Skip to content
Menu
  • Home
  • NEWS
  • ENTERTAINMENT
  • AUDIO
  • VIDEOS
  • THE PLAYLIST
  • SPORT
  • Radio
Menu

FIZZO: UBU BAD BOY BWAMUHAYE STUDIO YA BANTU BWOY RECORDS N’IMODOKA YO MU BWOKO BWA MARK X

Posted on January 27, 2018January 27, 2018 by Igor Demon

Abaririmvyi kenshi iyo bateye imbere bakanamenyekana kenshi bakunda kuronka amasezerano n’amashirahamwe akora ubudandaji gutyo bakaboneraho kwiteza imbere. Ivyo ni bimwe bimaze kwigaragaza kenshi mu barirmvyi bo ngaha mukarere ndetse vyaranigaragaje no mu Burundi aho umuririmvyi Black G yashoboye gukora amasezerano n’ishirahamwe risanzwe rikora muvyo gutumatumanako amakuru.

Black G ariko yemeza amasezerano (isanamu akeza.net)
Black G ariko yemeza amasezerano (isanamu akeza.net)

Nkuko vyagaragaye ku muririmvyi Black G vyaratumye aronka agaciro narirya niryo shirahamwe ryamushingiye intahe ko ryungutse kuba ryarakoranye nawe Black G ariko yemeza amasezerano nkuko vyagaragajwe n ukuntu batasibije kumwongera amasezerano. Naho biri uko biraboneka ko ari we muririmvyi  wwenyene amaze gukorana amasezerano nkayo n’amashirahamwe gutyo akaba Umuserukizi w’ibidandazwa vyaryo. 

Haraheze igihe havurwa amakuru y’umuririmvyi ari mubatanguriye abandi Big Fizzo ko nawene afise imigambi yo kwiteza imbere gusa abantu benshi bakaba bafise amakenga na cane cane kukubera batabona neza aho yokura uburyo bwo kurangura Umugambi wo kwugurura studi igezweho narirya ari ibintu bisaba uburyo bwinshi. 

Big fizzo imbere ya Bantu Bwoy records
Big fizzo imbere ya Bantu Bwoy records

Mu matohoza ikinyamakuru canyu Umudundowacu cashoboye kurangura nuko bishoboka ko iyo studio yoba iri mu ma studio yakarorero mu Burundi ndetse no mukarere bigoye kuvuga ko hari umuririmvyi w’umurundi yoshobora kuyegukira na rirya atari umuririmvyi Black G wewe vyotahurika ko yoba yayakuye mu masezerano ariko nkuko abakunzi bikinyamakuru Umudundowacu.com  babidusavye tubatohoreze ivya Bantu bwoy Records twasanze Big Fizzo ahantu yoba akura amafranga nahone ari muri KARAOKE akorera kuri kamwe mu bubare bukorera mu gisagara ca Bujumbura ndetse n’akabare aheruka kwugurura duca tuboneraho gutohoza ahoba havuye uburyo bwo kwugurura ikigo THE UNIVERSE OF TALENT Arico gihurikiyemwo Bantu Bwoy records. Gutyo abegereye Big Fizzo baraduhaye umuco ko hari amakuru avugwa ko Ibikoresho bigize iyo Studio ko vyoba vyavuye mu Butariyano aho bivugwa ko hari Umukobwa azwi kw’izina rya Edith ko boba bafitaniye imigenderanire ya hafi kuburyo ari nawe yoba yaraguze ivyo bikoresho.

Umukobwa bivugwa ko ariwe Edith mu gihe bariko bafata amasanamu ya Konzi
Umukobwa bivugwa ko ariwe Edith mu gihe bariko bafata amasanamu ya Konzi

Gutyo Mu makuru tugitohoza n’uko iyo Studio yoba yegukira Big Fizzo canke Edith Kuko n’amakuru dukesha uwegereye Edith aremeza ko n’ Imodoka yo mubwoko bwa Mark X ari Edith yoba yarayiguriye umuririmvyi Big Fizzo narirya kuri Fizzo zamye ari indoto gutunga ubwoko bwiyo modoka.

TURACABATOHOREZA NAYANDI BANDANYA MUSANGIZA N’ABANDI AMAKURU Y’IKINYAMAKURU CANYU UMUDUNDOWACU.COM

 

Demon

 

Posted in NEWSTagged BIG FIZZO, Black G, Edith

Post navigation

WATCH VIDEO | Mama La Mama By Gaga Blue Ft Mr T Touch & Baraka The Prince
LISTEN AUDIO | African Beauty By BNB30

Related Post

  • IGITERAMO CAKATARABONEKA INYANZA LAC MWATEGURIWE NA NDAYISABA MAGNIFIQUE
  • Imana ikomeje guhamagara AKES DON ayikorere arekane n’indirimbo z’isi
  • Umuziki ugumye umuteza imbere KID MAGIC azonsinyishwa na SADEBU
  • Concert yakataraboneka
    CONCERT MWATEGURIWE NA J.SAMSON
  • SAT-B ngo indirimbo FEEL LOVE iracari iyambere m’umuziki w’uburundi
  • Ati SAT-B yahageze mu Burundi avuye kubaroga mugihugu ca Tanzania
  • Afise umunezro mwinshi PETI DANY yaronse MANAGER wumu MAMAN
  • KIRIKOU ngo BIG FIZZO azomfasha vyinshi muri LABEL BANTU BWOY
  • Babwira NATACHA akureko ukuboko birabire ibintu yamaze guta akaranga

6 thoughts on “FIZZO: UBU BAD BOY BWAMUHAYE STUDIO YA BANTU BWOY RECORDS N’IMODOKA YO MU BWOKO BWA MARK X”

  1. Egdy Blown says:
    January 27, 2018 at 6:11 am

    Big Up Kbs

    Reply
  2. prosper says:
    January 27, 2018 at 7:22 am

    iyo umintu zteyintambwe amajambo avugwa aba menshi vyiza reka amatohoza tumako fizzo abibibwirire niw azi umuco

    Reply
  3. Mugisha says:
    January 27, 2018 at 4:52 pm

    Nibamureke atere imbere umuririvyi wacu ariko arateza imbere umuziki w’indundi ukaja hejuru

    Reply
  4. Niyokwizera jean says:
    January 28, 2018 at 2:42 am

    Big Fizzo nabandanye afise talent nziza cane

    Reply
  5. rich jay man says:
    February 14, 2018 at 8:54 am

    Nayo namahirwe meza nimba yaratomboye uwumuha ibikoresho nabikoreshe kbx

    Reply
  6. Girukwishaka Moise Aaron says:
    February 15, 2018 at 9:51 pm

    Nice

    Reply

Leave a Reply Cancel reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

FOLLOW UMUDUNDOWACU.COM

VIDEO PREMIERE

CLICK IMAGE TO WATCH NEW VIDEO | Tungi By T-max Ft Nay Wa Mitego

VIDEO OF THE WEEK

Copyright © 2018 UMUDUNDO WACU | Designed By FRANCK PRO Live