Abarundi n’abarundikazi benshi basanzwe bafana,umuririmvyi BIG FIZZO barindiranye igishika cinshi co kuzoraba Video nshasha yiwe aheruka kubamenyeshako bokwitegurira y’indirimbo KONZI,kubu yamaze kuyitangura kuyikora kandi ko yayihejeje no kuyibategurira neza kugira azoyishikire k’umugaragaro naho ataribwababwire umunsi canke itariki.
Hamwe n’ukwezi bazoshobora kuyirabirako mugihe azoba ayishize ahabona akayisohora bakaryoherwa mu kuyiraba nkuko abibemerera kwizoba ari Video nziza cane gose igezweho yakoranye ubuhinga budasanzwe ntankeka bazonezerwa cane kurusha uko baryohewe mugihe yasohora Audio yayo kugezubu.
Amakuru dufise yuno munsi twashoboye kubarondera y’umuririmvyi Big Fizzo muziko ari igihangange c’umuziki w’uburundi mu kubereka kwashoboye umuziki kandi muhora mushima ukuntu avyitwaramwo rero yahavuye uno munsi nyene ava mugacerere mugushora kubamenyesha aba fans biwe igihe azosohorerako Video yiwe nshasha y’indirimbo KONZI.
Bakirindiranye igishika cinshi yagiriyeko ababwira itariki hamwe n’ukwezi azoyisohorerako uno mwaka nyene turimwo w’2018 yaciye abamenyesha n’ikibanza bazoshobora guhuriramwo kugira ayibereke amaso muyandi baheze baryoherwe kuko ngo izoba ar’umuriro hamwe n’ubuhinga bukomeye bazobonamwo mumasanamu uko yayakoze bizobatangaza cane.
Ubu abahamagarira kuza ari benshi cane gose kuzoteramana nawe mu kubashikiriza agakemanyi kabo bagumye barindiranye igishika cinshi co kukabona ako gakemanyi sakandi ni Video nshasha y’indirimbo KONZI ,kadasanzwe kazoba kakaka mumaso yabo nibakabona ngo bazohurire kuri CAMPERO CLUB igihe c’isaha zibiri z’ijoro.
Kandi ni k’uminsi w’Imana itariki 28/01/2018 niho azoba ayisohoye kugira bayirabe kandi azobarikumwe na INGO MUSIC BAND bongera babateramisha ,arabasaba kutazotangwa kuhishikira kuko nibo bazoba abambere kuyiraba kuko azobayirekuye k’umugaragaro baheze birabire ico yaramaze iminsi abategurira kugikorwa ciyo Video yiwe yitwa KONZI.
UMVIRIZA AUDIO Y’INDIRIMBO| Konzi By Big Fizzo
Woe Ivyo Niuyiz Kuritwe Ab Fans Biwe Twari Tuyirindiriye Igihe Kinina Cane