Skip to content
Menu
  • Home
  • NEWS
  • ENTERTAINMENT
  • AUDIO
  • VIDEOS
  • THE PLAYLIST
  • SPORT
  • Radio
Menu

Bwabundi SAT-B atinya BIG FIZZO ahanaguye ya POST amucira urubanza

Posted on February 20, 2018February 20, 2018 by admin

Ntivyoroshe ivy’abaririmvyi babiri bakomeye cane gose m’umuziki w’uburundi mwakino gihe basigaye badacana uwaka aribo umuririmvyi BIG FIZZO hamwe n’umuririmvyi SAT-B inyuma yaho hasohotse Video nshasha y’indirimbo HELLO y’umurwi w’abaririmvyi BEST LIFE MUSIC nkuko twabashikirije mu makuru aheruka guca  ngaha kukinyamakuru canyu UMUDUNDOWACU.COM

Birakomeye cane gose kuruyu wa kabiri kw’igenekerezo rya 20/02/2018 niho umuririmvyi SAT-B yashoboye kwerekanako iwiwe ibifu ikibandanya ayifitiye umuririmvyi BIG FIZZO akaba yashoboye kumwandikira ubutumwa bukomeye cane gose amubarira ko yoreka kwitwaza ngo baramurogeye igiteramo ciwe yakoze k’umunsi w’Imana ,itariki 18/02/2018 hariya kuri LA COSTA BEACH akamubwira ko icabitumye ari kubera asanzwe ari umunyavyaha akomeye cane gose kuko ivyaha akora birarenze kandi n’Imana ntabwo ibinezererwa.

Umuririmvyi SAT-B arashimika abwira umuririmvyi BIG FIZZO yisuzumye kuko ngo ni umuntu asambana afise ishari kandi ngo nin’imborerwa nivyo vyatumye gishobora kubonekamwo imvura rero aramubwira areka kuguma yitwaza y’uko hariho abamurogeye ico giteramo ciwe ahubwo vyose ni kubera atigera yihana ivyaha bigatuma bishavuza Imana yamuhanuye ngo azoje kwihana.

Abarundi bakunda umuziki w’uburundi baraguye mugahundwe ubunyene mwakino gitondo nco kuri uyu wa gatatu aho hari haciye amasaha menshi ashika 20 kuduga umuririmvyi Sat-B yanditse POST y’ubutumwa abwira umuririmvyi Big Fizzo bahora basangira akabisi nagahiye areke kwitwaza ngo bararoze igiteramo yakoreye kuri La Costa Beach ,itariki 18/02/2018 ahubwo ngo ni kubera ivyaha akora vy’ubusambanyi ,ukuborerwa….nkuko bivurwa ko y’amuciriye urubanza ngo n’umusambanyi ,umunyeshari n’ibindi vyinshi ubu rero twobamenyesha y’uko ngo yoba yagize ubwoba aho mumwanya uheze ahejeje kuyifuta yari yayanditse kurubuga rwa FACEBOOK akoresha.

Uko yatanguye amwandikira ubutumwa amubwira Big Fizzo ati :“ Kw’isi ntawuri perfect but tutarenza ngo bitugarukeko . Iyo ubonye effet mbi canke ibintu vyawe,imigambi yawe bitagenda neza ukirukira kwitiranya ibintu ngo bakuroze ngo Mama Bla Bla Bla, no isuzume, Ivyaha navyo birakurikirana, ubusambanyi, Ishari, akaborerwe kwishira Hejuru ivyo n’Ibintu bishavuza IMANA .

 
Tugerageza kugabanya Ivyaha muvyo dukora gurtyo Ibintu vyacu bigende Neza kuko buriya umwuga wokuririmba si ivomo Ry’Ivyaha kuko Imana yishurira kw’isi Plz Tugabanye Ivyaha niho tuzoshikana imigambi yacu twongere dushitse n’indoto zacu vyanka vyakunze tuzobana Kandi dukwiye kubana Neza nk’abavukanyi ….mumbabarire.
 
Ntarubanza nciye uku N’ukuri buri kiremwa muntu akwiye kugendera. Zari impanuro kuko Nimba ndi kw’isi ntagira ico mariye abantu Nta mpamvu yokubaho kwacu
Bibwirwa Benshi bikumva benevyo

ubukuru ni ukwiyubahisha mbere ya bato.

