Skip to content
Menu
  • Home
  • NEWS
  • ENTERTAINMENT
  • AUDIO
  • VIDEOS
  • THE PLAYLIST
  • SPORT
  • Radio
Menu

BIG FIZZO ngo hariho abatanguye guhababuka“PANIC“kubafise Studio

Posted on January 10, 2018January 10, 2018 by admin
Hari k’umunsi w’ejo wa kabiri igenekerezo rya 09/01/2018 niho igihangange c’umuziki w’uburundi umuririmvyi BIG FIZZO yashoboye kuva mugacerere avuga ubwiye ko hariho abantu batanguye guhababuka kumvako agiye kugurura Studio yiwe nshasha ije kw’izina rya BANTU BWOY izokorera mugisagara ca Bujumbura ahitwa ku MUTANGA.
 
Studio nshasha y’umuririmvyi Big Fizzo ngo izobije guteza imbere ingabirano z’abaririmvyi canke abaririmvyikazi bafise mu kuririmba m’umwuga w’umuziki w’uburundi ikindi yaramaze kuronka n’umuhinyanyuzi azoyikoreramwo yitwa KOLLY THE MAGIC.
BIG FIZZO na MISTA CHAMPAGNE
Igihangange c’umuziki w’uburundi umuririmvyi Big Fizzo akaba yabimenyesheje igihe yarikumwe numwe mubaririmvyi bakorera mu Burundi umuziki wabo twovugako mwakinogihe basigaye ari abagenzi nkuko biguma biboneka mumafoto yabo ahantu hose babarikumwe ni umuririmvyi MISTA CHAMPAGNE bakoranye igikorwa c’umuziki m’umwaka uheze.
 
Aho bakoranye indirimbo ifise audio na Video yitwa Qu’est ce qu’il ya ? n’uko k’umunsi w’ejo barikumwe m’umuduga batangura kuyaga ivyerekeye iyo Studio babwira abantu bariko barabakurikirana muka Video kashizwe k’urubuga rwa Mista Champagne niho umuririmvyi Big Fizzo yaciye ava mugacerere arivugira ubwiwe ngo kuba nuguruye Studio Qu’est ce qu’il ya? ahubwo ngo batanguye guhababuka “PANIC `.


Big Fizzo yahise abita ngo n’imbwa kumva afise iyo Studio ntivyabaguye neza aho vyabonetse y’uko yabivuganye ishavu ridasanzwe amaze kuvuga uko yaciye ava m’umuduga arigira tubamenyesheko ako ka Video yabivuzemwo twakabazaniye kukinyamakuru cacu umudundowacu.com mushobora kukaraba mwongera mwumviriza ivyahavugiwe.

Vyabonetse y’uko umuririmvyi Big Fizzo yamaze kumenya abantu batanezerewe kumva ateye intabwe nkiyo mugushobora kugurura Studio yiwe bwite aje guteza imbere abaririmvyi batoya biwe bafise ingabirano z’ukuririmba vuba igiye gutangura gukora tubibutse kandi ko Studio yiwe ikiri nshasha yayise BANTU BWOY RECORDS ifise icivugo ca THE UNIVERSE OF TALENT.

Posted in ENTERTAINMENTTagged BIG FIZZO, MISTA CHAMPAGNE

Post navigation

IMIGWI 63 NIYO IZITABIRA COUPE DU PRESIDENT
FFB YASOHOYE IKIRANGAMINSI CA COUPE DU PRESIDENT

Related Post

  • AKES DON na CHRIS & JUNIOR bakoranye indirimbo yambere ya Gospel
  • Abafana biwe SAT-B bamuhamagara umubeshi aguma abafata nka marofa
  • Kubwa BIG FIZZO ubu azokorana n’abastar bo muri East Africa bakomeye
  • Umva LOLILO yavuze ko afise bifu n’inzara nayo BIG FIZZO ntibayifitaniye
  • UMURIRIMVYI JEAN MARIE MUCO ASABABARUNDI BAMUSHIGIKIRE
  • Film KURUBONE niyambare iramamaye mu Burundi bwose n’ibulaya hose
  • Vuba LOLILO azanye video nshasha izobatangaza y’indirimbo KAMOJA
  • Abazaniye VICHOU LOVE indirimbo yakoze na KNOWLESS mu Rwanda
  • Ati biteye isoni AKES DON yakoze COPY y’indirimbo ya BEBE COOL

Leave a Reply Cancel reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

FOLLOW UMUDUNDOWACU.COM

VIDEO PREMIERE

CLICK IMAGE TO WATCH NEW VIDEO | Tungi By T-max Ft Nay Wa Mitego

VIDEO OF THE WEEK

Copyright © 2018 UMUDUNDO WACU | Designed By FRANCK PRO Live