Ntibisanzwe abarundi bo muntara ya Bubanza bakomeje kwambika iteka rikomeye igihugu c’uburundi mu kukimenyekanisha mubihugu vyose vyo kw’isi yose ni mugihe baheruka gukina FILM nshasha iryoshe cane gose bise KURUBONE irimwo impanuro nyinshi kandi irubaka imitima y’abantu bose bayiravye barahakura icingwa ndetse bakanaryoherwa mwomenya ko iriko irakundwa cane gose n’abanyagihugu benshi barenze umuliyoni kuduga.
Ikaba yakinye umuhungu yitwa NIPO NIZIGAMA kuko muriyo film yiswe KURUBONE arashikirwa ni vyago vyinshi bijanye n’ubuzima nkuko abamaze kuyibona bayitera amashurwe isanzwe ifise ibice ( PART ) bitandatu ( 6 ) ariko gushika ubu hamaze gusohoka ibice bitanu nivyo abarundi n’abarundikazi hamwe n’abanyamahanga maze kubona mwomenya ko ivyo bice vyose babikunze kurusha izindi film zose bamaze kubona zakinwe n’abarundi.
Aho ubu bakomeje gusaba igice ca nyuma arico ca gatandatu kubera ngo bumva bafise igishika cinshi nco gushaka kuyiraba bagaheza bagakomeza kuharonkera uburyohe hamwe n’impanuro bayikuramwo nkuko ikinyamakuru UMUDUNDOWACU.COM twagerageje kubereka ivyo bice vyose tuka twaraganiriye nanyene film KURUBONE ariwe NIPO NIZIGAMA.
Akaba yaragize ico ashikiriza kukuntu abona ingene iyo film ikomeza gukundwa kuko ngo hariho n’abamenyeshamakuru bakora kumboneshakure y’igihugu c’uburundi baramutumbereye baramubarirako i film KURUBONE iriko irashimwa n’abantu benshi cane gose kandi abo mu Burundi bwose nohanze hose ibulaya bakomeje kuyikunda bayiha ikibanza cambere.
NIPO NIZIGAMA yagize ati:“ i film kurubone iriko irarabwa cane muriyi minsi n’abantu benshi mugihugu cose mbere nohanze kuko abakozi bomuri RTNB barabimbwiye aho nshaka guhinguvu aba fans banje bamenye ukuntu KURUBONE isigaye ikundwa mbere ikarabwa kurusha izindi film zose zomu Burundi ubu ahuca hose ni kurubone kandi n’igice ca gatandutu arico FINAL mundwiza kizosohoka kandi mperuka no gusinya amasezerano yo gukorana i film n’abanyarwanda mukwa gatandatu. “
Ukaba utarashobora kuraba ibice 1,2,3,4,5 vya Film nshasha yitwa KURUBONE yakinye abarundi bo muntara ya Bubanza ntutangwe kubiraba ngaha nyene kukinyamakuru UMUDUNDOWACU.COM hanyuma ngo mugiye kuzobona final yayo ariyo isozerera.