Umuririmvyi SAT-B yaramze iminsi ari mugihugu ca Tanzania ndetse akavuga ko yahakoreye indirimbo nshasha nkuko imbere y’uko afata urugendo yabanje kuvugako agiye mu karuhuko kuko yaraherutse gukora ibiteramo bibiri kimwe cabereye kuri EF NYAKABIGA kw’igenekerezo rya 04/03/2018.
Ikindi agikora kw’igenekerezo rya 10/03/2018 kibereye kuri ONE PEOPLE mu Gasenyi niho guhitamwo gufata akaruko.
Amakuru dufise agezweho y’umuziki w’uburundi yuno munsi n’uko yaraye ashoboye gutahuka mu Burundi agishika kukibuga c’indege ca Bujumbura arikumwe n’umuhinyanyuzi KENT-P kuko bari bajanye.
Umuririmvyi Sat – B ntiyatinye kubamenyesha abarundi ngo yamaze gushika mu Burundi kandi ko avuye mugihugu ca Tanzania kuroga abaririmvyi b’abarundi nkawe bakora umuziki w’uburundi amaze gushikiriza iryo jambo ry’uko yahageze mu Burundi ngo avuye kubaroga.
Twobamenyesha ko abantu benshi batavyakiriye neza kumva SAT-B atangaza ko avuye muri Tanzania kuroga abaririmvyi nkawe vyaciye biba uruhagarara kugeza nubu n’ayandi amakuru arikuvugwa mugisagara ca Bujumbura ko asigaye ari umurozi w’ukuri kuko yanavyitangarije ubwiwe tubibutse ko kw’igenekerezo rya 18/02/2018.
Niho haba igiteramo c’umuririmvyi BIG FIZZO yari yitiriye izina rya BANTU BWOY cabereye kuri LA COSTA BEACH muga akaba yigeze gutangaza ko bamurogeye igiteramo ciwe.
Imbere y’uko gitangura hatanguye kurwa imvura nyinshi cane gose niho bukeye bwaho havurwa ko abaririmvyi batatu b’abarundi boba aribo baroze ico giteramo murabo batatu hakaba havuzwemwo umuririmvyi SAT-B.
Mbega nk’umunywanyi w’umuziki w’uburundi ubivuze kw’iki kumva SAT-B atangaza ko yahora kuroga ari mugihugu ca Tanzania akavyemeza avuga ati twahageze ndavuye kubaroga ?