Skip to content
Menu
  • Home
  • NEWS
  • ENTERTAINMENT
  • AUDIO
  • VIDEOS
  • THE PLAYLIST
  • SPORT
  • Radio
Menu

Film nshasha y’abarundi ije ibica bigacika yitwa“ KURUBONE“ ubu iri kw’isoko kuri African Movie Market i Bujumbura Centre Ville canke i Bubanza muri GASAGO MAGIC STUDIO

Posted on January 1, 2018January 3, 2018 by admin
Wa mukunyi wanyu wama Film y’ikirundi mukunda cane azwi kw’izina NIPO NIZIGAMA wo ntara ya Bubanza akunze kubazanira Film ziryoshe cane gose aho abenshi babumenye bakamukunda muri Film IBISIGI  yigeze gukina icuro yiwe yambere mwakunze ukuntu yayikinye arikumwe na Club yiwe yitwa B-HERO CLUB n’uko ubu ngo yagarutse abazaniye ikindi gikorwa gishasha kizobaryohera abantu bose mushaka kuzomufata mumugongo.
 
 
Mugaheza mu kagura ico gikorwa sikindi ni FILM yiwe nshasha iryoshe cane gose, igara kabiri idasanzwe iryoshe cane gose ije isumba iyo yakinye ubwambere ntimuyicike gushobora kuyigura mumaguru kuko ni umuriro wi filim bayikinye muntara zitandukanye z’uburundi arizera ko abashobora kuyigura muzokuramwo inyigisho zizobafasha mubuzima bwanyu bwa miminsi yose.
 
Ikindi arabamenyesha ko uno mwaka w’2018 mushasha ashobora kuzokina iyindi film ayifadikanije n’abanywarwanda yagiriyeko abwira abakunzi bampa Film y’abarundi ko mutocikwa kugura iyi film yiwe nshasha abazaniye ije kw’izina rya KURUBONE ubu iriko iragurishwa mugisagara ca Bujumbura kumurwa mukuru abari Bujumbura mugomba kuyigura mushobora kuyisanga kw’isohoka ryitwa African Movie Market .
 
Umukinyi NIPO NIZIGAMA ntiyibagiye kuyibazanira abanyabubanza iri Kuri GASAGO MAGIC aramenyeshako imeze neza ndetse hariho nabatanguye kuyigura barashima ukuntu iryoshe cane bakuramwo impanuro nyinshi ziriko zirabafasha rero wewe utarashobora kuyigura ngo ntutangwe kuyigura DVD yayo uheze wirabire ivyiza birimwo uko bayikinye mu kuyinonosora neza.

MUSHOBORA KURABA IMPONJO YA FILM NSHASHA Kurubone NTIMUTANGWE KUYIGURA MURI BENSHI

Mukiganiro twagiranye na NIPO NIZIGAMA  arabasobanurira ingene abakunzi bakunda ampa Film y’abarundi bagomba kwigururira iyi Film yiwe nshasha yise KURUBONE arabacira kumayange aho yatangura avuga ati:“ i film natanguye gukina yitwa IBISIGI niyo yatumye ntangura kumenyekana i BUBANZA no mumicungararo yaho naciye nkina iyo nayo yitwa KURUBONE .
 
Ikaba ari film yama series hakaba hamaze kuja kumugaragaro ibice 4 ibindi bikaba bisohoka iy’ukwezi guheze iyi yo yarakunzwe cane n’abantu bo mugihugu cose ndetse n’ababa mumahanga bakaba bayishimagiza cane hambavu yaho nkaba mfise iyindi film ngomba nkinane n’abanyarwanda muruku kwa kabiri uy’umwaka banyita NIPO NIZIGAMA nkorana na club yanje yibubanza yitwa B-HERO CLUB .
 
Kandi kurubone twarakinanye nabandi bakinyi bibujumbura ikaba yakiniwe muntara 3 zuburundi kandi ikaba iri kwisoko abayikeneye boyigura muri African Movie Market i Bujumbura Centre Ville canke i Bubanza Kuri GASAGO MAGIC STUDIO ibice vyose biriho numero ni +25768853101

Posted in ENTERTAINMENTTagged NIPO NIZIGAMA

Post navigation

WATCH VIDEO:- Vunja Goti By Magic Soldier Kingorongoro Ft Kolly The Magic
WATCH VIDEO:- My Boo Boo By Rally Jeo

Related Post

  • AKES DON na CHRIS & JUNIOR bakoranye indirimbo yambere ya Gospel
  • Abafana biwe SAT-B bamuhamagara umubeshi aguma abafata nka marofa
  • Kubwa BIG FIZZO ubu azokorana n’abastar bo muri East Africa bakomeye
  • Umva LOLILO yavuze ko afise bifu n’inzara nayo BIG FIZZO ntibayifitaniye
  • UMURIRIMVYI JEAN MARIE MUCO ASABABARUNDI BAMUSHIGIKIRE
  • Film KURUBONE niyambare iramamaye mu Burundi bwose n’ibulaya hose
  • Vuba LOLILO azanye video nshasha izobatangaza y’indirimbo KAMOJA
  • Abazaniye VICHOU LOVE indirimbo yakoze na KNOWLESS mu Rwanda
  • Ati biteye isoni AKES DON yakoze COPY y’indirimbo ya BEBE COOL

2 thoughts on “Film nshasha y’abarundi ije ibica bigacika yitwa“ KURUBONE“ ubu iri kw’isoko kuri African Movie Market i Bujumbura Centre Ville canke i Bubanza muri GASAGO MAGIC STUDIO”

  1. nipo nizigama says:
    January 1, 2018 at 12:58 pm

    let me say thnx 2 UMUDUNDO WACU for ya support

    Reply
  2. rich jay man says:
    February 14, 2018 at 6:46 am

    indoto.com Big Fizzo dukorere ibikomeye natwe turi inyuma yawe

    Reply

Leave a Reply Cancel reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

FOLLOW UMUDUNDOWACU.COM

VIDEO PREMIERE

CLICK IMAGE TO WATCH NEW VIDEO | Tungi By T-max Ft Nay Wa Mitego

VIDEO OF THE WEEK

Copyright © 2018 UMUDUNDO WACU | Designed By FRANCK PRO Live