Akanyoni katagurutse ngo ntikamenya iyo bweze, bamwe bati iyo n’Imigani ya basokuru, ariko naho biruko Ngo abubu imigani bayicurika kuburyo akanyoni kaguruka karondera iyo bweze kanashinga imizi y’imbuto kama yiyo kaba kaje gaturutse. Iyo ikaba ariyo mvugo y’umuririmvyi w’umurundi asanzwe akorera imirimo yiwe mu gihugu c’ubutariyano ndetse akaba ari naho yibera we n’umuryango wiwe.

Tugerageje gusesangura iyo mvugo y’uwo muririmvyi, akaba yayikoresheje mugihe aheruka gushira kumugaragaro indirimbo yiwe yise Yambi, aho umuririmvyi Bobona abicishije mundirimbo ikozwe mumudiho w’IKIRUNDI witwa AMAYAYA Yashoboye kugaragaza inkumbu yarafitiye umwigeme baherukana kera kwishure.
Nkuko vyama mu kinyamakuru canyu umudundowacu.com twashotse tumubaza igituma wewe ataririmba mumidiho Igezweho canke ngo yigane Imidiho yiyo asanzwe aba.
Mu majambo make cane kandi yicishije bugufi yatwishuye ati:”Kuririmba kuri jewe n’Impano nahawe na Rurema, kuba nokora imidiho abandi bahurumbira suko biba binaniye gusa jewe igihambaye kuri jewe n’ugukora ishusho ry’Umuziki w’ikirundi” aca anongera anatwishura ati:” Wumvirije neza indirimbo YAMBI urumva ko jewe n’umugwi wabo dusanzwe dukorana twari twagerageje kuyicuranga mu buryo bugezweho” ati” NKA HAMWE ABARUNDI TWOHAGURUKA TUGATEZA IMBERE UMUZIKI WIWACU NIHO NATWE TWORONKA IBARA(ISHUSHO) RY’UMUZIKI WACU Mu makungu, nti “INO I BURAYA BARATANGARA CANE IYO BARIKO BARUMVA NDIKO NDAHOGORA MU MUDIHO UBABERA MUSHASHA MU MATWI YABO”

Yabandanije atumenyesha ko Ababajwe no kubona Indirimbo zama zivuzwa cane kumaradio ari indirimbo kuri we zoba zisa kuko kenshi usanga Abaririmvyi bakunda kuvuzwa ari abakunda kwigana indirimbo canke imidiho usanga mu bindi bihugu, akaba yanasavye ko na cane cane ibimenyesha makuru vyohagurukira Umudiho w’ikirundi narirya dusa n’uko ari twe tukiri inyuma kuri ico kibazo kubera gushika ino saha Umuziki w’ikirundi wamaze guta ishusho. Ivyo akaba yabivuze mugihe yariko atanga akarorero k’umuziki wi Burundi mu bihe vya ba Canco Hamissi, Nik Dave n’abandi aho wasanga bama bagiye guserukira Uburundi mu makungu.

Tumubajije imigambi afise mu mwaka wa 2018 akaba yatubwiye ko Azoharanira gushikana umuziki wiwe kurubuga mpuzamakungu harimwo no gukora amasanamu menshi agezweho aha agasaba Abarundi kumushigikira na cane cane mu kumutera intege mu gukurikirana ibikorwa vyiwe, Akaba aje afise ishaka ridasanzwe kuburyo yipfuza ko indirimbo ziwe zoshikira Abarundi bataramenya Bobona uwo ariwe bamumenye, Kandi ko mu mwaka wa 2018 ashaka guterwa iteka ryo gufasha umuririmvyi w’Umurundi afise impano n’imigambi irashe ariko vyamunaniye aho yohera na cane cane kumvo z’amikoro make.
Kubwikinyamakuru canyu umudundowacu.com tukaba dushigikiye Umurundi wese afise Imigambi yo guteza imbere impano z’abarundi
Simbizi
Kurikirana indirimbo yambi yaririmbwe na Bobona
Sangiza ino nkuru n’abandi