Umuririmvyi SAT-B niwe ashoboye gutahukana intsinzi ikomeye cane gose mu kuba uwambere yakoze neza cane gose Video nziza kurusha izindi zose mwaravye z’abarundi kandi zaranze ukwezi kwambere uy’umwaka aho Video yiwe yaheruka gusohora mpumera z’ukwezi kwa cumi na kabiri k’umwaka uheze y’indirimbo FEEL LOVE yabandanije ishimisha abarundi n’abarundikazi bagumye bayiraba kuva ikija ahabona gushika nuno mwaka w’2018.
Bakindanya bayiraba kubwinshi nkuko ikinyamakuru canyu UMUDUNDOWACU.COM twari twarabahaye aba fans b’abaririmvyi n’abaririmvyikazi ,urutonde rwama Video bashobore gutora Video babonako ikwiriye ikibanza cambere ikaba BEST VIDEO OF THE MONTH 2018 rero twakoze icegeranyo c’ukuntu bagiye baratora twasanze Video y’indirimbo Feel Love y’umuririmvyi SAT-B ariyo yatowe cane gose muguhabwa amajwi menshi.
Ninayo ishoboye kuba Best Video Of The Month January 2018 kubera ariyo yakunzwe cane kurusha izindi zose z’abaririmvyi b’abarurndi bagiye barasohora mpumera z’umwaka uheze ukwezi kwa cumi na kabiri twobamenyeshako video Feel Love y’umuririmvyi Sat-B ariyo yashimwe gose muguhundwa amajwi muguca itwara ikibanza cambere isumbije ubwiza n’ubuhinga hamwe n’uburyoheye ayandi ama Video yose yariko arahiganwa mugutorwa biciye mu kwandika muri Commentaire.
Uri umunywanyi w’umuziki w’uburundi cangwe umu fans wa Sat-B ntugende utamukaje kwiyo ntsinzi yiwe atahukanye kugirwa ciza yabakoreye ca Video y’indirimbo Feel Love mwabonyeko ariyo ukwiye kuba BEST VIDEO OF THE MONTH JANUARY 2018 wongere umutere inege zokubandanya anakora izindi video nziza mugukomeza akuryohera yongera yiteza imbere hamwe no guteza imbere umuziki w’uburundi akora mu kwerekana akarorero keza ko afise ubuhinga bukomeye bwogushobora gukora video FEEL LOVE ikamushikana kurwego rukomeye mpuzamakungu.
RABA NGAHA Best Video Of The Month January 2018 | Feel Love By Sat-B