Hari k’umunsi w’ejo wa kabiri igenekerezo rya 09/01/2018 niho igihangange c’umuziki w’uburundi umuririmvyi BIG FIZZO yashoboye kuva mugacerere avuga ubwiye ko hariho abantu batanguye guhababuka kumvako agiye kugurura Studio yiwe nshasha ije kw’izina rya BANTU BWOY izokorera mugisagara ca Bujumbura ahitwa ku MUTANGA.
Studio nshasha y’umuririmvyi Big Fizzo ngo izobije guteza imbere ingabirano z’abaririmvyi canke abaririmvyikazi bafise mu kuririmba m’umwuga w’umuziki w’uburundi ikindi yaramaze kuronka n’umuhinyanyuzi azoyikoreramwo yitwa KOLLY THE MAGIC.
Igihangange c’umuziki w’uburundi umuririmvyi Big Fizzo akaba yabimenyesheje igihe yarikumwe numwe mubaririmvyi bakorera mu Burundi umuziki wabo twovugako mwakinogihe basigaye ari abagenzi nkuko biguma biboneka mumafoto yabo ahantu hose babarikumwe ni umuririmvyi MISTA CHAMPAGNE bakoranye igikorwa c’umuziki m’umwaka uheze.
Aho bakoranye indirimbo ifise audio na Video yitwa Qu’est ce qu’il ya ? n’uko k’umunsi w’ejo barikumwe m’umuduga batangura kuyaga ivyerekeye iyo Studio babwira abantu bariko barabakurikirana muka Video kashizwe k’urubuga rwa Mista Champagne niho umuririmvyi Big Fizzo yaciye ava mugacerere arivugira ubwiwe ngo kuba nuguruye Studio Qu’est ce qu’il ya? ahubwo ngo batanguye guhababuka “PANIC `.
Big Fizzo yahise abita ngo n’imbwa kumva afise iyo Studio ntivyabaguye neza aho vyabonetse y’uko yabivuganye ishavu ridasanzwe amaze kuvuga uko yaciye ava m’umuduga arigira tubamenyesheko ako ka Video yabivuzemwo twakabazaniye kukinyamakuru cacu umudundowacu.com mushobora kukaraba mwongera mwumviriza ivyahavugiwe.
Vyabonetse y’uko umuririmvyi Big Fizzo yamaze kumenya abantu batanezerewe kumva ateye intabwe nkiyo mugushobora kugurura Studio yiwe bwite aje guteza imbere abaririmvyi batoya biwe bafise ingabirano z’ukuririmba vuba igiye gutangura gukora tubibutse kandi ko Studio yiwe ikiri nshasha yayise BANTU BWOY RECORDS ifise icivugo ca THE UNIVERSE OF TALENT.