Skip to content
Menu
  • Home
  • NEWS
  • ENTERTAINMENT
  • AUDIO
  • VIDEOS
  • THE PLAYLIST
  • SPORT
  • Radio
Menu

BIG FIZZO abahamagarira kuza kuri CAMPERO CLUB kuraba Video KONZI

Posted on January 25, 2018January 27, 2018 by admin
Abarundi n’abarundikazi benshi basanzwe bafana,umuririmvyi BIG FIZZO barindiranye igishika cinshi co kuzoraba Video nshasha yiwe aheruka kubamenyeshako bokwitegurira y’indirimbo KONZI,kubu yamaze kuyitangura kuyikora kandi ko yayihejeje no kuyibategurira neza kugira azoyishikire k’umugaragaro naho ataribwababwire umunsi canke itariki.
 
Hamwe n’ukwezi bazoshobora kuyirabirako mugihe azoba ayishize ahabona akayisohora bakaryoherwa mu kuyiraba nkuko abibemerera kwizoba ari Video nziza cane gose igezweho yakoranye ubuhinga budasanzwe ntankeka bazonezerwa cane kurusha uko baryohewe mugihe yasohora Audio yayo kugezubu.
Amakuru dufise yuno munsi twashoboye kubarondera y’umuririmvyi Big Fizzo muziko ari igihangange c’umuziki w’uburundi mu kubereka kwashoboye umuziki kandi muhora mushima ukuntu avyitwaramwo rero yahavuye uno munsi nyene ava mugacerere mugushora kubamenyesha aba fans biwe igihe azosohorerako Video yiwe nshasha y’indirimbo KONZI.
 
Bakirindiranye igishika cinshi yagiriyeko ababwira itariki hamwe n’ukwezi azoyisohorerako uno mwaka nyene turimwo w’2018 yaciye abamenyesha n’ikibanza bazoshobora guhuriramwo kugira ayibereke amaso muyandi baheze baryoherwe kuko ngo izoba ar’umuriro hamwe n’ubuhinga bukomeye bazobonamwo mumasanamu uko yayakoze bizobatangaza cane.
 
 Ubu abahamagarira kuza ari benshi cane gose kuzoteramana nawe mu kubashikiriza agakemanyi kabo bagumye barindiranye igishika cinshi co kukabona ako gakemanyi sakandi ni Video nshasha y’indirimbo KONZI ,kadasanzwe kazoba kakaka mumaso yabo nibakabona ngo bazohurire kuri CAMPERO CLUB igihe c’isaha zibiri z’ijoro.
 
Kandi ni k’uminsi w’Imana itariki 28/01/2018 niho azoba ayisohoye kugira bayirabe kandi azobarikumwe na INGO MUSIC BAND bongera babateramisha ,arabasaba kutazotangwa kuhishikira kuko nibo bazoba abambere kuyiraba kuko azobayirekuye k’umugaragaro baheze birabire ico yaramaze iminsi abategurira kugikorwa ciyo Video yiwe yitwa KONZI.

UMVIRIZA AUDIO Y’INDIRIMBO| Konzi By Big Fizzo

Posted in ENTERTAINMENTTagged BIG FIZZO

Post navigation

Yashimwe DOUBLE JAY azotez’imbere LABEL BANTU BWOY ya BIG FIZZO
LISTEN AUDIO | Sinkitinya By Channy Queen

Related Post

  • AKES DON na CHRIS & JUNIOR bakoranye indirimbo yambere ya Gospel
  • Abafana biwe SAT-B bamuhamagara umubeshi aguma abafata nka marofa
  • Kubwa BIG FIZZO ubu azokorana n’abastar bo muri East Africa bakomeye
  • Umva LOLILO yavuze ko afise bifu n’inzara nayo BIG FIZZO ntibayifitaniye
  • UMURIRIMVYI JEAN MARIE MUCO ASABABARUNDI BAMUSHIGIKIRE
  • Film KURUBONE niyambare iramamaye mu Burundi bwose n’ibulaya hose
  • Vuba LOLILO azanye video nshasha izobatangaza y’indirimbo KAMOJA
  • Abazaniye VICHOU LOVE indirimbo yakoze na KNOWLESS mu Rwanda
  • Ati biteye isoni AKES DON yakoze COPY y’indirimbo ya BEBE COOL

1 thought on “BIG FIZZO abahamagarira kuza kuri CAMPERO CLUB kuraba Video KONZI”

  1. Nzeyimana Alexis says:
    January 25, 2018 at 11:09 am

    Woe Ivyo Niuyiz Kuritwe Ab Fans Biwe Twari Tuyirindiriye Igihe Kinina Cane

    Reply

Leave a Reply Cancel reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

FOLLOW UMUDUNDOWACU.COM

VIDEO PREMIERE

CLICK IMAGE TO WATCH NEW VIDEO | Tungi By T-max Ft Nay Wa Mitego

VIDEO OF THE WEEK

Copyright © 2018 UMUDUNDO WACU | Designed By FRANCK PRO Live