Wa mukunyi wanyu wama Film y’ikirundi mukunda cane azwi kw’izina NIPO NIZIGAMA wo ntara ya Bubanza akunze kubazanira Film ziryoshe cane gose aho abenshi babumenye bakamukunda muri Film IBISIGI yigeze gukina icuro yiwe yambere mwakunze ukuntu yayikinye arikumwe na Club yiwe yitwa B-HERO CLUB n’uko ubu ngo yagarutse abazaniye ikindi gikorwa gishasha kizobaryohera abantu bose mushaka kuzomufata mumugongo.
Mugaheza mu kagura ico gikorwa sikindi ni FILM yiwe nshasha iryoshe cane gose, igara kabiri idasanzwe iryoshe cane gose ije isumba iyo yakinye ubwambere ntimuyicike gushobora kuyigura mumaguru kuko ni umuriro wi filim bayikinye muntara zitandukanye z’uburundi arizera ko abashobora kuyigura muzokuramwo inyigisho zizobafasha mubuzima bwanyu bwa miminsi yose.
Ikindi arabamenyesha ko uno mwaka w’2018 mushasha ashobora kuzokina iyindi film ayifadikanije n’abanywarwanda yagiriyeko abwira abakunzi bampa Film y’abarundi ko mutocikwa kugura iyi film yiwe nshasha abazaniye ije kw’izina rya KURUBONE ubu iriko iragurishwa mugisagara ca Bujumbura kumurwa mukuru abari Bujumbura mugomba kuyigura mushobora kuyisanga kw’isohoka ryitwa African Movie Market .
Umukinyi NIPO NIZIGAMA ntiyibagiye kuyibazanira abanyabubanza iri Kuri GASAGO MAGIC aramenyeshako imeze neza ndetse hariho nabatanguye kuyigura barashima ukuntu iryoshe cane bakuramwo impanuro nyinshi ziriko zirabafasha rero wewe utarashobora kuyigura ngo ntutangwe kuyigura DVD yayo uheze wirabire ivyiza birimwo uko bayikinye mu kuyinonosora neza.
MUSHOBORA KURABA IMPONJO YA FILM NSHASHA Kurubone NTIMUTANGWE KUYIGURA MURI BENSHI
Mukiganiro twagiranye na NIPO NIZIGAMA arabasobanurira ingene abakunzi bakunda ampa Film y’abarundi bagomba kwigururira iyi Film yiwe nshasha yise KURUBONE arabacira kumayange aho yatangura avuga ati:“ i film natanguye gukina yitwa IBISIGI niyo yatumye ntangura kumenyekana i BUBANZA no mumicungararo yaho naciye nkina iyo nayo yitwa KURUBONE .
Ikaba ari film yama series hakaba hamaze kuja kumugaragaro ibice 4 ibindi bikaba bisohoka iy’ukwezi guheze iyi yo yarakunzwe cane n’abantu bo mugihugu cose ndetse n’ababa mumahanga bakaba bayishimagiza cane hambavu yaho nkaba mfise iyindi film ngomba nkinane n’abanyarwanda muruku kwa kabiri uy’umwaka banyita NIPO NIZIGAMA nkorana na club yanje yibubanza yitwa B-HERO CLUB .
Kandi kurubone twarakinanye nabandi bakinyi bibujumbura ikaba yakiniwe muntara 3 zuburundi kandi ikaba iri kwisoko abayikeneye boyigura muri African Movie Market i Bujumbura Centre Ville canke i Bubanza Kuri GASAGO MAGIC STUDIO ibice vyose biriho numero ni +25768853101
let me say thnx 2 UMUDUNDO WACU for ya support
indoto.com Big Fizzo dukorere ibikomeye natwe turi inyuma yawe