urubuga rwiwe rwa facebook yahisemwo gutanga infashanyo

Nkuko bigaragara mu majambo yashoboye kwandika aho yavuze ati:”Siku ukibaatikiwa kupanda hii taxi usilipi hata tano nimali ya wanainchi”

Nkuko bigaragara kwiyo sanamu naho yavyaditse mu giswahiri Ahamagarira buri MURUNDI WESE AZOBONA IYO MODOKA KO NIYAYURIRA ATA MAFARANGA YORIHA KUKO ARI UBUTUNZI BW’ABENEGIHUGU.
Twizere ko ako kamo kazokwitabwa kubwinshi gutyo imihezagiro yongerekane kwa Happy Famba narirya aherutse kurekura indirimbo nshasha ifise amashusho yise My time bisigura uti Umwanya wanje bishoboka kuba ariko karyo yabonye ko gushimira ABARUNDI BOSEE MU KUBEMERERA UKWIYUNGURUZA KUBUNTU.
Ryohera ijisho ryawe na My time ya Happy Famba
Simbizi
Happy Famba na My time