Skip to content
Menu
  • Home
  • NEWS
  • ENTERTAINMENT
  • AUDIO
  • VIDEOS
  • THE PLAYLIST
  • SPORT
  • Radio
Menu

Ashimira abafana biwe “RALLY JEO“ abemereye Audio na Video bishasha vuba biheza umw’2017 bigatangura nuw’2018

Posted on December 20, 2017December 20, 2017 by admin
Umuririmvyi RALLY JEO abenshi bamumenyeye cane mundirimbo yiwe yise KURI KAKAGEZI aho abantu bagiye barayikunda cane n’uko yaramaze amezi atari make ari mugacerere gakomeye atumvikana m’umuziki w’uburundi ashimisha abafana biwe mundirimbo z’urukundo akunze kuririmba zirimwo amajambo abaryohera kumva.
 
Nkuko yamye abikora mundirimbo ziwe yasohoye mumyaka yahera nomuruno mwaka turimwo niho abafana biwe  bakaguma bibaza iyo yoba yaragiye ariko kurubu ngo bagiye kuzosubira kumva nokumbona kuko yaramaze iminsi myinshi abategurira ibikorwa bishasha bizobashimisha abishize k’umugaragaro kuko arabiteguriye bikomeye.
Kubw’umuririmvyi RALLY JEO yashoboye kuva mugacerere aragira ico abariye abafana biwe hamwe n’abantu mwese mukunda umuziki akora w’uburundi  imbere y’uko  uno mwaka w’2017 uhera akabonako utokwijana ataco ashoboye kubashikiriza muri bimwe mubikorwa vyiwe yaramaze iminsi abategurira akongera akavuga ko umwaka w’2018 muzowutangura abazaniye igikorwa gishasha c’umuziki.
 
Umuririmvyi Rally Joe arabishimira abafana biwe ukuntu bawitaho rero ngo hariho indirimbo yiwe nshasha ifise AUDIO na VIDEO agomba kuzosohora ayibashikirize muguheza umwaka turimwo no gutangura umwaka mshasha w’2018 ngo muzonezerwa bikomeye yagiriyeko abaha isango ,muzoyumviriza nokuyiraba akabamenyesha ko mwoguma hafi kubera nta minsi myinshi isigaye azobibashikiriza itariki 31/12/2017.
Uy’umuririmmvyi Rally Joe nkuko ari rurangiranwa m’umuziki w’uburundi yagize ico abwira abafana biwe mu kubashimira yongera abemerera Audio na Video vy’indirimbo yiwe nshasha yitwa“ BOO BOO “ uizosohora ifise amasanamu meza mukubemeza  ,ubu nibwo ubutumwa yabambwiye yavuze ati:“Ndagize yambu kuri mwese abakunzi b’umuziki ndundi na cane cane kubakunzi b’umutima mwese mwamana na ntaryo mudahengeshanya kumba hafi haba mukunshigikira mubikorwa vyanje vy’Umuziki nama nishimira nkikina amatavu iyo ndi kumwe namwe, ndazi KO nari maze igihe kitari gito mutumva gishasha ncishije mugahogo mukubaryohera ! Vuba nta minsi isigaye ndabaha Audio nshasha irikumwe na vidéo nshasha izoheraheza umwaka ikanatangura nuw’2018 nimuhezagirwe banyakugir’Imana  NDABAKUNDA VYA DANGE “

Posted in NEWSTagged RALLY JOE

Post navigation

TORA:-Big FIZZO canke LOLILO LIZZO ninde yoba“THE BEST ARTIST BDI OF THE YEAR 2017“?
Tora indirimbo 1 murizi ukunda cane uyihe amahirwe izoje muri“THE PLAYLIST MUSIC Bdi Week 3“

Related Post

  • IGITERAMO CAKATARABONEKA INYANZA LAC MWATEGURIWE NA NDAYISABA MAGNIFIQUE
  • Imana ikomeje guhamagara AKES DON ayikorere arekane n’indirimbo z’isi
  • Umuziki ugumye umuteza imbere KID MAGIC azonsinyishwa na SADEBU
  • Concert yakataraboneka
    CONCERT MWATEGURIWE NA J.SAMSON
  • SAT-B ngo indirimbo FEEL LOVE iracari iyambere m’umuziki w’uburundi
  • Ati SAT-B yahageze mu Burundi avuye kubaroga mugihugu ca Tanzania
  • Afise umunezro mwinshi PETI DANY yaronse MANAGER wumu MAMAN
  • KIRIKOU ngo BIG FIZZO azomfasha vyinshi muri LABEL BANTU BWOY
  • Babwira NATACHA akureko ukuboko birabire ibintu yamaze guta akaranga

Leave a Reply Cancel reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

FOLLOW UMUDUNDOWACU.COM

VIDEO PREMIERE

CLICK IMAGE TO WATCH NEW VIDEO | Tungi By T-max Ft Nay Wa Mitego

VIDEO OF THE WEEK

Copyright © 2018 UMUDUNDO WACU | Designed By FRANCK PRO Live