Umuririmvyi RALLY JEO abenshi bamumenyeye cane mundirimbo yiwe yise KURI KAKAGEZI aho abantu bagiye barayikunda cane n’uko yaramaze amezi atari make ari mugacerere gakomeye atumvikana m’umuziki w’uburundi ashimisha abafana biwe mundirimbo z’urukundo akunze kuririmba zirimwo amajambo abaryohera kumva.
Nkuko yamye abikora mundirimbo ziwe yasohoye mumyaka yahera nomuruno mwaka turimwo niho abafana biwe bakaguma bibaza iyo yoba yaragiye ariko kurubu ngo bagiye kuzosubira kumva nokumbona kuko yaramaze iminsi myinshi abategurira ibikorwa bishasha bizobashimisha abishize k’umugaragaro kuko arabiteguriye bikomeye.
Kubw’umuririmvyi RALLY JEO yashoboye kuva mugacerere aragira ico abariye abafana biwe hamwe n’abantu mwese mukunda umuziki akora w’uburundi imbere y’uko uno mwaka w’2017 uhera akabonako utokwijana ataco ashoboye kubashikiriza muri bimwe mubikorwa vyiwe yaramaze iminsi abategurira akongera akavuga ko umwaka w’2018 muzowutangura abazaniye igikorwa gishasha c’umuziki.
Umuririmvyi Rally Joe arabishimira abafana biwe ukuntu bawitaho rero ngo hariho indirimbo yiwe nshasha ifise AUDIO na VIDEO agomba kuzosohora ayibashikirize muguheza umwaka turimwo no gutangura umwaka mshasha w’2018 ngo muzonezerwa bikomeye yagiriyeko abaha isango ,muzoyumviriza nokuyiraba akabamenyesha ko mwoguma hafi kubera nta minsi myinshi isigaye azobibashikiriza itariki 31/12/2017.
Uy’umuririmmvyi Rally Joe nkuko ari rurangiranwa m’umuziki w’uburundi yagize ico abwira abafana biwe mu kubashimira yongera abemerera Audio na Video vy’indirimbo yiwe nshasha yitwa“ BOO BOO “ uizosohora ifise amasanamu meza mukubemeza ,ubu nibwo ubutumwa yabambwiye yavuze ati:“Ndagize yambu kuri mwese abakunzi b’umuziki ndundi na cane cane kubakunzi b’umutima mwese mwamana na ntaryo mudahengeshanya kumba hafi haba mukunshigikira mubikorwa vyanje vy’Umuziki nama nishimira nkikina amatavu iyo ndi kumwe namwe, ndazi KO nari maze igihe kitari gito mutumva gishasha ncishije mugahogo mukubaryohera ! Vuba nta minsi isigaye ndabaha Audio nshasha irikumwe na vidéo nshasha izoheraheza umwaka ikanatangura nuw’2018 nimuhezagirwe banyakugir’Imana NDABAKUNDA VYA DANGE “