Birakomeye cane gose m’umuziki w’uburundi aho uwuserukira ishirahamwe ryo ku guranana ry’abaririmvyi mu Burundi ( COOPERATIVE DES MUSICIEN DU BURUNDI ) aradoma urutoke atagutinya igisure caba fans b’umuririmvyikazi ASHLEY DIVA ngo uwo muririmvyikazi arahenera cane kubera yambara impuzu zoguhenera abantu ntizimubera nk’umurundikazi, aho uwuserukira iryoshiramwe nkuko yabitangaje azwi kw’izina ry’uburirimvyi CEDRIC BANGY.
Aho yamenyekanye cane gose bikorwa yagira ararangura vy’umuziki nko gukora indirimbo zirimwo ubutumwa zagiye ziraryohera abazumviriza gushika nubu akibandanya aririmba kandi afise nama ALBUM z’indirimbo ziwe n’uko amakuru agezweho twashoboye kuronka yuwo murongozi yiyemeje y’uko agomba guteza imbere ingabirano z’abaririmvyi n’abaririmvyikazi abicishije mw’ishiramwe arongoye.
Nkuko ribisobanura n’uko kuruno munsi umuririmvyi CEDRIC BANGY aserukira ishirahamwe ryo ku guranana ry’abaririmvyi mu Burundi ,yashoboye kuva mugacerere arashikiriza iciyumviro ciwe ukuntu abona umwe mubaririmvyikazi uko bambara impuzu bagaheza bakabigaragaza kumbuga zabo bakoresha suwundi ni umuririmvyikazi ASHLEY DIVA.
Cedric Bangy ngo aramunegura cane gose bikomeye umuririmvyikazi Ashley Diva kandi akabonako ataho ariko arishikana m’umwuga wiwe akora w’umuziki w’uburundi nkuko asanzwe amenyekana cane mugukundwa n’abantu benshi bakurikirana ibikorwa vyiwe akora vy’umuziki w’uburundi bwamwibarutse haba mugusohora indirimbo zikabaryohera cangwe ibiteramo.
Ikintu amunegura amutorako akanenge ni inyambaro akunda kwambara akenshi abazibona azambaye kumafoto yiwe ashira kurubugangurukana bumenyi akoresha kubwa CEDRIC BANGY aremeza neza y’uko umuririmvyikazi Ashley Diva arakora neza umuziki w’uburundi bigashimwa n’abantu benshi kandi nawe bikamushimisha ariko ngo ikintu kizoguma kimwononera uwo muririmvyikazi n’ukuntu kenshi yambara impuzu zitamubereye nk’umuririmvyikazi.
Canke nk’umurundikazi kuko umuririmvyikazi Ashley Diva yisanga ariguhena yongera ahenera abantu bamubona yambaye inyambaro nkizo zavuzwe n’umuririmvyi Cedric Bangy aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe ryo ku guranana ry’abaririmvyi mu Burundi kubwivyo nicokintu ngo kimwononeye umuziki akora w’uburundi aramukebura ko yoreka guhena kugira akomeze gutera imbere m’umuziki.
nshaka kumenya ukuntu abarundikazi canke umuririmvyikazi atagereza kwambara? umuziki w’iburundi ntutera imbere kubera ata support nini bafise ntakindi. stop shaming!!!!!!!!!!!!
If you need to be developed and to be a great artist, it’s not related with the clothes, the most important is the message of music. I invite Cédric to watch the american musics or rwandan ones. Do not ashame your friend. The idea of Cédric is for the last fifty years ago. We are in 21st century. We have to change our mind abd look so far.