IGIHE Sat-B YARI YAGIZE ISANGANYA RY’UMUDUGA
Banywanyi b’ikinyamakuru canyu UMUDUNDOWACU.COM biriko biraboneka neza abo baririmvyi basigaye badacana uwaka mugihe bari abagenzi muri binobihe vyashoboye guhinduka kuko ibifu ngo irabandanya ntibariko barumvikana tubibutse kandi ko m’umwaka w’2017 ariho umuririmvyi SAT-B yashoboye kugira isanganya ry’umuduga avuye mw’isabukuru y’umuririmvyi Big Fizzo araheza aranajanwa mubitaro aho yakangutse yisangayo atamenya ingene yashitseyo.
 
Yanahavuye Sat-B akora indirimbo yise NSHIMIRIMANA aririmba amunashimira Big Fizzo kuciza yamukoreye kuba yarashoboye kumurihira amafaranga y’ibitaro bikaba biriko biratangaza abarundi benshi basomye ubwo butumwa bakibaza mbega iciza yamukoreye agomba gupfungirwa mubitero kubera yabuze amafaranga yo kuriha iyataba umuririmvyii Big Fizzo agaheza akayamurihira bagaca bamurekura none vyari kugenda gute ?
Bikaba biriko biravurwa y’uko Sat-B yoba yarababaye n’ukuntu yabonyeko yasumbijwe abantu mu kwibitara igiteramo giherutse kubera kuri La Costa Beach cari carateguwe na Studio Bantu Bwoy y’umuririmvyi Big Fizzo  ninayo mpamvu ya vyose.
Ikindi gihejeje gutangaza abarundi babonye Post yanditse n’uko yaciye ayifuta vyabonetseko amutinya cane gose yoba yumvise ubwoba kuko biratanga kubona umuntu yandikira ubutumwa bwo gucira urubanza uwundi yamara kubushira k’umugaragaro akaca ahita abuhanagura mugihe bwamaze kubonwa n’abantu benshi cane gose bakunda umuziki w’uburundi banahavuye bamutera ivyatsi kuriyo ngendo mbi itabireye yarazanye m’umuziki yabifu.

UMVIRIZA | Nshimirimana By Sat-B 

POST YARI YANDITSWE N’UMURIRIMVYI Sat-B AHAYE UBUTUMWA UMURIRIMVYI Big Fizzo UBU AKABA YAMAZE KUYIHANAGURA HARI HACIYE AMASAHA ARENGA 21 YAYANDITSE KURI FACEBOOK YIWE , BIVURWAKO BWOBA ARI UBWOBA YAGIZE MUKUBAHUKA KWANDIKA UKO

Posted in ENTERTAINMENTTagged BIG FIZZO, SAT-B

Post navigation

Abahagarikizi nk’umukinyi wa 12
Vuba SAT-B azokwibatiza izina rishasha azitwa MARECHAL KING SAT-B

Related Post

  • AKES DON na CHRIS & JUNIOR bakoranye indirimbo yambere ya Gospel
  • Abafana biwe SAT-B bamuhamagara umubeshi aguma abafata nka marofa
  • Kubwa BIG FIZZO ubu azokorana n’abastar bo muri East Africa bakomeye
  • Umva LOLILO yavuze ko afise bifu n’inzara nayo BIG FIZZO ntibayifitaniye
  • UMURIRIMVYI JEAN MARIE MUCO ASABABARUNDI BAMUSHIGIKIRE
  • Film KURUBONE niyambare iramamaye mu Burundi bwose n’ibulaya hose
  • Vuba LOLILO azanye video nshasha izobatangaza y’indirimbo KAMOJA
  • Abazaniye VICHOU LOVE indirimbo yakoze na KNOWLESS mu Rwanda
  • Ati biteye isoni AKES DON yakoze COPY y’indirimbo ya BEBE COOL

1 thought on “Bwabundi SAT-B atinya BIG FIZZO ahanaguye ya POST amucira urubanza”

  1. JDEDIEU TAYLOR says:
    February 21, 2018 at 2:29 am

    Arik urumva ko tylo abesha kand bari bayikoranye kand akamwemerera ko yoyiririmb wenyene ata rap irimwo

    Reply

Leave a Reply Cancel reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

FOLLOW UMUDUNDOWACU.COM

VIDEO PREMIERE

CLICK IMAGE TO WATCH NEW VIDEO | Tungi By T-max Ft Nay Wa Mitego

VIDEO OF THE WEEK

Copyright © 2018 UMUDUNDO WACU | Designed By FRANCK PRO Live