Abaririmvyi kenshi iyo bateye imbere bakanamenyekana kenshi bakunda kuronka amasezerano n’amashirahamwe akora ubudandaji gutyo bakaboneraho kwiteza imbere. Ivyo ni bimwe bimaze kwigaragaza kenshi mu barirmvyi bo ngaha mukarere ndetse vyaranigaragaje no mu Burundi aho umuririmvyi Black G yashoboye gukora amasezerano n’ishirahamwe risanzwe rikora muvyo gutumatumanako amakuru.

Nkuko vyagaragaye ku muririmvyi Black G vyaratumye aronka agaciro narirya niryo shirahamwe ryamushingiye intahe ko ryungutse kuba ryarakoranye nawe Black G ariko yemeza amasezerano nkuko vyagaragajwe n ukuntu batasibije kumwongera amasezerano. Naho biri uko biraboneka ko ari we muririmvyi wwenyene amaze gukorana amasezerano nkayo n’amashirahamwe gutyo akaba Umuserukizi w’ibidandazwa vyaryo.
Haraheze igihe havurwa amakuru y’umuririmvyi ari mubatanguriye abandi Big Fizzo ko nawene afise imigambi yo kwiteza imbere gusa abantu benshi bakaba bafise amakenga na cane cane kukubera batabona neza aho yokura uburyo bwo kurangura Umugambi wo kwugurura studi igezweho narirya ari ibintu bisaba uburyo bwinshi.

Mu matohoza ikinyamakuru canyu Umudundowacu cashoboye kurangura nuko bishoboka ko iyo studio yoba iri mu ma studio yakarorero mu Burundi ndetse no mukarere bigoye kuvuga ko hari umuririmvyi w’umurundi yoshobora kuyegukira na rirya atari umuririmvyi Black G wewe vyotahurika ko yoba yayakuye mu masezerano ariko nkuko abakunzi bikinyamakuru Umudundowacu.com babidusavye tubatohoreze ivya Bantu bwoy Records twasanze Big Fizzo ahantu yoba akura amafranga nahone ari muri KARAOKE akorera kuri kamwe mu bubare bukorera mu gisagara ca Bujumbura ndetse n’akabare aheruka kwugurura duca tuboneraho gutohoza ahoba havuye uburyo bwo kwugurura ikigo THE UNIVERSE OF TALENT Arico gihurikiyemwo Bantu Bwoy records. Gutyo abegereye Big Fizzo baraduhaye umuco ko hari amakuru avugwa ko Ibikoresho bigize iyo Studio ko vyoba vyavuye mu Butariyano aho bivugwa ko hari Umukobwa azwi kw’izina rya Edith ko boba bafitaniye imigenderanire ya hafi kuburyo ari nawe yoba yaraguze ivyo bikoresho.

Gutyo Mu makuru tugitohoza n’uko iyo Studio yoba yegukira Big Fizzo canke Edith Kuko n’amakuru dukesha uwegereye Edith aremeza ko n’ Imodoka yo mubwoko bwa Mark X ari Edith yoba yarayiguriye umuririmvyi Big Fizzo narirya kuri Fizzo zamye ari indoto gutunga ubwoko bwiyo modoka.
TURACABATOHOREZA NAYANDI BANDANYA MUSANGIZA N’ABANDI AMAKURU Y’IKINYAMAKURU CANYU UMUDUNDOWACU.COM
Demon
Big Up Kbs
iyo umintu zteyintambwe amajambo avugwa aba menshi vyiza reka amatohoza tumako fizzo abibibwirire niw azi umuco
Nibamureke atere imbere umuririvyi wacu ariko arateza imbere umuziki w’indundi ukaja hejuru
Big Fizzo nabandanye afise talent nziza cane
Nayo namahirwe meza nimba yaratomboye uwumuha ibikoresho nabikoreshe kbx
Nice